Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ubusaza; Abitereye mu myaka

Ubusaza; Abitereye mu myaka

Ni ibiki bidushikira iyo dushaje?

Zb 71:9; 90:10

Raba kandi «Uruhoza​—Kuba hari ivyo tudashoboye kubera indwara canke ubusaza»

  • Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:

    • Ums 12:​1-8—Umwami Salomo yarakoresheje amajambo ndyoshamvugo mu kudondora ubumuga buterwa n’ubusaza, nko kutabona neza («abakenyezi barabira mu madirisha bagasanga bwije») no kutumva neza («abakobwa . . . bagasigara baririmba n’ijwi ritoyi»)

Abageze mu zabukuru boba bashobora kugumana umunezero igihe bari mu bigeragezo canke hari ivyo batagishoboye kubera ubusaza?

2Kr 4:​16-18; Yak 1:​2-4

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • 1Sm 12:​2, 23—Umuhanuzi Samweli, naho yari ashaje, yari azi ko bihambaye yuko abandanya gusengera abasavyi ba Yehova

    • 2Sm 19:​31-39—Umwami Dawidi yarashimye ingene umutama Baruzilayi yamufashe mu mugongo. Baruzilayi na we yarifashe ruto aremera ko hari ivyo atari agishoboye igihe yasabwa gukora ikintu kimurengeye

    • Zb 71:​9, 18—Igihe umwami Dawidi yabona ko ata co yari akimaze kubera ubusaza, yaringinze Yehova ngo ntamuhebe ahubwo amuhe inkomezi kugira ashobore kwigisha ivyerekeye Yehova urunganwe rukurikira

    • Lk 2:​36-38—Ana, umuhanuzikazi akaba n’umupfakazi ashaje cane, yarahezagiwe kubera ko yagumye yihebera Imana, akayikorera adahemuka

Yehova ahumuriza gute abashaje yuko abaha agaciro?

Zb 92:​12-14; Img 16:31; 20:29; Yes 46:4; Tt 2:​2-5

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • It 12:​1-4—Igihe Aburahamu yari afise imyaka 75, Yehova yaramushinze igikorwa cahinduye ubuzima bwiwe

    • Dn 10:​11, 19; 12:13—Igihe Daniyeli yari ageze mu myaka 90, umumarayika yaramubonekeye amubwira yuko Yehova amukunda cane kandi ko yoronse impera agumye ari umwizigirwa

    • Lk 1:​5-13—Yehova yarahezagiye umutama Zakariya n’umutamakazi Elizabeti mu kubakorera igitangaro, akabaha umwana w’umuhungu yitwa Yohani

    • Lk 2:​25-35—Yehova yarateye agateka umutama Simeyoni ko kubona uruyoya rwohavuye ruba Mesiya; Simeyoni yaravuze ubuhanuzi ku bimwerekeye

    • Ivk 7:​23, 30-36—Umuhanuzi Musa yari afise imyaka 80 igihe Yehova yamugena ngo ayobore abasavyi biwe b’Abisirayeli

Abitereye mu myaka dukwiye kubafata gute?

Lw 19:32; 1Tm 5:1

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

Ni mu buryo bumwebumwe ubuhe abakirisu bashobora gufasha abitereye mu myaka mw’ishengero?