Ubusaza; Abitereye mu myaka
Ni ibiki bidushikira iyo dushaje?
Raba kandi «Uruhoza—Kuba hari ivyo tudashoboye kubera indwara canke ubusaza»
-
Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:
-
Ums 12:1-8—Umwami Salomo yarakoresheje amajambo ndyoshamvugo mu kudondora ubumuga buterwa n’ubusaza, nko kutabona neza («abakenyezi barabira mu madirisha bagasanga bwije») no kutumva neza («abakobwa . . . bagasigara baririmba n’ijwi ritoyi»)
-
Abageze mu zabukuru boba bashobora kugumana umunezero igihe bari mu bigeragezo canke hari ivyo batagishoboye kubera ubusaza?
-
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
-
1Sm 12:2, 23—Umuhanuzi Samweli, naho yari ashaje, yari azi ko bihambaye yuko abandanya gusengera abasavyi ba Yehova
-
2Sm 19:31-39—Umwami Dawidi yarashimye ingene umutama Baruzilayi yamufashe mu mugongo. Baruzilayi na we yarifashe ruto aremera ko hari ivyo atari agishoboye igihe yasabwa gukora ikintu kimurengeye
-
Zb 71:9, 18—Igihe umwami Dawidi yabona ko ata co yari akimaze kubera ubusaza, yaringinze Yehova ngo ntamuhebe ahubwo amuhe inkomezi kugira ashobore kwigisha ivyerekeye Yehova urunganwe rukurikira
-
Lk 2:36-38—Ana, umuhanuzikazi akaba n’umupfakazi ashaje cane, yarahezagiwe kubera ko yagumye yihebera Imana, akayikorera adahemuka
-
Yehova ahumuriza gute abashaje yuko abaha agaciro?
Zb 92:12-14; Img 16:31; 20:29; Yes 46:4; Tt 2:2-5
-
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
-
It 12:1-4—Igihe Aburahamu yari afise imyaka 75, Yehova yaramushinze igikorwa cahinduye ubuzima bwiwe
-
Dn 10:11, 19; 12:13—Igihe Daniyeli yari ageze mu myaka 90, umumarayika yaramubonekeye amubwira yuko Yehova amukunda cane kandi ko yoronse impera agumye ari umwizigirwa
-
Lk 1:5-13—Yehova yarahezagiye umutama Zakariya n’umutamakazi Elizabeti mu kubakorera igitangaro, akabaha umwana w’umuhungu yitwa Yohani
-
Lk 2:25-35—Yehova yarateye agateka umutama Simeyoni ko kubona uruyoya rwohavuye ruba Mesiya; Simeyoni yaravuze ubuhanuzi ku bimwerekeye
-
Ivk 7:23, 30-36—Umuhanuzi Musa yari afise imyaka 80 igihe Yehova yamugena ngo ayobore abasavyi biwe b’Abisirayeli
-
Abitereye mu myaka dukwiye kubafata gute?
-
Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:
-
It 45:9-11; 47:12—Yozefu yaratumyeko se igihe yari ashaje, aramwitwararika gushika apfuye
-
Rs 1:14-17; 2:2, 17, 18, 23—Rusi yarashigikiye umutamakazi Nawomi mu majambo no mu bikorwa
-
Yoh 19:26, 27—Igihe Yezu yagira apfire ku giti co kubabarizwako, yarahaye wa mwigisha yakunda Yohani ibanga ryo kwitwararika nyina wiwe
-
Ni mu buryo bumwebumwe ubuhe abakirisu bashobora gufasha abitereye mu myaka mw’ishengero?