Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Abavyeyi

Abavyeyi

Ni imvo zimwezimwe izihe zatumye Yehova atanguza umubano w’ababiranye?

Abavyeyi bakwiye kubona gute abana babo?

Zb 127:​3-5; 128:3

Raba kandi «Abana; abakiri bato»

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

Ni ibanga irihe abavyeyi bajejwe ku bijanye n’abana babo?

Gus 6:​6, 7; 11:​18, 19; Img 22:6; 2Kr 12:14; 1Tm 5:8

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • 1Sm 1:​1-4—Elikana yaratwara umuryango wiwe ku misi mikuru i Shilo, akitwararika ko abana biwe bose bayigiramwo uruhara

    • Lk 2:​39, 41—Yozefu na Mariya bama bava i Nazareti bakaja i Yeruzalemu ku musi mukuru wa Pasika bari kumwe n’abana babo

Kubera iki ari vyiza kwigisha abana kugamburukira Yehova?

Img 1:​8, 9; 22:6

Raba kandi 2Tm 3:​14, 15

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • 1Sm 2:​18-21, 26; 3:19—Abavyeyi ba Samweli baramutanze ngo aje gukorera kw’ihema ryeranda, ariko bama baja kumuramutsa bakamushira n’ivyo akeneye. Yahavuye aba umugabo akunda cane Yehova

    • Lk 2:​51, 52—Yezu yagumye agamburukira abavyeyi biwe naho batari batunganye

Abavyeyi bokura hehe ibibafasha kurera abana babo?

Gus 6:​4-9; Ef 6:4; 2Tm 3:​14-17

Raba kandi Zb 127:1; Img 16:3

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Abc 13:​2-8—Aho Manowa amariye kumenya ko umugore wiwe azovyara umwana ku gitangaro, yarabajije Yehova ukuntu yomurera

    • Zb 78:​3-8—Yehova ashaka ko abavyeyi bigisha abana babo ivyo bize muri Bibiliya

Kubera iki umwana yakuriye mu muryango ukunda Yehova ashobora guheba kumukorera?

Ezk 18:​1-13, 20

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • It 6:​1-5; Yud 6—Abamarayika benshi barahisemwo kugarariza naho bari bamaranye imyaka myinshi cane na Yehova mw’ijuru

    • 1Sm 8:​1-3—Naho Samweli yari umuhanuzi agororotse kandi w’umwizigirwa, abahungu biwe barabaye abantu babi kandi bakunda inyungu mbi

Ni ryari abavyeyi bakwiye gutangura kwigisha abana babo ivyerekeye Imana?

2Tm 3:15

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Gus 29:​10-12, 29; 31:12; Ezr 10:1—Igihe Abisirayeli baba bakoraniye hamwe kugira bigishwe ivyerekeye Yehova, baba bari kumwe n’abana babo

    • Lk 2:​41-52—Yozefu na Mariya bama bajana abana babo harimwo na Yezu, ku musi mukuru wa Pasika wabera ku rusengero i Yeruzalemu

Ni uburorero ubuhe abavyeyi bakwiye kwigana mu bijanye no gukingira abana babo aboshobora kubagirira nabi?

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Kv 19:4; Gus 32:​11, 12—Yehova yigereranya n’inkona itwara, igakingira ikongera ikitwararika ibiswi vyayo

    • Yes 49:15—Yehova asezerana kwitwararika no gukingira abasavyi biwe gusumba uko umuvyeyi yonsa agirira impuhwe uruyoya rwiwe

    • Mt 2:​1-16—Shetani yaragerageje kwica Yezu akiri uruyoya mu kurungika ku mwami mubi Herodi abantu b’abapagani baragurisha inyenyeri. Yehova yaciye akingira Umwana wiwe mu gutegeka Yozefu kwimukira mu Misiri n’umuryango wiwe

    • Mt 23:37—Yezu yagereranije icipfuzo afise co gufasha abantu n’ukuntu inkokokazi yegeranya imiswi yayo munsi y’amababa yayo ikayikingira

Kubera iki abavyeyi bakwiye kwigisha abana babo ivy’igitsina?

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Lw 15:​2, 3, 16, 18, 19; Gus 31:​10-13—Amategeko ya Musa yaravuga adaca ku ruhande ivyerekeye igitsina kandi Yehova yategetse ko abana baba bahari igihe asomerwa abantu

    • Zb 139:​13-16—Umwanditsi w’amazaburi Dawidi yarashemeje Yehova ku kuntu umubiri w’umuntu uremwe mu buryo bw’agatangaza, harimwo n’ivy’ukurondoka

    • Img 2:​10-15—Ubumenyi n’ubukerebutsi biva kuri Yehova birashobora kudukingira abantu bakora ivy’agahomerabunwa kandi buzuye amanyanga

Kubera iki abavyeyi bakwiye gutoza indero abana babo mu buryo buranga urukundo?

Img 13:24; 29:17; Yr 30:11; Ef 6:4

Raba kandi Zb 25:8; 145:9; Kl 3:21

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Zb 32:​1-5—Naho umwami Dawidi yabona ko indero Yehova amutoje ikomeye, yarahumurijwe no kumenya ko Yehova ababarira abigaya vy’ukuri ibicumuro vyabo

    • Yon 4:​1-11—Umuhanuzi Yona yishuye Yehova ashavuye kandi mu buryo butaranga icubahiro. Yamara Yehova yaramwigishije yihanganye ibijanye n’imbabazi

Kubera iki gutozwa indero vyerekana urukundo?