Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ukwigaya

Ukwigaya

Kubera iki abantu bose bakeneye kwigaya ibicumuro vyabo, bagasaba imbabazi Yehova Imana?

Rm 3:23; 5:12; 1Yh 1:8

Raba kandi Ivk 26:20

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Lk 18:​9-14—Yezu yaratanze ikigereranyo cerekana ko dukeneye kwatura ibicumuro vyacu tugasaba Imana imbabazi

    • Rm 7:​15-25—Naho Pawulo yari intumwa akaba n’umugabo afise ukwizera gukomeye, yarababazwa no kuba yari akirwana n’igicumuro

Bibiliya yerekana ko Yehova yiyumva gute iyo hagize uwigaya?

Ezk 33:11; Rm 2:4; 2Pt 3:9

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Lk 15:​1-10—Yezu yakoresheje ibigereranyo mu kwerekana ko Yehova n’abamarayika bahimbarwa igihe umucumuzi yigaye

    • Lk 19:​1-10—Zakayo, umukuru w’abatozakori akaba kandi yaranyaga abandi, yarigaye arahindura ingendo maze aronka imbabazi n’ubukiriro

Twokwerekana gute ko twigaye vy’ukuri?

Kubera iki uwigaye vy’ukuri akwiye kwironsa ubumenyi butagira amakosa?

Rm 12:2; Kl 3:​9, 10; 2Tm 2:25

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Ivk 17:​29-31—Intumwa Pawulo yarasiguriye abantu b’i Atene ko gusenga ibigirwamana ari ukutamenya maze abahimiriza kwigaya

    • 1Tm 1:​12-15—Imbere y’uko intumwa Pawulo amenya neza ivyerekeye Yezu Kristu, yarakoze ibicumuro bikomeye mu kutamenya

Kubera iki kwigaya bihambaye?

Kubera iki twokwizigira ko iyo twigaye, Yehova atubabarira naho ducumura kenshi?

Yehova afata gute abatura ibicumuro vyabo maze bagahindura inyifato yabo?

Tuzi gute ko kwigaya bidasigura gusa gusaba imbabazi canke kwicuza?

2Ng 7:14; Img 28:13; Ezk 18:​30, 31; 33:​14-16; Mt 3:8; Ivk 3:19; 26:20

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • 2Ng 33:​1-6, 10-16—Naho Manase yamaze ikiringo kinini akora ibibi, yarerekanye ko yigaye vy’ukuri mu kwicisha bugufi, abandanya gusenga yongera arahindura inyifato yiwe

    • Zb 32:​1-6; 51:​1-4, 17—Umwami Dawidi yarerekanye ukwigaya mu kwicuza cane kuba yaracumuye kuri Yehova, mu kwatura ibicumuro vyiwe no mu gusenga

Igihe abaducumuyeko bigaye, kubera iki dukwiye kubababarira?