Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ubukerebutsi

Ubukerebutsi

Dukeneye iki kugira turonke ubukerebutsi nyakuri?

Ubukerebutsi nyakuri twobukura he?

Vyoba bibereye ko dusaba Imana ubukerebutsi?

Kl 1:9; Yak 1:5

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • 2Ng 1:​8-12—Umwami Salomo akiri muto yarasavye Yehova ubukerebutsi kugira aganze neza Abisirayeli, kandi Yehova yarabumuhaye abikunze

    • Img 2:​1-5—Ubukerebutsi, ugutegera n’ugutahura bigereranywa n’itunga ry’agaciro ryanyegejwe, kandi Yehova arahezagira ababironderana umwete

Yehova aduha ubukerebutsi biciye kuri nde kandi akoresheje iki?

Yes 11:2; 1Kr 1:​24, 30; 2:13; Ef 1:17; Kl 2:​2, 3

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Img 8:​1-3, 22-31—Ubukerebutsi budondorwa nk’umuntu, iyo ndondoro ikaba ihuye n’Umwana w’Imana we mfura mu vyaremwe vyose

    • Mt 13:​51-54—Benshi mu bumviriza Yezu vyarabagoye gutahura ingene umuntu yakuze babona yari afise ubukerebutsi bwinshi gutyo

Bimwe mu bintu biranga ubukerebutsi buva ku Mana ni ibihe?

Ubukerebutsi butuyobora gute, kandi budukingira gute mu buzima?

Ubukerebutsi buva ku Mana bufise agaciro kangana gute?

Img 3:​13, 14; 8:11

Raba kandi Yb 28:18

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Yb 28:​12, 15-19—Naho Yobu yari arembejwe n’intuntu, ububabare n’agahinda ko kubura, yarahayagije cane ubukerebutsi buva ku Mana

    • Zb 19:​7-9—Umwami Dawidi yavuze ko amategeko ya Yehova n’ivyibutswa vyiwe bicisha ubwenge n’umuntu atazi utuntu n’utundi

Kubera iki ubukerebutsi bw’iyi si itibanga Imana bushobora kutugirira nabi?