Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Akazi; ibikorwa

Akazi; ibikorwa

Ni isano irihe riri hagati y’akazi n’umunezero?

Kwiga gukora akazi neza nk’umuhanga bifise akamaro akahe?

Img 22:29

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • 1Sm 16:​16-23—Umusore Dawidi yaramenyekanye ko yari umuhinga mu gucuraranga. Ubwo buhinga yari azi bwatumye aza arafasha umwami wa Isirayeli kwumva amerewe neza

    • 2Ng 2:​13, 14—Hiramu-Abi yarafashije cane umwami Salomo mu gikorwa gikomeye c’ubwubatsi kubera ko yari umuhinga

Abasavyi ba Yehova bipfuza kuba abakozi bazwi gute?

Ef 4:28; Kl 3:23

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • It 24:​10-21—Rebeka yakoreye umusuku wa Aburahamu ibirenze ivyo uwo musuku yamusavye. Vyerekanye ko ari umuntu w’umunyamwete kandi akunda gufashanya

    • Fp 2:​19-23—Intumwa Pawulo yarajeje Timoteyo ibanga rihambaye kubera ko uwo musore yari afise umutima wo gukorera abandi atiziganya kandi yicishije bugufi

Kubera iki abasavyi b’Imana birinda cane ubunebwe?

Img 13:4; 18:9; 21:​25, 26; Ums 10:18

  • Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:

    • Img 6:​6-11—Umwami Salomo yaratwigishije akamaro ko gukora cane tukirinda ubunebwe, afatiye ku kimonyo

Kubera iki dukwiye gukura amaboko mu mpuzu tukarondera ibidutunga?

Kubera iki dukwiye gukora cane kugira turonke ibitunga umuryango wacu?

1Tm 5:8

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

Kubera iki abakirisu bakwiye gusangira n’abandi ivyo babiriye icuya?

Dukwiye kubona gute amahera dukorera?

Tuzi gute ko Yehova yipfuza kudufasha gukora neza akazi tujejwe no kwironsa ivyo dukeneye?

Mt 6:​25, 30-32; Lk 11:​2, 3; 2Kr 9:10

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • It 31:​3-13—Labani yarafashe nabi umukwe wiwe akaba n’umukozi wiwe Yakobo, ariko Yehova yarabona ko Yakobo ari umukozi kandi yaramuhezagiye

    • It 39:​1-6, 20-23—Yehova yarahezagiye akazi Yozefu yakora ari umushumba kwa Potifari n’ako yakora ari imbohe

Kubera iki akazi kadakwiye kuza imbere y’igikorwa dukorera Imana?

Zb 39:​5-7; Mt 6:33; Yoh 6:27

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Lk 12:​15-21—Yezu yaratanze ikigereranyo kidufasha kubona ko gushira amatungo imbere y’ubutunzi bwo mu vy’impwemu ari ubujuju

    • 1Tm 6:​17-19—Intumwa Pawulo yaraburiye abakirisu batunze ngo birinde kwibona yongera abaremesha kuba «abatunzi mu bikorwa vyiza»

Ni ingingo ngenderwako izihe zodufasha guhitamwo neza akazi twokora?

Gukorera Yehova

Igikorwa gihambaye kuruta ibindi abakirisu bokora ni ikihe?

Kubera iki twipfuza gukorera Yehova n’umutima wacu wose?

Kubera iki tudakwiye kwitega ko abakorera Yehova bose bakora ibingana?

Gl 6:​3-5

  • Inkuru zo muri Bibiliya zogufasha:

    • Mt 25:​14, 15—Ikigereranyo Yezu yatanze kirerekana ko atiteze ko abayoboke biwe bose bakora ibingana

    • Lk 21:​2-4—Yezu yarashimye cane intererano ntoya yatanzwe n’umupfakazi w’umukene

Ni hehe dukura inkomezi zo gukora ivyo twashinzwe mu gikorwa ca Yehova?

2Kr 4:7; Ef 3:​20, 21; Fp 4:13

  • Inkuru yo muri Bibiliya yogufasha:

    • 2Tm 4:17—Intumwa Pawulo yarerekanye yuko Imana yamuha ububasha igihe yaba abukeneye

Kubera iki gukorana umwete igikorwa ca Yehova bituma tunezerwa?