Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo


Ingene wokwungukira cane kuri ibi vyigwa vya Bibiliya

Ingene wokwungukira cane kuri ibi vyigwa vya Bibiliya

Nusabe umuntu agufashe: Nusabe umuntu yaguhaye aka gatabu agufashe canke usabe uwokwigisha uciye ku rubuga rwacu rwa jw.org.

IGICE GITANGURA

Nusome ingingo zose, harimwo n’ibibazo vyanditse mu ndome z’irindi bara (A) hamwe n’ivyanditswe (B) bishimika ku vyiyumviro nyamukuru. Nk’uko uza kubibona, harimwo ivyanditswe vyanditseko ngo “soma.”

IGICE CO HAGATI

Amajambo atangura (C) munsi y’ahavuga ngo Twinjire mu mizi yerekana ivyo mugiye kubona. Udutwe dutoduto (D) twerekana ivyiyumviro nyamukuru. Nusome ivyanditswe, wishure ibibazo, wongere urabe n’amavidewo (E).

Niwihweze amashusho n’amajambo biri kumwe (F). Niwiyumvire ingene wokwishura uwokubwira amajambo ari ahavuga ngo Hari abavuga bati (G).

IGICE CA NYUMA

Icigwa gisozerwa n’agace kavuga ngo Incamake hamwe n’akavuga ngo Wize iki? (H). Niwandike itariki uherejeko icigwa. Munsi y’ahavuga ngo Umugambi wokwishingira (I) bakwereka ikintu wokora kugira urushirize gutahura ivyo wize canke kugira ubishire mu ngiro. Agace kavuga ngo Rondera n’ibindi (J) karimwo ibindi bintu wosoma canke amavidewo woraba uvyishakiye.

Ingene wotora imirongo yo muri Bibiliya

Ivyanditswe bigizwe n’igitabu co muri Bibiliya (A), ikigabane (B), n’umurongo canke imirongo (C). Nk’akarorero, Yohani 17:3 bisobanura igitabu ca Yohani, ikigabane ca 17, umurongo wa 3.