Vyoba bishoboka ko wiberaho ibihe bidahera?
Woba wokwishura ngo . . .
egome?
oya?
kumbure?
IVYO BIBILIYA IVUGA
“Abagororotsi bazokwigabira isi, kandi bazoyibako ibihe bidahera.”—ZABURI 37:29.
ICO VYOKUMARIRA
Uzobaho uhimbawe kandi wibereye mu mahoro uri kumwe n’incuti n’abagenzi.—YEREMIYA 29:11.
Urashobora kubaho atari imyaka mikeyi gusa, ahubwo ibihe bidahera.—ZABURI 22:26.
TWOBA DUSHOBORA KWEMERA IVYO BIBILIYA IVUGA?
Egome. Kugira umenye igituma, nurabe ibimenyamenya bitangwa mu vyigwa bitatu biri muri aka gatabu. Ivyo vyigwa ni ibi: