Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

URURIRIMBO RWA 152

Ahantu hazotuma ushemezwa

Ahantu hazotuma ushemezwa

(1 Abami 8:27; 1 Ngoma 29:14)

  1. 1. Yehova we waremy’ijuru

    Nah’ijur’urirengeye,

    Impwemu yawe yoy’iguma

    Mur’iyi nyubakw’isanzwe.

    Twebw’abari mu muco wawe

    Dusharij’iyi nyubakwa.

    Turagukorera mu bumwe,

    Tugatuma uhimbarwa.

    (IKIRARO)

    Nta kintu dufise

    Tutahawe na wewe.

    Ivyo tuguha vyose

    N’ivyo waduhaye.

    (ICITABIRIZO)

    Turashim’ivy’ukora vyose.

    Tuzokwama tuguhaya.

    Waraturonkej’aha hantu

    Hazotuma ushemezwa.

  2. 2. War’uzi yuko dukeneye

    Ahantu hagushemeza

    Hagafash’abasavyi bawe,

    N’abandi bakakumenya.

    Ese aha hantu hotuma

    Ivy’ugomba biranguka,

    Mbere bigakorwa ningoga

    Nk’uko Krist’abitegeka

    (IKIRARO)

    Tuguhay’ivyacu

    Hamwe n’umwanya wacu.

    Ni w’ubibereye

    We waduhaye vyose.

    (ICITABIRIZO)

    Turashim’ivy’ukora vyose.

    Tuzokwama tuguhaya.

    Waraturonkej’aha hantu

    Hazotuma ushemezwa.