URURIRIMBO RWA 157
Tuza twibera mu mahoro
1. Mu midurumbanyo
Yuzuye mw’isi,
Twebwe turitekaniye.
Ku bw’ukwizera
Tuguma turemye,
Kuko bigiye guhera.
(ICITABIRIZO)
Hose kur’iyi si,
Hagiye kuza
Amahoro menshi.
Haba mu biyaya
No ku misozi,
Hazosasagara
Amahoro.
2. Isi nsha niyaza,
Hazob’ubumwe
Haba kw’isi no mw’ijuru.
Hab’amahoro
Atigez’abaho,
Dusezer’akarenganyo.
(ICITABIRIZO)
Hose kur’iyi si,
Hagiye kuza
Amahoro menshi.
Haba mu biyaya
No ku misozi,
Hazosasagara
Amahoro.
(ICITABIRIZO)
Hose kur’iyi si,
Hagiye kuza
Amahoro menshi.
Haba mu biyaya
No ku misozi,
Hazosasagara
(ICITABIRIZO)
Hose kur’iyi si,
Hagiye kuza
Amahoro menshi.
Haba mu biyaya
No ku misozi,
Hazosasagara
Amahoro,
Amahoro.
(Raba kandi Zab. 72:1-7; Yes. 2:4; Rom. 16:20)