GUTANGUZA IKIYAGO
ICIGWA CA 1
Kwitwararika abandi
Icanditswe c’ishimikiro: «Urukundo . . . ntirurondera inyungu zarwo bwite.»—1 Kor. 13:4, 5.
Ivyo Yezu yakoze
1. Nurabe iyi VIDEWO, canke usome Yohani 4:6-9. Nuce uzirikana ibi bibazo:
Twigira iki kuri Yezu?
2. Biroroha cane ko tuyaga neza n’umuntu iyo duhereye ku ciyumviro kimushimisha.
Niwigane Yezu
3. Nuhuze n’uko ibintu vyifashe. Igihe utanguza ikiyago, ntiwumire ku ciyumviro wewe wateguye kuvuga. Nufatire ku vyo abandi bashobora kuba bariko bariyumvira uwo musi. Niwibaze uti:
4. Nube umuntu yihweza. Niwibaze uti:
-
“Impuzu uwo muntu yambaye, uko aboneka be n’aho aba bihishura iki ku bijanye n’ivyo yemera canke imico yiwe?”
5. Nutege yompi.