Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

GUTANGUZA IKIYAGO

ICIGWA CA 1

Kwitwararika abandi

Kwitwararika abandi

Icanditswe c’ishimikiro: «Urukundo . . . ntirurondera inyungu zarwo bwite.»—1 Kor. 13:​4, 5.

Ivyo Yezu yakoze

1. Nurabe iyi VIDEWO, canke usome Yohani 4:​6-9. Nuce uzirikana ibi bibazo:

  1.    Yezu yihweje iki kuri uwo mugore imbere yo gutanguza ikiyago?

  2.   Yezu yavuze ati: «Mpa amazi yo kunywa.» Ni kubera iki ubwo bwari uburyo bwiza bwo gutanguza ikiyago?

Twigira iki kuri Yezu?

2. Biroroha cane ko tuyaga neza n’umuntu iyo duhereye ku ciyumviro kimushimisha.

Niwigane Yezu

3. Nuhuze n’uko ibintu vyifashe. Igihe utanguza ikiyago, ntiwumire ku ciyumviro wewe wateguye kuvuga. Nufatire ku vyo abandi bashobora kuba bariko bariyumvira uwo musi. Niwibaze uti:

  1.    ‘“Havuzwe iki mu makuru?”

  2.   “Ababanyi, abo dukorana canke abo twigana bavuga amaki?”

4. Nube umuntu yihweza. Niwibaze uti:

  1.    “Uyu muntu ari mu duki? Ashobora kuba ariko yiyumvira iki?”

  2.   “Impuzu uwo muntu yambaye, uko aboneka be n’aho aba bihishura iki ku bijanye n’ivyo yemera canke imico yiwe?”

  3.   “Uyu woba ari umwanya mwiza wo kuganira na we?”

5. Nutege yompi.

  1.    Ntuvuge menshi.

  2.   Numuremeshe kugira ico avuze. Igihe bibereye, nubaze utubazo.