Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

GUTANGUZA IKIYAGO

ICIGWA CA 2

Kuyaga mu buryo busanzwe

Kuyaga mu buryo busanzwe

Icanditswe c’ishimikiro: «Ijambo rivuzwe ku mwanya ubereye ni ryiza cane!»—Imig. 15:23.

Ivyo Filipo yakoze

1. Nurabe iyi VIDEWO, canke usome Ivyakozwe 8:​30, 31. Nuce uzirikana ibi bibazo:

  1.    Filipo yatanguje gute ikiyago?

  2.   Kubera iki ubwo bwari uburyo busanzwe bwo gutanguza ikiyago no kwigisha uwo mugabo ikintu gishasha?

Twigira iki kuri Filipo?

2. Igihe tuganira n’umuntu mu buryo busanzwe, birashobora gutuma yumva yorohewe no kuganira natwe inkuru nziza kandi akatwugurukira.

Niwigane Filipo

3. Nube umuntu yihweza. Ibimenyetso vy’umubiri n’ivyo mu maso birahishura vyinshi ku vyerekeye umuntu. Uwo muntu yoba asa n’uwipfuza kuganira nawe? Woshobora gutangura kuvuga ikintu co muri Bibiliya mu kubaza gusa ngo: «Wari uzi ko . . . ?» Niwirinde guhata umuntu ngo muyage ata vyo ashaka.

4. Niwihangane. Ntiwiyumvire ko ukwiye guca utangura kuvuga ivya Bibiliya ubwo nyene. Nurindire gushika uronse akaryo kabereye ko kuvyinjizamwo neza. Vyoshika ako karyo kakaboneka ikindi gihe, musubiye kuganira.

5. Nuhuze n’uko ibintu vyifashe. Ikiyago kirashobora kugenda mu buryo utari witeze. Rero nuce uvuga ikintu cogirira akamaro uwo muntu, naho vyosaba ko uvuga ikintu co muri Bibiliya gitandukanye n’ico wari wiyumviriye.