Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

GUTANGUZA IKIYAGO

ICIGWA CA 3

Umutima mwiza

Umutima mwiza

Icanditswe c’ishimikiro: «Urukundo . . . rugira neza.»—1 Kor. 13:4.

Ivyo Yezu yakoze

1. Nurabe iyi VIDEWO, canke usome Yohani 9:​1-7. Nuce uzirikana ibi bibazo:

  1.    Ni igiki Yezu yatanguye gukora: gukiza uwo mugabo w’impumyi canke kumubwira inkuru nziza?—Raba Yohani 9:​35-38.

  2.   Kubera iki ukwo kuntu Yezu yavyifashemwo bishobora kuba vyatumye uwo mugabo arushiriza kwakira neza inkuru nziza?

Twigira iki kuri Yezu?

2. Biroroha cane ko umuntu yumviriza ubutumwa twamamaza iyo abonye ko tumwitaho.

Niwigane Yezu

3. Nugaragaze impuhwe. Gerageza kwiyumvira uko uwo muntu yiyumva.

  1.    Niwibaze uti: “Ni ibiki bishobora kuba bimuraje ishinga? Ni ibiki vyomufasha kandi bikamushimisha?” Ivyo bizotuma umukorera iciza wisunze uko ivyiwe vyifashe, bivuye ku mutima.

  2.   Numwumvirize, werekane ko witayeho ibibazo vyiwe. Bishitse akakubwira uko yiyumva canke akavuga ingorane afise, ntuce uhindura ikiyago.

4. Nuvugane ubuntu n’icubahiro. Iyo ufitiye ikibabarwe umuntu ukaba kandi wipfuza kumufasha vy’ukuri, birabonekera mu kuntu uvuga. Niwiyubare ku vyo uvuga n’uburyo ubivuga, wirinde kuvuga ibintu vyoshobora kumubabaza.

5. Numufashe. Rondera uturyo twiza two kumufasha mu buryo bufadika. Kugaragariza umuntu umutima mwiza birashobora gutuma yemera ko muganira.