Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

GUTANGUZA IKIYAGO

ICIGWA CA 4

Kwicisha bugufi

Kwicisha bugufi

Icanditswe c’ishimikiro: «Mwicishe bugufi mubone ko abandi babaruta.»—Flp. 2:3.

Ivyo Pawulo yakoze

1. Nurabe iyi VIDEWO, canke usome Ivyakozwe 26:​2, 3. Nuce uzirikana ibi bibazo:

  1.    Pawulo yerekanye gute ukwicisha bugufi mu kuntu yaganirije umwami Agiripa?

  2.   Pawulo yerekanye gute ko yishimikiza Yehova n’Ivyanditswe aho kwiyizigira?—Raba Ivyakozwe 26:22.

Twigira iki kuri Pawulo?

2. Ubutumwa dushikiriza burashimisha abantu cane igihe tubushikirije tubigiranye ukwicisha bugufi n’icubahiro.

Niwigane Pawulo

3. Ntiwiyemere. Ntiwerekane nk’aho umengo wewe uzi vyose be n’uko uwo muyaga ata co azi. Nuvugane icubahiro.

4. Niwerekane ko ivyo uriko urigisha biva muri Bibiliya. Ijambo ry’Imana ririmwo ivyiyumviro bikora abantu ku mutima. Iyo turikoresheje, tuba twubakiye ukwizera kwabo ku mushinge mwiza.

5. Guma werekana ubwitonzi. Ntugume urondera kwerekana ko uri mu kuri. Ntidushaka guharira. Niwerekane ukwicisha bugufi mu kuguma utekanye no mu gukura meza iyo bikenewe. (Imig. 17:14; Tito 3:2) Uvuganye ubwitonzi, hari aho uwo muntu azokwumviriza ubutumwa dushikiriza ikindi gihe.