Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

GUTANGUZA IKIYAGO

ICIGWA CA 5

Ukwigengesera

Ukwigengesera

Icanditswe c’ishimikiro: «Amajambo muvuga yamane igikundiro.»—Kol. 4:6.

Ivyo Pawulo yakoze

1. Nurabe iyi VIDEWO, canke usome Ivyakozwe 17:​22, 23. Nuce uzirikana ibi bibazo:

  1.    Pawulo yiyumvise gute abonye ingene abantu b’i Atene basenga ibigirwamana?—Raba Ivyakozwe 17:16.

  2.   Aho guca acira urubanza abantu b’i Atene, Pawulo yafatiye gute ku vyo bemera kugira ababwire inkuru nziza yigengesera?

Twigira iki kuri Pawulo?

2. Biroroha ko abantu badutega yompi iyo turavye neza ivyo tuvuga, ukuntu tubivuga n’igihe tubivugirako.

Niwigane Pawulo

3. Nuhitemwo amajambo yoshimisha uwo muntu. Nk’akarorero, igihe uganira n’umuntu atari umukirisu, wokenera guhindura uburyo ucira inzira Bibiliya canke ukuntu udondora Yezu.

4. Ntiwihutire gukosora umuntu. Numureke yisanzure mu kuvuga. Avuze ikintu gitandukanye n’ivyo Bibiliya ivuga, ntuce umuhaririza. (Yak. 1:19) Kumutega yompi biragufasha gutahura iciyumviro ciwe.—Imig. 20:5.

5. Nurondere guhuza na we wongere umukeze aho bishoboka. Ashobora kuba abona ko ivyo asanzwe yemera ari ukuri. Nugerageze kuyaga na we ku kintu muhurizako, maze buhorobuhoro umufashe gutahura ivyo Bibiliya yigisha.