Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

GUTANGUZA IKIYAGO

ICIGWA CA 6

Ubutinyutsi

Ubutinyutsi

Icanditswe c’ishimikiro: «Imana yacu yaradufashije kugira ubutinyutsi ngo tubabwire inkuru nziza.»—1 Tes. 2:2.

Ivyo Yezu yakoze

1. Nurabe iyi VIDEWO, canke usome Luka 19:​1-7. Nuce uzirikana ibi bibazo:

  1.    Kubera iki abantu bamwebamwe bashobora kuba barinuba Zakayo?

  2.   Naho vyari ukwo, ni igiki catumye Yezu amubwira inkuru nziza?

Twigira iki kuri Yezu?

2. Turakeneye ubutinyutsi kugira twamamaze ubutumwa bw’Ubwami ata nkunzi.

Niwigane Yezu

3. Niwizigire Yehova. Impwemu nyeranda yarahaye ububasha Yezu kugira yamamaze inkuru nziza, kandi nawe irashobora kubuguha. (Mat. 10:​19, 20; Luka 4:18) Nusabe Yehova ubutinyutsi bwo kubwira inkuru nziza abasa n’abatinyitse.—Ivyak. 4:29.

4. Ntiwihutire gucira urubanza abandi. Turashobora kugonanwa kuyagisha abantu bamwebamwe kubera ukuntu basa, ikibanza bafise mu kibano, uburyo bafise, ukuntu babayeho canke ivyo bemera. Ariko niwibuke:

  1.    Yehova na Yezu barashobora kubona ibiri mu mitima, ariko twebwe nta vyo dushoboye.

  2.   Nta n’umwe atoshobora gufashwa na Yehova.

5. Nugire ubutinyutsi ariko wigengesere kandi wiyubare. (Mat. 10:16) Niwirinde ibihari. Nusozere ikiyago mu bwitonzi nimba uwo muntu adashaka kwumviriza inkuru nziza canke igihe wumva ko uri mu kaga.—Imig. 17:14.