Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

GUKURIKIRANA ABASHIMISHIJWE

ICIGWA CA 7

Kwumirako

Kwumirako

Icanditswe c’ishimikiro: «Babandanya kwigisha no kumenyesha inkuru nziza.»—Ivyakozwe 5:42.

Ivyo Pawulo yakoze

1. Nurabe iyi VIDEWO, canke usome Ivyakozwe 19:​8-10. Nuce uzirikana ibi bibazo:

  1.    Aho guca aheba igihe bamwebamwe bamurwanya, Pawulo yumiyeko gute mu gufasha abari bashimishijwe?

  2.   Ni kangahe Pawulo yasubira kuja kwigisha abashimishijwe, kandi yabigize igihe kingana gute?

Twigira iki kuri Pawulo?

2. Turakeneye gutanga umwanya no kwihata kugira ngo dufashe neza abo twaganiriye, dutanguze n’inyigisho za Bibiliya.

Niwigane Pawulo

3. Nugendere uwo muntu ku mwanya umworohereza. Niwibaze uti: “Vyoba vyiza ndamurondeye ryari? Ni ryari yoronka umwanya ngo tuganire, kandi twoyagira hehe?” Numukurikirane naho uwo umwanya wiwe utoba ukworohereza.

4. Nimuhane isango. Igihe cose muhejeje kuganira, nimuhane isango ry’aho uzogarukira ngo muganire. Niwitwararike kudata isango.

5. Nugumane icizigiro. Ntiwihutire kwibwira ko umuntu aboneka gake muhira canke afatirwa cane yoba adashimishwa. (1 Kor. 13:​4, 7) Ahubwo riho, gerageza kuguma umurondera ariko urabe neza ntukoreshe nabi umwanya wawe.—1 Kor. 9:26.