Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

GUKURIKIRANA ABASHIMISHIJWE

ICIGWA CA 8

Kwihangana

Kwihangana

Icanditswe c’ishimikiro: «Urukundo rurihangana.»—1 Kor. 13:4.

Ivyo Yezu yakoze

1. Nurabe iyi VIDEWO, canke usome Yohani 7:​3-5 na 1 Abakorinto 15:​3, 4, 7. Nuce uzirikana ibi bibazo:

  1.    Mu ntango, benewabo na Yezu bakiriye gute ubutumwa yashikiriza?

  2.   Ni igiki cerekana ko Yezu ataciye aheba gufasha mwenewabo Yakobo?

Twigira iki kuri Yezu?

2. Turakeneye kwihangana kubera ko abantu bamwebamwe bisaba igihe kinini gusumba abandi kugira bemere inkuru nziza.

Niwigane Yezu

3. Nugerageze uburyo butandukanye. Umuntu adashotse yemera kwiga Bibiliya, ntumugobere. Akaryo keza kabonetse, nukoreshe amavidewo canke ibiganiro mu kumufasha gutahura ukuntu twigisha abantu Bibiliya n’akamaro vyomugirira.

4. Ntugereranye umuntu n’uwundi. Nta muntu asa n’uwundi. Bishitse umwe mu bagize umuryango canke uwo usubiye kugendera akagonanwa kwiga Bibiliya canke kwemera inyigisho kanaka yo muri Bibiliya, niwiyumvire icoba kibituma. Ubwo ntiyoba akunda cane inyigisho kanaka yo mw’idini arimwo? Ubwo incuti canke ababanyi ntiboba bariko baramuremera? Numuhe umwanya wo kuzirikana ivyo wamubwiye no kubona agaciro k’ivyo Bibiliya ivuga.

5. Nushire mw’isengesho uwashimishijwe. Nusabe Yehova agufashe kuguma ubona ibintu mu buryo bwiza no kwigengesera. Numusabe aguhe ubukerebutsi kugira umenye igihe co guhagarika kugendera umuntu adashimishwa.—1 Kor. 9:26.