Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

GUKURIKIRANA ABASHIMISHIJWE

ICIGWA CA 9

Impuhwe

Impuhwe

Icanditswe c’ishimikiro: «Munezeranwe n’abanezerewe, murirane n’abarira.»—Rom. 12:15.

Ivyo Yezu yakoze

1. Nurabe iyi VIDEWO, canke usome Mariko 6:​30-34. Nuce uzirikana ibi bibazo:

  1.    Ni kubera iki Yezu n’intumwa ziwe bipfuza “kuba bonyene”?

  2.   Ni igiki catumye Yezu yigisha isinzi?

Twigira iki kuri Yezu?

2. Impuhwe ziratuma twitwararika abandi, aho kwitwararika inkuru nziza gusa.

Niwigane Yezu

3. Nutege ugutwi witonze. Nureke umuntu aserure iryo agona. Ntumuciremwo canke ngo wirengagize uko yiyumva, ibimuraje ishinga n’ivyo atemera. Iyo umwumvirije witonze, uba umweretse ko witaho ivyo yiyumvira.

4. Nuzirikane ivyo uwo umuntu akeneye. Wisunze ibiyago mugiranira, niwibaze uti:

  1.    “Kubera iki akeneye kumenya ukuri?”

  2.   “Kwiga Bibiliya bishobora gute gutuma arushiriza kubaho neza no kugira kazoza keza?”

5. Nuvuge ibintu vyoshobora kumufasha. Numwereke udatebaganye ukuntu kwiga Bibiliya bishobora kwishura ibibazo afise n’ukuntu vyomufasha mu buzima bwa misi yose.