Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

GUHINDURA ABANTU ABIGISHWA

ICIGWA CA 10

Kwumira kw’ibanga

Kwumira kw’ibanga

Icanditswe c’ishimikiro: «Twari twiyemeje kutabashikiriza gusa inkuru nziza y’Imana, mugabo tukabaha n’ubuzima bwacu bwite kuko twari dusigaye tubakunda cane.»—1 Tes. 2:8.

Ivyo Yezu yakoze

1. Nurabe iyi VIDEWO, canke usome Yohani 3:​1, 2. Nuce uzirikana ibi bibazo:

  1.    Ni igiki gishobora kuba catumye Nikodemu ashima kuganira na Yezu mw’ijoro?—Raba Yohani 12:​42, 43.

  2.   Kuba Yezu yaganirije Nikodemu mw’ijoro, vyerekana gute ko yari yiyemeje guhindura abantu abigishwa?

Twigira iki kuri Yezu?

2. Turerekana ko dukunda abantu mu kwiyemeza kubafasha gucika abigishwa ba Yezu.

Niwigane Yezu

3. Numwigishe ku mwanya n’ikibanza bimworohereza. Ashobora gushima umusi kanaka mu ndwi canke umwanya kanaka. Ni hehe homworohera kwigira? Ni aho akorera? I muhira iwe? Canke mu kibanza ca bose? Nimba bishoboka, nuhindure urutonde rwawe kugira mwige ku mwanya n’ikibanza bimworohera.

4. Nimwige mudasiba. Nimba utazoboneka, ntusivye inyigisho. Ahubwo raba ukundi wobigenza:

  1.    Mwoshobora kwiga ikindi gihe muri iyo ndwi.

  2.   Mwoshobora kwigira kuri telefone canke ku bundi buhinga bwa none (vidéoconférence).

  3.   Woshobora gusaba uwundi mwamamaji akayobora iyo nyigisho.

5. Nusenge usaba kubona ibintu mu buryo bwiza. Nusabe Yehova agufashe kudaheba uwo wigisha naho vyoba bimugora kwiga adahorereza canke gushira mu ngiro impanuro zo muri Bibiliya. (Flp. 2:13) Uwo wigisha ashobora kuba afise ivyiza vyinshi umubonako. Saba Yehova agufashe kuguma ubona ivyo vyiza.