Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

GUHINDURA ABANTU ABIGISHWA

ICIGWA CA 11

Kwigisha mu buryo bworoshe

Kwigisha mu buryo bworoshe

Icanditswe c’ishimikiro: «[Muvuge] ibintu vyoroshe gutahura.»—1 Kor. 14:9.

Ivyo Yezu yakoze

1. Nurabe iyi VIDEWO, canke usome Matayo 6:​25-27. Nuce uzirikana kuri ibi bibazo:

  1.    Yezu yerekanye gute ukuntu Yehova atwitwararika?

  2.   Naho Yezu yari azi vyinshi ku vyerekeye inyoni, ni ikintu kimwe ikihe yibanzeko? Kubera iki ubwo bwari uburyo bwiza bwo kwigisha?

Twigira iki kuri Yezu?

2. Iyo twigisha mu buryo busanzwe, abantu baribuka ivyo twabigishije kandi tukabakora ku mutima.

Niwigane Yezu

3. Ntuvuge menshi. Aho kuvuga ibintu vyose uzi kuri ico cigwa, niwibande ku mayagwa ari muri ico gitabu. Uhejeje kubaza ikibazo, nurindire yishure. Nimba uwo wigisha atazi inyishu canke akishura ibinyuranye n’ivyo Bibiliya yigisha, numubaze utundi tubazo kugira umufashe kuzirikana. Amaze gutahura iciyumviro nyamukuru, nuce ubandanya.

4. Nufashe uwo wigisha guhuza inyigisho nshasha n’ivyo asanzwe azi. Nk’akarorero, imbere yo gutangura icigwa kivuga ivy’izuka, mwoshobora kwiyibutsa ivyo yize ku kuntu abapfuye bamerewe.

5. Nukoreshe neza ibigereranyo. Imbere yo gukoresha ikigereranyo, niwibaze uti:

  1.    “Iki kigereranyo coba coroshe?”

  2.   “Uwo nigisha yoba aza kugitahura bitamugoye?”

  3.   “Coba kiza kumufasha kwibuka iciyumviro nyamukuru, aho kwibuka gusa ico kigereranyo?”