GUHINDURA ABANTU ABIGISHWA
ICIGWA CA 11
Kwigisha mu buryo bworoshe
Icanditswe c’ishimikiro: «[Muvuge] ibintu vyoroshe gutahura.»—1 Kor. 14:9.
Ivyo Yezu yakoze
1. Nurabe iyi VIDEWO, canke usome Matayo 6:25-27. Nuce uzirikana kuri ibi bibazo:
Twigira iki kuri Yezu?
2. Iyo twigisha mu buryo busanzwe, abantu baribuka ivyo twabigishije kandi tukabakora ku mutima.
Niwigane Yezu
3. Ntuvuge menshi. Aho kuvuga ibintu vyose uzi kuri ico cigwa, niwibande ku mayagwa ari muri ico gitabu. Uhejeje kubaza ikibazo, nurindire yishure. Nimba uwo wigisha atazi inyishu canke akishura ibinyuranye n’ivyo Bibiliya yigisha, numubaze utundi tubazo kugira umufashe kuzirikana. Amaze gutahura iciyumviro nyamukuru, nuce ubandanya.
4. Nufashe uwo wigisha guhuza inyigisho nshasha n’ivyo asanzwe azi. Nk’akarorero, imbere yo gutangura icigwa kivuga ivy’izuka, mwoshobora kwiyibutsa ivyo yize ku kuntu abapfuye bamerewe.
5. Nukoreshe neza ibigereranyo. Imbere yo gukoresha ikigereranyo, niwibaze uti: