Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

GUHINDURA ABANTU ABIGISHWA

ICIGWA CA 12

Umutima rugabo

Umutima rugabo

Icanditswe c’ishimikiro: «Nka kurya amavuta n’imibavu binezereza umutima, ni ko n’umugenzi aguha impanuro nziza amera.»—Imig. 27:9.

Ivyo Yezu yakoze

1. Nurabe iyi VIDEWO, canke usome Mariko 10:​17-22. Nuce uzirikana ibi bibazo:

  1.    Ni ivyiza ibihe Yezu ashobora kuba yarabonye kuri uwo mutware akiri muto?

  2.   Kubera iki vyasavye urukundo n’umutima rugabo kugira Yezu ahanure uwo mugabo?

Twigira iki kuri Yezu?

2. Turakeneye kuvugana urukundo ariko tudomako kugira dufashe abo twigisha gutera imbere mu vy’impwemu.

Niwigane Yezu

3. Nufashe uwo wigisha kwishingira imigambi no kuyishikako.

  1.    Nukoreshe ca gice kivuga ngo «Umugambi wokwishingira» kiri mu vyigwa vyose vy’igitabu Kwiberaho ibihe bidahera.

  2.   Numufashe gutahura ivyo akwiye gukora kugira ashike ku migambi y’igihe gito n’iy’igihe kirekire.

  3.   Niwame umukeza kw’iterambere agezeko.

4. Nurondere kumenya ibimubuza gutera imbere, maze umufashe kubitsinda.

  1.    Niwibaze uti:

    • “Ni ibiki biriko birabuza uwo nigisha Bibiliya gutera imbere agana kw’ibatisimu?

    • “Nokora iki kugira ndamufashe?”

  2.   Nusabe Imana umutima rugabo wo kubwira uwo wigisha ivyo akeneye gukora udaca ku ruhande, ariko ubigiranye urukundo.

5. Nuhagarike kwigisha abantu badatera imbere.

  1.    Nurabe ko uwo wigisha yoba atera imbere mu kwibaza uti:

    • “Uwo nigisha yoba ashira mu ngiro ivyo ariko ariga?”

    • “Yoba yitaba amakoraniro kandi akabwira abandi ivyo yiga?”

    • “Nimba amaze ikiringo kitari gito yiga, yoba yipfuza kuba Icabona ca Yehova?”

  2.   Nimba inyigisho ya Bibiliya idashaka gutera imbere:

    • Numuremeshe kuraba icoba kimubuza gutera imbere.

    • Numusigurire wigengesera igituma wipfuza guhagarika kwiga na we.

    • Numwereke ivyo akeneye gukora imbere y’uko musubira kwiga.