GUHINDURA ABANTU ABIGISHWA
ICIGWA CA 12
Umutima rugabo
Icanditswe c’ishimikiro: «Nka kurya amavuta n’imibavu binezereza umutima, ni ko n’umugenzi aguha impanuro nziza amera.»—Imig. 27:9.
Ivyo Yezu yakoze
1. Nurabe iyi VIDEWO, canke usome Mariko 10:17-22. Nuce uzirikana ibi bibazo:
Twigira iki kuri Yezu?
2. Turakeneye kuvugana urukundo ariko tudomako kugira dufashe abo twigisha gutera imbere mu vy’impwemu.
Niwigane Yezu
3. Nufashe uwo wigisha kwishingira imigambi no kuyishikako.
-
Nukoreshe ca gice kivuga ngo «Umugambi wokwishingira» kiri mu vyigwa vyose vy’igitabu Kwiberaho ibihe bidahera.
-
Numufashe gutahura ivyo akwiye gukora kugira ashike ku migambi y’igihe gito n’iy’igihe kirekire.
4. Nurondere kumenya ibimubuza gutera imbere, maze umufashe kubitsinda.
-
-
“Ni ibiki biriko birabuza uwo nigisha Bibiliya gutera imbere agana kw’ibatisimu?
-
“Nokora iki kugira ndamufashe?”
-
-
Nusabe Imana umutima rugabo wo kubwira uwo wigisha ivyo akeneye gukora udaca ku ruhande, ariko ubigiranye urukundo.
5. Nuhagarike kwigisha abantu badatera imbere.
-
Nurabe ko uwo wigisha yoba atera imbere mu kwibaza uti:
-
“Uwo nigisha yoba ashira mu ngiro ivyo ariko ariga?”
-
“Yoba yitaba amakoraniro kandi akabwira abandi ivyo yiga?”
-
“Nimba amaze ikiringo kitari gito yiga, yoba yipfuza kuba Icabona ca Yehova?”
-
-
Nimba inyigisho ya Bibiliya idashaka gutera imbere:
-
Numuremeshe kuraba icoba kimubuza gutera imbere.
-
Numusigurire wigengesera igituma wipfuza guhagarika kwiga na we.
-
Numwereke ivyo akeneye gukora imbere y’uko musubira kwiga.
-