Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INYONGERA YA A

Ukuri dukunda kwigisha

Ukuri dukunda kwigisha

Yezu yavuze ko abantu bafise agatima kabereye bazomenya ukuri bakwumvise. (Yoh. 10:​4, 27) Igihe cose rero tuganira n’abantu, turipfuza kubabwira ukuri kwo muri Bibiliya kworoshe gutahura. Gerageza gutanguza akabazo nk’aka: «Wari uzi ko . . . ?» canke «Woba wari umaze kwumva ko . . . ?» Nuce usigura ukwo kuri ukoresheje icanditswe (canke ivyanditswe) bijanye. Kubwira gusa umuntu ukuri kwo muri Bibiliya kworoshe gutahura birashobora gutera urubuto mu mutima wiwe, maze Imana igatuma urwo rubuto rukura.—1 Kor. 3:​6, 7.

 KAZOZA

  1. 1. Ibintu biriko biraba n’ukuntu abantu bigenza birerekana ko vuba ibintu bigiye guhinduka.—Mat. 24:​3, 7, 8; Luka 21:​10, 11; 2 Tim. 3:​1-5.

  2. 2. Isi ntizokwigera irandurwa. —Zab. 104:5; Umus. 1:4.

  3. 3. Ibidukikije ntibizosubira kwononekara.—Yes. 35:​1, 2; Ivyah. 11:18.

  4. 4. Twese tuzoba dufise amagara meza.—Yes. 33:24; 35:​5, 6.

  5. 5. Urashobora kwiberaho ibihe bidahera kw’isi.—Zab. 37:29; Mat. 5:5.

 UMURYANGO

  1. 6. Umugabo akwiye «gukunda umugore wiwe nk’uko yikunda.»—Ef. 5:33; Kol. 3:19.

  2. 7. Umugore akwiye kwubaha cane umugabo wiwe.—Ef. 5:33; Kol. 3:18.

  3. 8. Umugabo n’umugore bakwiye kudahemukiranira.—Mal. 2:16; Mat. 19:​4-6, 9; Heb. 13:4.

  4. 9. Abana bubaha bakagamburukira abavyeyi babo bararoranirwa.—Imig. 1:​8, 9; Ef. 6:​1-3.

NASA, ESA and the Hubble Heritage Team (STScI/​AURA)-ESA/​Hubble Collaboration. Licensed under CC BY 4.0. Source.

 IMANA

  1. 10. Imana irafise izina.—Zab. 83:18; Yer. 10:10.

  2. 11. Imana iratuyagira.—2 Tim. 3:​16, 17; 2 Pet. 1:​20, 21.

  3. 12. Imana ntigira nkunzi. —Gus. 10:17; Ivyak. 10:​34, 35.

  4. 13. Imana irashaka kudufasha.—Zab. 46:1; 145:​18, 19.

 ISENGESHO

  1. 14. Imana ishaka ko tuyisenga.—Zab. 62:8; 65:2; 1 Pet. 5:7.

  2. 15. Bibiliya iratwigisha ukuntu twosenga.—Mat. 6:​7-13; Luka 11:​1-4.

  3. 16. Dukwiye gusenga kenshi.—Mat. 7:​7, 8; 1 Tes. 5:17.

 YEZU

  1. 17. Yezu yari umwigisha ahambaye. Impanuro ziwe zama ari ngirakamaro.—Mat. 6:​14, 15, 34; 7:12.

  2. 18. Yezu yaravuze ibintu turiko turabona.—Mat. 24:​3, 7, 8, 14; Luka 21:​10, 11.

  3. 19. Yezu ni Umwana w’Imana.—Mat. 16:16; Yoh. 3:16; 1 Yoh. 4:15.

  4. 20. Yezu si Imana Mushoboravyose.—Yoh. 14:28; 1 Kor. 11:3.

Based on NASA/​Visible Earth imagery

 UBWAMI BW’IMANA

  1. 21. Ubwami bw’Imana ni intwaro ibaho vy’ukuri iri mw’ijuru. —Dan. 2:44; 7:​13, 14; Mat. 6:​9, 10; Ivyah. 11:15.

  2. 22. Ubwami bw’Imana buzosubirira intwaro z’abantu.—Zab. 2:​7-9; Dan. 2:44.

  3. 23. Ubwami bw’Imana ni wo muti wonyene w’ingorane z’abantu.—Zab. 37:​10, 11; 46:9; Yes. 65:​21-23.

 IMIBABARO

  1. 24. Imana si yo ituma dushikirwa n’imibabaro.—Gus. 32:4; Yak. 1:13.

  2. 25. Shetani ni we aganza iyi si.—Luka 4:​5, 6; 1 Yoh. 5:19.

  3. 26. Imana irabona imibabaro urimwo kandi yipfuza kugufasha.—Zab. 34:​17-19; Yes. 41:​10, 13.

  4. 27. Imana irimirije gukuraho imibabaro.—Yes. 65:17; Ivyah. 21:​3, 4.

 URUPFU

  1. 28. Abapfuye nta co bazi namba; ntibariko barababara.—Umus. 9:5; Yoh. 11:​11-14.

  2. 29. Abapfuye ntibashobora kudufasha canke kutugirira nabi.—Zab. 146:4; Umus. 9:​6, 10.

  3. 30. Abacu bapfuye bazozuka. —Yobu 14:​13-15; Yoh. 5:​28, 29; Ivyak. 24:15.

  4. 31. «Urupfu ntiruzoba rukiriho.»—Ivyah. 21:​3, 4; Yes. 25:8.

 IDINI

  1. 32. Si amadini yose Imana ishima.—Yer. 7:11; Mat. 7:​13, 14, 21-23.

  2. 33. Imana iranka ubwiyorobetsi.—Yes. 29:13; Mika 3:11; Mrk. 7:​6-8.

  3. 34. Urukundo nyakuri ni rwo ruranga idini ry’ukuri.—Mika 4:3; Yoh. 13:​34, 35.