Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INYONGERA YA B

Woba ukwiye guhagarika ikiyago?

Woba ukwiye guhagarika ikiyago?

Igihe umuntu avyuye ikibazo canke akadusaba kumusigurira ikintu kanaka mu ntumbero yo kumenya, biraturyohera kubandanya ikiyago. Twipfuza kuganira n’abantu bashobora kuba «bafise agatima kabereye kotuma baronka ubuzima budahera.»—Ivyak. 13:48.

Ariko, bite ho nimba umuntu ashavuye, aharira canke akaba adashaka kuyaga muri uwo mwanya? Nuhagarike ikiyago mu bwitonzi n’urupfasoni. (Imig. 17:14) Gira uko ushoboye muvane neza kugira ngo bizotume uwo muntu ashima kuganira natwe muri kazoza.—1 Pet. 2:12.