Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INYONGERA YA C

Ingene twigisha abantu dukoresheje igitabu Kwiberaho ibihe bidahera

Ingene twigisha abantu dukoresheje igitabu Kwiberaho ibihe bidahera

Abavukanyi barasenze cane bongera barihweza bitonze ivyo boshira mu gitabu Kwiberaho ibihe bidahera. Kugira ngo ico gitabu kikubere kirumara, nukoreshe ubu buryo mu kwigisha abantu Bibiliya.

Imbere yo kwiga

  1. 1. Nutegure neza. Igihe utegura, nuzirikane ivyo uwo wigisha akeneye, ibihe arimwo n’ivyo yemera. Gerageza kubona ivyiyumviro vyosaba ko umusigurira kugira abitahure canke abishire mu ngiro. Nurabe ukuntu amayagwa ari mu gice kivuga ngo «Rondera n’ibindi» yoshobora kumufasha. Niwitegurire kuyakoresha muriko muriga, igihe bikenewe.

Muriko muriga

  1. 2. Nimutangure mwongere musozere n’isengesho, kiretse uwo wigisha avyanse.

  2. 3. Ca make. Niwisunge amayagwa yatanzwe, hama ureke uwo wigisha aserure iryo agona.

  3. 4. Igihe mutanguye igice gishasha c’ico gitabu, nimusome ivyo cibandako hama ushimike ku mitwe y’ivyigwa bikeya.

  4. 5. Igihe murangije igice, nukoreshe isubiramwo ryaco kugira ufashe uwo wigisha kwibuka ukuri yize.

  5. 6. Ku cigwa cose muzoba muriko muriga:

    1. Nimusome igisomwa.

    2. Nimusome ivyanditswe vyose vyanditseko «Soma.»

    3. Igihe bikenewe, nimusome ibindi vyanditswe vyatanzwe.

    4. Nimurabe ividewo zose zanditseko «Nimurabe» (nimba ziboneka).

    5. Nubaze uwo wigisha ibibazo vyose.

    6. Numusabe kuraba amafoto ari mu gice kivuga ngo «Twinjire mu mizi», uce umusaba kugira ico ayavuzeko.

    7. Koresha uruzitiro ruvuga ngo «Umugambi wokwishingira» kugira umufashe kubona ingene ariko aratera imbere. Woshobora kumuremesha kwisunga uwo mugambi bamweretse, canke kwishingira uwundi canke vyompi.

    8. Numubaze ikiganiro canke ividewo vyamuryoheye mu gice kivuga ngo «Rondera n’ibindi» igihe yariko arategura icigwa.

    9. Nimugerageze kurangiza icigwa igihe cose mwize.

Inyuma yo kwiga

  1. 7. Nugume uzirikana uwo wigisha. Nusabe Yehova ahezagire iterambere ryiwe, aguhe n’ubukerebutsi bwo kumenya ukuntu womufasha.