Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyo Ubwami bw’Imana Buzokora

Ivyo Ubwami bw’Imana Buzokora

“Ubgami bgawe buze, ivyo ugomba bibe mw isi nk’uko biba mw ijuru.”​—MATAYO 6:10.

1. Umuzo w’Ubwami bw’Imana uzosobanura iki?

IGIHE Yezu yigisha abayoboke biwe gusenga basaba Ubwami bw’Imana, yari azi yuko umuzo wabwo wokuyeho ubutegetsi bw’abantu butisunga Imana bumaze imyaka ibihumbi n’ibihumbi. Muri ico gihe cose, ivyo Imana igomba ntivyakorwa kw’isi muri rusangi. (Zaburi 147:19, 20) Mugabo, ubwo Bwami bumaze gushingwa mw’ijuru, ivyo Imana igomba bitegerezwa gukorwa ahantu hose. Igihe c’ihinduka riteye akoba ryo kuva mu butegetsi bw’abantu tukaja mu butegetsi bw’Ubwami bw’Imana bwo mw’ijuru kiriko kiregereza cane.

2. Ni igiki kizoranga ihinduka ryo kuva mu butegetsi bw’abantu tukaja mu butegetsi bw’Ubwami?

2 Ikizoranga iryo hinduka, kizoba ari ikiringo Yezu yise “amarushwa ahambaye atigeze kubaho kuva kw itanguriro ry’isi ugashitsa n’ubu, kandi [a]tazokwongera kubaho.” (Matayo 24:21) Bibiliya ntivuga ukuntu ico kiringo kizoba kingana, mugabo ivyago bitegerezwa kuba muri co bizoba ari bibi kuruta ico ari co cose isi yigeze kubona. Mu ntango y’ayo marushwa ahambaye, hazoba ikintu c’agacavutu gakomeye ku bantu benshi bo kw’isi: isangangurwa ry’amadini yose y’ikinyoma. Ivyo ntibizoba ari agacavutu ku Vyabona vya Yehova, kuko bamaze igihe kirekire bavyiteze. (Ivyahishuriwe 17:1, 15-17; 18:1-24) Amarushwa ahambaye arangira kuri Harumagedoni igihe Ubwami bw’Imana bujanjagura urunkwekwe rwa Shetani rwose uko rungana.​—Daniyeli 2:44; Ivyahishuriwe 16:14, 16.

3. Yeremiya adondora gute ico abagambarazi bazotahira?

3 Ivyo bizosobanura iki ku bantu “batāmenye Imana n’abatumvira ubutumwa bgiza” bwerekeye Ubwami bwiwe bwo mw’ijuru buri mu minwe ya Kirisitu? (2 Ab’i Tesalonike 1:6-9) Ubuhanuzi bwa Bibiliya butubwira buti: “Eh’ivyago bizosimbasimba biva kw ihanga bija ku rindi, kand’ikirura gihambaye kizozingazinga kivuye ku mpera z’isi. Abishwe n’Uhoraho bazohēra ku mpera y’isi bashike ku yindi, ntabazoririrwa, canke ngo begeranywe, canke ngo bahambge; bazoba nk’intabire yometse ku misozi.”​—Yeremiya 25:32, 33.

Iherezo ry’Ububisha

4. Ni kuki Yehova afise imvo yumvikana yo kuzimanganya uru runkwekwe rubi?

4 Mu myaka ibihumbi n’ibihumbi, Yehova Imana yararetse ububisha burabaho, igihe kirekire bihagije kugira ngo abantu b’imitima igororotse babone yuko ubutegetsi bw’abantu ari agahomerabunwa. Nk’akarorero, nk’uko bivugwa n’isoko rimwe ry’amakuru, mu kinjana ca 20 honyene, abantu barenga imiliyoni 150 bariciwe mu ntambara, mu migumuko no mu yindi midurumbanyo y’abanyagihugu. Ububi bw’umuntu bwaribonekeje canecane mu gihe c’Intambara ya Kabiri y’Isi Yose, igihe abantu nk’imiliyoni 50 bishwe, benshi muri bo bagapfa rubi muri ya makambi y’itunatuniro y’Abanazi. Nk’uko nyene Bibiliya yari yarabibuye, muri iki gihe cacu ‘abantu babi, bo n’abahumbuzi barushirije kuba babi.’ (2 Timoteyo 3:1-5, 13) Muri iki gihe, ubushegabo, ubugizi bwa nabi, ubukazi, ibiturire n’ukutubaha ingingo ngenderwako z’Imana vyararandaranze. Yehova rero arafise imvo yumvikana yo kuzimanganya uru runkwekwe rubi.

5, 6. Dondora ububisha bwari i Kanani ha kera.

5 Ubu ibintu vyifashe nk’uko vyari vyifashe i Kanani nko mu myaka 3.500 iheze. Bibiliya ivuga iti: “Ikintu cose c’ubuyobe imbere y’Uhoraho, ico yanka urunuka, ari co basabisha imana zabo.” (Gusubira mu Vyagezwe 12:31) Yehova yamenyesheje ihanga rya Isirayeli ati: “Ukugabitanya kw’ayo mahanga ni kwo kuzoba gutumye Uhoraho Imana yanyu abirukana imbere yanyu.” (Gusubira mu Vyagezwe 9:5) Umutohozakahise w’ivya Bibiliya Henry H. Halley yavuze ati: “Ugusenga Bayali, Ashitaroti, n’izindi mana z’i Kanani, kwagirwa mu kudandahirwa birenze urugero kuruta; insengero zabo hari ahantu h’ihuriro ry’ugukorera amabi.”

6 Halley yarerekanye ukuntu ububisha bwabo bwari bwacitse ubuteye isoni, kubera muri kamwe muri utwo turere twinshi, abacukuzi “bahasanze udukarabo twinshi turimwo imisangu y’abana bari boserejwe Bayali.” Yavuze ati: “Ako karere kose kari kabaye akaburi k’inzoya zikivuka. . . . Abanyakanani mu gusenga baja mu vy’ubushegabo bwa birori vy’idini, imbere y’ibimana vyabo; hanyuma bakaja mu vy’ukwica abana babo b’imfura bwa kimazi bashikanira ivyo bimana nyene. Bisa n’uko ku rugero runini, ico gihugu cose c’i Kanani cari cabaye nk’i Sodomu hamwe n’i Gomora. . . . Akaranga karangwa n’ivyo bintu vy’ubuyobe hamwe n’ubwicanyi koba kari gakwiriye kubandanya kubaho? . . . Abacukuzi bacukuye ahahora ibisagara vy’i Kanani baratangara kubona Imana itabisanganguye hakiri kare.”

Kuragwa Isi

7, 8. Imana izohumanura iyi si gute?

7 Nk’uko Imana yahumanuye i Kanani, ni ko vuba izohumanura isi yose uko ingana hanyuma iyihe abakora ivyo igomba. “Abagororotsi bazokwībēra mu gihugu, kand’abatunganye bazokwamayo. Arikw abanyavyaha bazokomborwa mu gihugu.” (Imigani 2:21, 22) Kandi umwanditsi wa Zaburi avuga ati: “Hasigaye igihe gito, umunyakibi ntabeho; . . . Arikw abagwaneza bazoragwa igihugu, bazonezererwa amahoro y’umusēsekara.” (Zaburi 37:10, 11) Vyongeye, Shetani azokurwaho, kugira ngo “nti[y]ongere kuzimiza amahanga, gushitsa ah’iyo myaka igihumbi izoshirira.” (Ivyahishuriwe 20:1-3) Egome, “isi irikw irashirana n’ivyipfuzo vyayo, arik’ūkora ivy’Imana igomba yamah’ibihe bidashira.”​—1 Yohana 2:17.

8 Mu kuvuga muri make icizigiro ruheta c’abashaka kubaho ibihe bidahera kw’isi, Yezu yavuze ati: “Hahirwa abatekereza, kukw ari bo bazoragwa isi.” (Matayo 5:5) Bisa n’uko yariko yerekeza kuri Zaburi 37:29, ahabuye hati: “Abagororotsi bazoragwa igihugu, bakibemw’ibihe bidashira.” Yezu yari azi yuko Yehova yari afise umugambi w’uko abafise imitima igororotse boba kw’isi y’iparadizo ibihe bidahera. Yehova avuga ati: “Ni jewe naremye isi, n’abantu n’ibikōko biri kw isi, mbiremesha ubushobozi bganje bginshi . . . ; kand’ivyo mbigabira uwo ngomba.”​—Yeremiya 27:5.

Isi Nshasha y’Akaroruhore

9. Ni isi bwoko ki Ubwami bw’Imana buzozana?

9 Inyuma ya Harumagedoni, Ubwami bw’Imana buzozana “isi nsha” y’akaroruhore aho “ukugororoka kuzobamwo.” (2 Petero 3:13) Ese ukuntu ku barokotse Harumagedoni azoba ari ugutabarwa gukomeye nibakurwako uru runkwekwe rw’ibintu rubi rw’agahahazo! Ese ukuntu bazohimbarwa no kuba barinjiye mw’isi nshasha igororotse irongowe n’intwaro y’Ubwami bwo mw’ijuru, bafise imihezagiro y’akaroruhore kandi biteze kubaho ibihe bidahera!​—Ivyahishuriwe 7:9-17.

10. Ni ibintu bibi ibihe bitazoba bikiriho mu gihe c’ubutegetsi bw’Ubwami?

10 Nta bantu bazosubira guhanamirwa n’intambara, ubugizi bwa nabi, inzara canke mbere n’inyamaswa ziryana. “Nzosezerana n[’abantu banje] isezerano ry’amahoro, kandi nzoherengeteza ibikōko vy’inkazi mu gihugu. . . . Maz’igiti co mw ishamba kizokwama, isi yimbuke ivyimburo vyayo; na [b]o [ba]zokwibera amahoro mu gihugu ca[b]o.” “Inkota zabo bazozivunjavunja bazicuremw’amasuka, n’amacumu bazoyavunjavunja bayakūremw’inkero; nta hanga rizobangurira irindi hanga inkota, kandi ntibazokwiga kurwana ukundi. Arik’umuntu wese azokwībēra musi y’umuzabibu wiwe no musi y’umusukoni wiwe; kandi nta wuzobakanga.”​—Ezekiyeli 34:25-28; Mika 4:3, 4.

11. Ni kuki dushobora kwizigira yuko ubumuga bwo ku mubiri buzohera?

11 Indwara, intuntu, mbere n’urupfu bizokurwaho. “Uwaho ntazovuga, ati Ndarwaye: abantu bahaba bazoba bahariwe ukugabitanya kwabo.” (Yesaya 33:24) “[Imana] izohanagura amasozi yose ku maso yabo, kand’urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho: kukw ivya mbere bishize. . . . Rāba vyose ndabihindura bisha.” (Ivyahishuriwe 21:4, 5) Igihe yari kw’isi, Yezu yaragaragaje ubushobozi afise bwo gukora ivyo bintu akoresheje ububasha Imana yari yaramuhaye. Afashijwe n’impwemu yera, Yezu yagiye mu gihugu cose akiza ibimuga yongera akiza n’abarwaye.​—Matayo 15:30, 31.

12. Hari icizigiro ikihe ku bapfuye?

12 Yezu yarakoze mbere n’ibiruta ivyo. Yarazuye abapfuye. Abantu bicisha bugufi bavyakiriye gute? Igihe yazura agakobwa k’imyaka 12, abavyeyi bako “baratanga[ye] cane.” (Mariko 5:42) Ako kari akandi karorero k’ivyo Yezu azokora kw’isi yose mu gihe c’ubutegetsi bw’Ubwami, kubera ico gihe “hazoba ukuzuka kw’abagororotsi n’abagabitanya.” (Ivyakozwe 24:15) Ibaze akanyamuneza k’akaburarugero kazohaba igihe imigwi y’abapfuye bagarukanywe mu buzima izoza ikurakuranwa hanyuma bagasubira kubana n’ababo! Nta nkeka hazoba igikorwa gikomeye c’ukwigisha gihagarikiwe n’ubwo Bwami kugira ngo “kumenya Imana kuzob[e] kwuzuye mw isi, nk’ukw amazi abugereye mu kiyaga.”​—Yesaya 11:9.

Ubusegaba bwa Yehova Bwemezwa

13. Ugutegeka neza kw’Imana kuzokwerekanwa gute?

13 Ku mpera y’imyaka igihumbi y’ubutegetsi bw’Ubwami, umuryango w’abantu uzoba warasubijwe ku kugira umuzirikanyi n’umubiri bitagira agasembwa. Isi izoba itongo rya Edeni rikwiye ku mubumbe wose, ari yo paradizo. Amahoro, ubuhirwe, umutekano n’ikibano c’abantu kirangwa urukundo bizoba vyashitsweko. Muri kahise k’umuntu, imbere y’ubutegetsi bw’Ubwami, ntaho higeze na rimwe kubonwa ikintu gisa n’ico. Ibaze ubudasa ico gihe buzoba bwagaragajwe hagati y’imyaka ibihumbi abantu bamaze munsi y’ubutegetsi butera amagorwa bw’abantu n’ubutegetsi bw’akaroruhore bw’Ubwami bw’Imana bwo mw’ijuru bw’imyaka igihumbi! Ubutegetsi bw’Imana butwarwa n’Ubwami bwayo buzoba bwarerekanywe ko ari bukuru koko muri vyose. Uburenganzira Imana ifise bwo gutegeka, ubusegaba bwayo, buzoba bwaremejwe ata gahaze.

14. Ni igiki kizoshikira abagarariji ya myaka igihumbi ni yahera?

14 Ku mpera ya ya myaka igihumbi, Yehova azoreka abantu batagira agasembwa bihitiremwo uwo bashaka gusukurira. Bibiliya yerekana yuko “Satani azorekurwa ngw ave mw ibohero.” Azosubira agerageze kuzimiza abantu, bamwe muri bo bakazohitamwo kwikura ku Mana. Kugira ngo akinge ‘ubuyobe ntiburinde guhaguruka ubugira kabiri,’ Yehova azokuraho Shetani, amashetani yiwe n’abagarariza ubusegaba bwa Yehova bose. Nta n’umwe azoshobora kubirwanya yuko abantu abo ari bo bose bazorandurwa ubutakigaruka muri ico gihe bataronse akabero canke yuko ingendo yabo mbi yavuye ku gasembwa. Oya, bazoba bameze nka Adamu na Eva batagira agasembwa, bahisemwo bavyigombeye kugarariza ubutegetsi bugororotse bwa Yehova.​—Ivyahishuriwe 20:7-10; Nahumu 1:9.

15. Ni ubucuti ubuhe abantu b’intahemuka bazogiranira na Yehova?

15 Ku rundi ruhande, bisa n’uko abantu benshi cane bazohitamwo gushigikira ubusegaba bwa Yehova. Kubera ko umugarariji wese azoba yazimanganijwe, abagororotsi bazohagarara imbere ya Yehova, bamaze kurengana ikigeragezo ca nyuma c’ukudahemuka. Abo bantu b’intahemuka ico gihe bazokwemerwa na Yehova bwa bahungu n’abakobwa biwe. Bazosubira rero kugira bwa bucuti Adamu na Eva bari bafitaniye n’Imana imbere yuko bagarariza. Gutyo, Abaroma 8:21 hazoba harangutse, ahagira hati: “[Ivyaremwe] [ubwoko-muntu] vyizigi[y]e yuko na vyo bizocungurwa ngo ntibibe ibija vyo kubora, bizohabga ukwidegemvya, gufatana n’ubgiza bg’abana b’Imana.” Umuhanuzi Yesaya abura ati: “Urupfu [Imana i]zorumira miyonzwa gushitsa ibihe vyose; kand’Umwami Uhoraho azohanagura amasozi ku maso ya bose.”​—Yesaya 25:8.

Ca Cizigiro c’Ubuzima Budahera

16. Ni kuki bibereye kwitegana igishika impera y’ubuzima budahera?

16 Ese ukuntu ari icizigiro ciza igitangaza kirindiriye abizerwa, co kumenya yuko Imana izobashungururirako umusesekara w’ivyiza vyo mu buryo bw’impwemu no mu buryo bw’umubiri! Umwanditsi wa Zaburi yavuze bikwiriye ati: “Upfumbaturura igipfunsi cawe, ugahāza ukwifuza [kubereye] kw’ibiriho vyose.” (Zaburi 145:16) Yehova aremesha abari mu mugwi uzoba kw’isi ngo bagire ico cizigiro c’ubuzima bwo mw’Iparadizo mu bigize ukwizera bafise muri we. Naho ikibazo c’ubusegaba bwa Yehova gihambaye kuruta, ntasaba abantu kumusukurira batagira icizigiro cerekeye impera. Muri Bibiliya yose, ukudahemuka ku Mana n’icizigiro c’ubuzima buhoraho birajanirana bwa bihimba vya nkenerwa bigize ukwizera Umukirisu afise mu Mana. “Uwēgēra Imana akwiye kwizera yukw iriho, igaha impēra abayirondera.”​—Abaheburayo 11:6.

17. Yezu yerekanye gute yuko vyari bibereye ko dushigikirwa n’icizigiro cacu?

17 Yezu yavuze ati: “Ubu ni bgo bu[zima] budashira, ko bamenya wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yesu Kristo.” (Yohana 17:3) Hano ukumenya Imana n’imigambi yayo yabifatanije n’impera bizana. Nk’akarorero, igihe inkozi y’ikibi yasaba Yezu ngo azomwibuke amaze kuza mu Bwami bwiwe, Yezu yavuze ati: “U[zo]bana nanje muri Paradiso.” (Luka 23:43) Ntiyabwiye uyo mugabo ngo agire ukwizera naho ataronse impera. Yari azi yuko Yehova ashaka ko abasavyi biwe bagira icizigiro c’ubuzima budahera kw’isi y’iparadizo kugira ngo gifashe mu kubashigikira uko bahura n’ibigeragezo bitandukanye muri iyi si. Gutyo rero, kwitegana igishika impera ni imfashanyo ihambaye cane mu kwihangana bwa Mukirisu.

Kazoza k’Ubwami

18, 19. Ni ibiki bizoshikira wa Mwami na bwa Bwami ku mpera y’Ingoma y’Ikimpumbi?

18 Kubera Ubwami yari intwaro yunganira Yehova yakoresheje kugira ngo isi n’abantu bayibako abikuremwo agasembwa vyongeye bisubize hamwe na we, ni uruhara uruhe wa Mwami Yezu Kirisitu na ba bami bakaba n’abaherezi 144.000 bazogira inyuma y’ico kimpumbi? “Iherezo rizoca rishika, ah’azoshikiriza Imana ubgami, ni yo Data wa twese, ni yamara gukūrah’ubukuru bgose, n’ububasha bgose, n’ubushobozi bgose. Kuko guhangama azokwama ahangamye gushitsa ah’azoshirira abansi biwe bose munsi y’ibirenge vyiwe.”​—1 Ab’i Korinto 15:24, 25.

19 Ko Kirisitu asubiza Imana Ubwami, twotahura gute ivyanditswe bivuga yuko buzogumaho ibihe bidahera? Ivyo ubwo Bwami buzoba bwararanguye bizokwamaho ibihe bidahera. Yezu azoterwa iteka ibihe bidahera kubera uruhara yagize mu gukora ku bw’iyemezwa ry’ubusegaba bw’Imana. Mugabo kubera icaha n’urupfu ico gihe bizoba vyarakuweho buhere, kandi ubwoko-muntu bukaba bwaracunguwe, ivyo bizotuma ataba agikenewe bwa Mucunguzi. Ubutegetsi bw’ikimpumbi bw’Ubwami na bwo nyene buzoba bwarashikijwe bimwe vyuzuye; ari co gituma hatazoba hagikenewe intwaro yunganira kugira ngo igume hagati ya Yehova n’ubwoko-muntu bugamburuka. Gutyo rero, “Imana ibe vyose [k]uri [b]ose.”​—1 Ab’i Korinto 15:28.

20. Dushobora gute kumenya ivyo kazoza kabikiye Kirisitu na ba bandi 144.000?

20 Ni uruhara uruhe Kirisitu be n’abategetsi bifatanije bazogira ya Ngoma y’Ikimpumbi imaze kurangira? Bibiliya nta vyo ivuga. Yamara rero, turashobora kudakeka yuko Yehova azobaha utundi duteka twinshi tw’umurimo mu vyaremwe vyiwe vyose. Nimuze rero twese muri iki gihe dushigikire ubusegaba bwa Yehova maze tuzohabwe ubuzima budahera, kugira ngo muri kazoza, tuzobe turiho kugira ngo tubone umugambi Yehova yashingiye wa Mwami n’abami bagenzi biwe bakaba n’abaherezi, hamwe n’uwo yashingiye ibiriho vyose uko bingana biteye akoba!