Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Gusaba Imbabazi, Ni Inzira yo Kugiriranira Amahoro n’Abandi

Gusaba Imbabazi, Ni Inzira yo Kugiriranira Amahoro n’Abandi

Gusaba Imbabazi, Ni Inzira yo Kugiriranira Amahoro n’Abandi

“GUSABA imbabazi birafise ububasha. Biratuma indyane zitorerwa umuti ata bukazi buhabaye, biratuma amacakubiri ari hagati y’amahanga atorerwa umuti, biratuma intwaro zemera icese ko abanyagihugu zitwara bariko baracumukura, kandi bigatuma ubucuti abantu bafitaniye busubira kumera neza.” Ivyo ni vyo vyanditswe na Deborah Tannen, umwanditsi w’ibitabu bigurwa kuruta ibindi vyose akaba n’umuhinga mu vy’ukwiga uburyo indimi zimeze muri Kaminuza imwe (Georgetown University) y’i Washington, D.C.

Bibiliya iremeza yuko gusaba imbabazi bivuye ku mutima akenshi ari uburyo kirumara bwo gusubizaho ubucuti buba bwononekaye. Nk’akarorero, muri wa mugani wa Yezu w’umwana w’icangazi, igihe nya mwana yagaruka i muhira maze agasaba imbabazi bivuye ku mutima, se yaciye arushiriza kuba uwiteguriye gusubira kumwakira mu rugo. (Luka 15:17-24) Vyemere, umuntu ntakwiye kuba umunyabwibone cane ku buryo atobwikuramwo, agasaba imbabazi, maze akarondera uguharirwa. Birumvikana, ku bantu bicisha bugufi b’inziraburyarya, gusaba imbabazi si ikintu kigoye cane kugira.

Ububasha Ugusaba Imbabazi Gufise

Abigayili, umugore w’inkerebutsi wo muri Isirayeli ya kera yaratanze akarorero k’ububasha ugusaba imbabazi gufise, naho yasavye imbabazi ku bw’ikosa umugabo wiwe yari yakoze. Igihe Dawidi, uwahavuye acika umwami wa Isirayeli yaba mu bugaragwa ari kumwe n’abantu biwe, yarakingira umukuku wa Nabali, umugabo wa Abigayili. Yamara, igihe imisore ya Dawidi yasaba Nabali imitsima n’amazi, yarayirukanye akoresheje amajambo y’ugutukana akomeye. Kubera yuko Dawidi vyari bimushavuje, yararongoye nk’abantu 400 kugira ngo baduge kwihurira na Nabali be n’inzu yiwe. Abigayili amaze kumenya uko ibintu vyifashe, yaciye agenda guhura na Dawidi. Aho Abigayili amuboneye, yaciye yikubita imbere y’ibirenge vyiwe. Araheza avuga ati: “Mwami wanje, ico caha abe ari jewe kijako; ndakwinginze, jewe umuja wawe zirikana ico nkubarira, utegēre amajambo yanje.” Abigayili yaciye asigura uko ibintu vyari biri maze aha Dawidi ingabirano z’ivyo kurya n’ivyo kunywa. Ivyo biheze, yaciye avuga ati: “Ni wīdūgire, usubire i muhira amahoro; nukw ivyo uvuze ndavyumvise, ndakwemereye.”​—1 Samweli 25:2-35.

Agatima k’ukwicisha bugufi ka Abigayili gafatanije n’amajambo yiwe yo gusaba imbabazi ku bw’inyifato y’agasuzuguro y’umugabo wiwe, vyarakingiye abo mu nzu yiwe. Dawidi mbere yaramushimiye kubona yaramutesheje kuvisha amaraso. Naho Abigayili atari we yari yafashe nabi Dawidi n’abantu biwe, yaremeye aragirwa n’ikosa ryokwagiriye umuryango wiwe, maze aragiriranira amahoro na Dawidi.

Akandi karorero k’umuntu yari azi igihe co gusabirako imbabazi ni intumwa Paulo. Igihe kimwe, yategerejwe kwirwanirira imbere y’Abanyekombe, ni ukuvuga ya sentare nkuru y’Abayuda. Umuherezi mukuru ari we Ananiya, amaze kurakazwa n’amajambo y’ukuri Paulo avuze, yategetse abari bahagararanye na Paulo kumukubita ku munwa. Ivyo bimaze kuba, Paulo yamubwiye ati: “Imana izogukubita, wa rusika rukuyengejekw ingwa: mbega wewe ko wicaritswe no kuncira urubanza nk’ukw ivyagezwe biri, ugatako ukavuga ko bankubita ukanyuranya n’ivyagezwe?” Igihe abariko bavyitegereza bagiriza Paulo ko atutse umuherezi mukuru, iyo ntumwa yaciye ubwo nyene yemera ikosa ryayo, ivuga iti: “Sinari ndamuzi, bene Data, kw ar’umuherezi mukuru; kuko handitswe ngo Ntukavuge nabi umukuru wo mu bgoko bganyu.”​—Ivyakozwe 23:1-5.

Ivyo Paulo yari yavuze vy’uko umuntu yagenywe kuba umucamanza atari akwiye kuja mu vy’ubukazi vyari ivy’ukuri. Ariko rero, yarasavye imbabazi kubera yavugishije atabizi umuherezi mukuru mu buryo bwari gushobora kubonwa ko ari ukutubaha. * Ugusaba imbabazi Paulo yagize kwatumye Abanyekombe batega ugutwi ivyo yari afise avuga. Naho Paulo yari azi ibihari vyari biri mu bagize nya sentare, yababwiye yuko yariko arageragezwa azira ko yemera izuka. Ni co gituma havyutse ibihari vyinshi, Abafarizayo bakaja ku ruhande rwa Paulo.​—Ivyakozwe 23:6-10.

Dushobora kwigira iki kuri ubwo burorero bubiri bwo muri Bibiliya? Muri ubwo burorero bwompi, amajambo atarimwo uburyarya yo guserura ukwicuza yaraciriye inzira ukwongera kuyaga. Gutyo rero, amajambo yo gusaba imbabazi arashobora kudufasha kugiriranira amahoro n’abandi. Vyemere, kwemera amakosa yacu maze tugasaba imbabazi ku vyo twononye, birashobora gutuma haba uturyo two kugiriranira ibiganiro vyubaka.

‘Mugabo Nta Kintu Kibi Nakoze’

Igihe tumenye yuko ivyo twavuze canke twakoze hari uwo vyababaje, dushobora kwumva yuko uwo muntu ariko arihenda canke ko ari inkomwahato. Yamara, Yezu Kirisitu yahanuye abigishwa biwe ati: “Ni wajana ishikanwa ryawe ku gicaniro, ukahībukira ko har’ico upfa na mugenzawe, usige ishikanwa ryawe imbere y’igicaniro, ubanze ugende wikiranure na mugenzawe, uce ugaruka, ushikane ishikanwa ryawe.”​—Matayo 5:23, 24.

Nk’akarorero, umuvukanyi ashobora kwumva yuko wamucumuyeko. Mu gihe nk’ico, Yezu avuga yuko ukwiye kugenda, maze “[uk]ikiranur[a] na mugenzawe,” waba wiyumvamwo ko wamugiriye nabi canke utavyiyumvamwo. Nk’uko igisomwa c’Ikigiriki kibivuga, ijambo Yezu yakoresheje hano ‘risobanura kwumvikana mumaze kugiriranira nabi.’ (Vine’s Expository Dictionary of Old and New Testament Words) Kukaba nkako, igihe abantu babiri badahuza, bompi bashobora kuba babifisemwo ikosa, kubera ko bompi ari abanyagasembwa kandi bafise impengamiro yo guhuba. Ivyo mu bisanzwe bisaba kwumvikana.

Ikibazo kihari, si ukumenya uwutari mw’ikosa n’uwuri mw’ikosa, ahubwo ni ukumenya uwokwibwiriza kurondera kugiriranira amahoro n’uwundi. Aho intumwa Paulo amenyeye ko Abakirisu b’i Korinto bariko bashengeza abasavyi b’Imana bagenzi babo mu masentare yo mw’isi bivuye ku bintu batahurizako hagati yabo nk’ukutumvikana mu vy’amahera, yarabakosoye ati: “Ntimwopfuma mugirirwa nabi? Ntimwopfuma mwemera kugungwa?” (1 Ab’i Korinto 6:7) Naho Paulo yavuze ivyo kugira ngo ace intege Abakirisu bagenziwe bareke gushira ku kabarore ibintu batahurizako hagati yabo mu masentare yo mw’isi, ingingo ngenderwako irimwo iratomoye: Amahoro mu basangiye ukwemera arahambaye kuruta kwerekana uwutari mw’ikosa n’uwuri mw’ikosa. Kugumiza mu muzirikanyi iyo ngingo ngenderwako bituma gusaba imbabazi ku kintu kibi umuntu yibaza ko twamugiriye birushiriza kworoha.

Ukuba Inziraburyarya Birakenewe

Ariko rero, abantu bamwebamwe bararenza urugero mu gukoresha amajambo afatwa ko aserura ugusaba imbabazi. Nk’akarorero, mu Buyapani, ijambo sumimasen, rikaba ari ijambo rifatirwako mu gusaba imbabazi, abantu bararyumva rivugwa incuro ibihumbi n’ibihumbi. Rishobora mbere gukoreshwa mu guserura ugukenguruka, mu guhinyikiriza ku nyiyumvo itabereye yo kudashobora gusubiriza mu ndumane iciza uwundi yakugiriye. Kubera ko riguma rihindagurika, abantu bamwebamwe bashobora kwiyumvamwo ko iryo jambo rikoreshwa kenshi cane maze bagashobora kwibaza nimba abarivuze ata buryarya bashiramwo vy’ukuri. Uburyo butandukanye bwo gusaba imbabazi bushobora gusa n’aho bukoreshwa mu buryo burenze urugero no mu yindi mico kama.

Mu rurimi urwo ari rwo rwose, birahambaye kuba inziraburyarya igihe usaba imbabazi. Amajambo ukoresha be n’ukuntu uyavuga bikwiye guserura intuntu nyakuri. Yezu Kirisitu yigishije abigishwa biwe muri ya Nsiguro yo ku Musozi ati: “Arikw ijambo ryanyu ribe Ego, ego; Oya, oya: ikirenze ivyo kiva kuri wa Mubi.” (Matayo 5:37, ni twe tubihiritse.) Nimba usavye imbabazi, nuvyerekane! Kugira tubitangire akarorero: Hari umugabo yari ku murongo ku biro vyo ku kibuga c’indege bijejwe kuraba abinjira n’abasohoka yasavye imbabazi igihe umuzigo wiwe wakora ku mugore arindiriye inyuma kuri uwo murongo. Hashize iminuta mikeyi, igihe abari kuri uwo murongo bariko bigira imbere, nya muzigo warasubiye gukora kuri nya mugore. Nya mugabo, abigiranye urupfasoni yarasubiye gusaba imbabazi. Igihe vyongera gushika mu wundi mwanya, umugabo yari afatanije urugendo na nya mugore yaciye amubwira yuko niba ivyo yari yavuze yari yabivuze ata buryarya, yari akwiye kuraba neza ko umuzigo wiwe udasubira gukora kuri uwo mugore. Ni vyo, ugusaba imbabazi kutarimwo uburyarya gukwiye guherekezwa n’ukwiyemeza kudasubira gukora nya kosa.

Niba turi inziraburyarya, ugusaba imbabazi kwacu kuzojamwo ukwemera ikosa iryo ari ryo ryose, ukurondera guharirwa, be no kugira akigoro ko gutunganya ivyononekaye uko bishoboka kwose. Uwagiriwe nabi na we akwiye guharira n’umutima ukunze uwamugiriye nabi yigaye. (Matayo 18:21, 22; Mariko 11:25; Abanyefeso 4:32; Ab’i Kolosayi 3:13) Kubera ko bompi badatunganye, ukuremesha amahoro gushobora kutama guca gukurikira mu buryo bworoshe. Naho ari ukwo, amajambo yo gusaba imbabazi arafise ikintu kinini akora mu vyo gutuma tugiriranira amahoro n’abandi.

Igihe Ugusaba Imbabazi Kutabereye

Naho amajambo aserura ukwicuza n’intuntu atuma ibintu vyoroha kandi akaremesha amahoro, umuntu w’inkerebutsi aririnda gukoresha amajambo nk’ayo igihe kubigira gutyo bitaba bibereye. Dufate nk’akarorero yuko ico kibazo gisaba kuba intadohoka ku Mana. Igihe Yezu Kirisitu yari kw’isi, “yaricishije bugufi, araganduka no gushitsa ku rupfu, kand’urupfu rwo ku [“giti c’ukubabarizwako,” NW].” (Ab’i Filipi 2:8) Ariko rero, ntiyasavye imbabazi kubw’ivyo yizera kugira ngo agabanure umubabaro yarimwo. Kandi Yezu ntiyasavye imbabazi igihe umuherezi mukuru yabaza ati: “Ndakurahiye Imana nzima, tubarire kw ari wewe Kristo, Umwana w’Imana.” Aho guca asaba imbabazi n’ubwoba n’akantu, Yezu yishuranye uburindutsi ati: “Urarivuze; yamara ndababgira yuk’uhereye ubu muzobona Umwana w’Umuntu yicaye i buryo bg’Ububasha, aje mu bicu vyo kw ijuru.” (Matayo 26:63, 64) Iciyumviro co kuguma afitaniye amahoro n’umuherezi mukuru abanje kudohoka kuri Se Yehova Imana, nticigeze kiza muri Yezu.

Abakirisu baragaragariza icubahiro be n’iteka abantu bafise ubukuru. Yamara rero, ntibakeneye gusaba imbabazi kubera bagamburukira Imana be no kubera urukundo bakunda abavukanyi babo.​—Matayo 28:19, 20; Abaroma 13:5-7.

Nta Gishobora Gutuma Hataba Amahoro

Muri iki gihe, turakora amakosa kubera agasembwa n’icaha twarazwe na sokuruza wacu Adamu. (Abaroma 5:12; 1 Yohana 1:10) Ukuba umucumuzi kwa Adamu vyatumwe n’uko yagararije Umuremyi. Ariko rero, mu ntango, Adamu na Eva bari batunganye kandi ntibacumura, kandi Imana yasezeranye gusubiza abantu kuri ukwo gutungana. Izokuraho icaha n’ingaruka zaco zose.​—1 Ab’i Korinto 15:56, 57.

Iyumvire gatoyi ico ivyo bizoba bisobanura! Mu mpanuro yatanze yerekeye ugukoresha ururimi, Yakobo mwene nyina wa Yezu yavuze ati: “Umuntu wese adatsitara mu vy’avuga, aba ar’umuntu atunganye rwose, ashobora no kuganza umubiri wiwe wose.” (Yakobo 3:2) Umuntu atunganye arashobora kuganza ururimi rwiwe ku buryo adakenera gusaba imbabazi ku bwo kurukoresha nabi. ‘Arashobora kuganza umubiri wiwe wose.’ Ese ukuntu bizoba ari ibintu vyiza igitangaza igihe tuzoba twacitse abatunganye! Ico gihe, nta ntambamyi n’imwe izoba ikiriho ituma amahoro abantu bagiriranira abangamirwa. Ariko rero, mu kurindira ico gihe, gusaba imbabazi bitarimwo uburyarya kandi bibereye ku kibi cakozwe bizofasha ku rugero runini cane mu vyo kugiriranira amahoro n’abandi.

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 8 Bishobora kuba ari ukubera yuko amaso ya Paulo atabona neza ku buryo vyatumye atamenya uwo muherezi mukuru.

[Ifoto ku rup. 5]

Dushobora kwigira iki ku karorero ka Paulo?

[Ifoto ku rup. 7]

Igihe umuntu wese azoba atunganye, nta kizoshobora gutuma hataba amahoro