Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Yehova Ni Imana Abantu Bakwiye Kumenya

Yehova Ni Imana Abantu Bakwiye Kumenya

Yehova Ni Imana Abantu Bakwiye Kumenya

HOBA hari ikintu gihambaye uriko urahomba mu buzima? Nimba ata vyinshi uzi ku vyerekeye Imana, nta gukeka ko hariho ikintu uriko urahomba. Uti kubera iki? Kubera yuko, nk’uko abantu amamiliyoni babibonye, kumenya Imana yahumetse Bibiliya bizana ivyiza vyinshi mu buzima. Ivyo vyiza bitangura umuntu akimenya Imana maze bikabandanya no mu bihe bizoza.

Yehova Imana, we yandikishije Bibiliya, ashaka ko tumumenya. Umwanditsi wa Zaburi yanditse ati: “Kugira ngo bamenye yuko wewe, uwitwa [“Yehova,” NW], kw ari wewe Usumba vyose, ukaganza isi yose.” Arazi yuko kumumenya ari twebwe birushiriza kugirira akamaro. “Ni jewe Uhoraho Imana yawe, nkwigisha ibikugirira ikimazi.” None twungukira gute ku kumenya Yehova Imana we Musumbavyose?​—Zaburi 83:18; Yesaya 48:17.

Inyungu imwe iboneka turonka ni uko atwereka uko tuvyifatamwo mu gihe turi mu ngorane za misi yose, tukagira icizigiro gikomeye ca kazoza be n’amahoro yo mu mutima. Ikindi kandi, kumenya Yehova neza biratuvyurira umutima wo gutsimbataza inyifato itandukanye n’iy’abandi ku bibazo bihambaye bihanze abantu hirya no hino kw’isi. None ivyo bibazo ni ibihe?

Ubuzima bwawe bwoba bufise intumbero?

Naho ubuhinga bwateye imbere ku rugero rutangaje, abantu muri iki gihe baracibaza ibi bibazo bihambaye: ‘Kubera iki ndi ngaha kw’isi? Ndiko nja he? Intumbero y’ubuzima ni iyihe?’ Mu gihe umuntu atabironkeye inyishu zimushika ku nyota, ubuzima bwiwe nta co buzoba buvuze. None abantu benshi boba bumva ko hari ikintu babuze? Itohoza ryagizwe mu Budagi mu mpera z’imyaka y’1990 ryerekanye yuko ica kabiri c’ababajijwe, kenshi canke rimwe na rimwe bumva ubuzima bwabo butagira intumbero. Kumbure ukwo ni na ko ibintu vyifashe aho ubaye.

Mu gihe umuntu ata ntumbero afise mu buzima, aba adafise umushinge ukomeye yokwubakirako imigambi yiwe. Benshi ivyo babibuze, baca bagerageza gukurikirana umwuga mwiza canke kwirundaniriza ubutunzi. Naho ari ukwo, birashobora kubatesha umutwe kubona ko vyose ari ubusa. Kutagira intumbero mu buzima mbere birababaza bamwebamwe gushika n’aho baba batacipfuza kubaho. Nk’uko bivugwa n’ikinyamakuru kimwe (International Herald Tribune) ivyo vyarashikiye umwigeme yasa n’irirenga yari yakuriye mu “matungo menshi no mu muryango wubahwa.” Naho yakuriye mu bihinda, yumva yishwe n’irungu kandi akumva ko ubuzima bwiwe ataco bumaze. Yaramize vya binini bifasha gusinzira, maze basanga yagiriyeko. Ushobora kuba uzi abandi bantu ubuzima bwabo bwarangiye mu buryo bubabaje gutyo.

Woba umaze kwumva abantu bivugisha yuko siyansi ishobora kutubwira ivyerekeye ubuzima vyose? Ikinyamakuru kimwe co mu Budagi gisohoka ku ndwi ku ndwi (Die Woche) kivuga giti: “Naho siyansi ishobora kuba ivuga ukuri, nta kintu kinini ishobora gufasha mu vy’impwemu. Inyigisho y’ihindagurika isa n’iyitumvikana. Eka mbere n’umwihwezo w’ibintu bifadika, n’ingene biguma bihindura imero, ntutuma abantu bamererwa neza bakongera bagatekanirwa.” Ivyo abanyasiyansi bagiye baratora, vyarafashije cane mu gusigura ibintu bitandukanye vyerekeye ubuzima no mu gusobanura ibintu vyo mu bidukikije biguma biba bihanahana vyisubiriza kugira ngo ubuzima bubandanye. Yamara, siyansi ntishobora kutubwira igituma turi ngaha kw’isi n’aho turiko turaja. Twihetse kuri siyansi gusa, ibibazo vyacu vyerekeye intumbero y’ubuzima nta nyishu twobironkera. Nk’uko ikinyamakuru kimwe (Süddeutsche Zeitung) cabivuze, ivyo bica bituma “abantu benshi bakenera uburongozi.”

Ni nde wundi ashoboye gutanga ubwo burongozi atari Umuremyi? Kubera yuko ari we mu ntango yashize abantu kw’isi, ategerezwa kuba azi igituma bari ngaha kw’isi. Bibiliya isigura yuko Yehova yaremye abantu kugira ngo babe kw’isi bongere bayizigame, bayibungabunge. Mu bikorwa vyabo vyose, abantu bari bagenewe kugaragaza kamere nk’iz’Imana nk’ubutungane, ubukerebutsi be n’urukundo. Dutahuye igituma Yehova yaturemye, duca tumenya igituma turi ngaha kw’isi.​—Itanguriro 1:26-28.

Wokora iki?

Tuvuge iki nimba muri kahise utashoboye kuronka inyishu zishika ku nyota kuri ibi bibazo: ‘Kubera iki ndi ngaha kw’isi? Ndiko nja he? Intumbero y’ubuzima ni iyihe?’ Bibiliya igusaba kumenya Yehova neza. Kukaba nkako, Yezu yavuze ati: “Ubu ni bgo bu[zima] budashira, ko bamenya wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yesu Kristo.” Uraremeshwa kandi gutsimbataza kamere zishimwa n’Imana, canecane urukundo, kandi ukishingira umugambi wo kuzoba muri bwa Bwami bw’Imana bugiye kuza buzoba butwarwa na Mesiya. Aho ni ho uzogira intumbero mu buzima, ukongera ukagira icizigiro c’akaroruhore co kuzotekanirwa muri kazoza. Vya bibazo nyamukuru vyahoze bigutesha umutwe, bizoba bigiye vyishurwa.​—Yohana 17:3; Umusiguzi 12:13.

Urazi ukuntu ibintu bica bihinduka uronse inyishu kuri ivyo bibazo! Umugabo yitwa Hans ivyo yaravyiboneye. * Mu myaka iheze, yemera Imana mu buryo budatomoye, gutyo ukwizera kwiwe nta co kwamumariye. Hans yarafata ibiyayura umutwe, agashurashura n’abagore b’ibihumbu, agakora n’ibindi vyaha kandi agatwarwa n’ivyo kugendesha amapikipiki. Asigura ati: “Naho vyari ukwo, ubuzima nta co bwari bumariye, ntibwampimbara.” Ashikanye nk’imyaka 25, yarafashe ingingo yo kurondera kumenya Imana neza mu gusoma Bibiliya yitonze. Hans amaze kumenya Yehova neza kandi agatahura intumbero y’ubuzima, yarahinduye ukuntu yigenza, maze arabatizwa aba Icabona ca Yehova. Ubu amaze imyaka cumi mu busuku bw’igihe cose. Yiyemerera ati: “Gusukurira Yehova, ni bwo buryo bwiza kuruta bwo kubaho. Nta co wobigereranya. Kumenya Yehova vyaratumye ubuzima bwanje bugira intumbero.”

Ariko ntiwumve, kugira intumbero mu buzima si co kibazo conyene kiraje ishinga abantu benshi. Uko ibintu bigenda birunyuka mw’isi, ni ko abantu benshi barushiriza guteshwa umutwe n’ikindi kibazo gihambaye.

Ni kubera iki vyashitse?

Igihe ivyago bishikiye umuntu, kenshi aguma yibaza iki kibazo: Ni kubera iki vyashitse? Kugira ngo umuntu ashobore kwihanganira akababaro ko mu mutima gaterwa n’ivyo vyago, ahanini ategerezwa kuronka inyishu ibereye y’ico kibazo. Mu gihe ataronse inyishu imushika ku nyota, arabandanya kubabara maze agatuntura. Nk’akarorero, raba ivyashikiye Bruni.

Uyo inabibondo ahumuye, asigura ati: “Haraciye imyaka akana kanje k’akigeme gapfuye. Kubera ko nemera Imana, naciye nitura umupadiri w’aho iwacu ngo anyirure. Yaciye ambwira yuko Imana yatwaye Susanne mw’ijuru, akaba yari yahindutse akamarayika. Igihe ako kigeme kapfa ijuru ryaranguyeko, mugabo kandi aho uwo mupadiri ambwiriye ivyo, naciye nanka Imana urunuka nibaza ko ari yo yagatwaye.” Bruni yabandanije kugira umubabaro no gucumukura imyaka itari mike. Avuga ati: “Mu nyuma hari Icabona ca Yehova yanyeretse muri Bibiliya yuko ata mvo n’imwe nari mfise yo kwanka Imana. Yehova ntiyatwaye Susanne mw’ijuru, kandi si akamarayika. Indwara yiwe yatewe n’uko abantu ari abanyagasembwa. Susanne arasinziriye mu rupfu, akaba arindiriye ko Yehova amuzura. Naramenye kandi ko yaremye abantu kugira ngo babeho ibihe bidahera mw’iparadizo ngaha kw’isi be n’uko ubu bwa vuba ivyo bigiye kuranguka. Igihe natangura gutahura uko Yehova ameze vy’ukuri, naciye ndushiriza kumwiyegereza maze umubabaro wanje uragabanuka.”​—Zaburi 37:29; Ivyakozwe 24:15; Abaroma 5:12.

Abantu amamiliyoni n’amamiliyoni barashikirwa n’ivyago bitandukanye. Nk’akarorero, ivyago umuntu aba yisangije, intambara, ikigoyi canke ivyago vy’ivyaduka. Bruni yarahumurijwe igihe yabona muri Bibiliya yuko ivyago bidushikira tudakwiye kuvyegeka kuri Yehova, yuko atari yagabiye ko abantu bocumukura, be n’uko ubu bwa vuba agiye gukuraho icitwa ikibi. Iyongerekana ry’ububisha ni icerekana yuko ubu tubayeho mu “misi y’iherezo” y’uru runkwekwe rw’ibintu. Iryo hinduka rikomeye twese tunyotewe, irizotuma ibintu bigenda neza, riri hafi.​—2 Timoteyo 3:1-5; Matayo 24:7, 8.

Ingene twomenya Imana

Hans na Bruni bahoze bafise ivyiyumviro bidatomoye ku vyerekeye Imana. Bapfa kuyemera batayizi neza. Igihe bafata umwanya wo kurondera kumenya neza Yehova, utwigoro twabo ntitwabaye impfagusa. Bararonse inyishu zibereye ku bibazo bihambaye kuruta abantu bibaza muri iki gihe. Ivyo vyaratumye baronka amahoro yo mu mutima n’icizigiro kitanyiganyiga ca kazoza. Ivyo vyarabaye no ku basavyi ba Yehova amamiliyoni.

Kurondera kumenya Yehova bihera ku gusuzuma Bibiliya twitonze, ikaba itubwira ibimwerekeye be n’ivyo adusaba. Ivyo ni na vyo abantu bamwebamwe bo mu kinjana ca mbere bakoze. Luka, umutohozakahize akaba n’umuganga, avuga yuko abari bagize ishengero ry’Abayuda ry’i Beroya mu Bugiriki, “bākiriye ijambo ry’Imana [babwiwe na Paulo be na Sila] n’umutima ukunze, basesa mu vyanditswe uko bukeye, kugira ngo bamenye y’ukw ivyo ar’ivy’ukuri.”​—Ivyakozwe 17:10, 11.

Abakirisu bo mu kinjana ca mbere, baranakoranira hamwe mu mashengero. (Ivyakozwe 2:41, 42, 46; 1 Ab’i Korinto 1:1, 2; Ab’i Galatiya 1:1, 2; 2 Ab’i Tesalonike 1:1) No muri iki gihe ni ko bimeze. Abagize amashengero y’Ivyabona vya Yehova barakoranira hamwe mu makoraniro agenewe ahanini gufasha abantu kurushiriza kwiyegereza Yehova no kugira umunezero mu murimo bamurangurira. Kwifatanya n’Ivyabona b’aho iwanyu, bivamwo ikindi ciza. Kubera ko abantu baguma barushiriza kumera nk’Imana basenga, Ivyabona vya Yehova baragaragaza kamere Yehova ubwiwe agaragaza, naho bazigaragaza ku rugero ruto. Kwikoraniriza hamwe n’Ivyabona rero, biradufasha kurushiriza kumenya Yehova.​—Abaheburayo 10:24, 25.

None ako kigoro kose ntikoba karenze urugero igihe ari ukurondera kumenya umuntu umwe gusa? Nta nkeka ko akigoro gakenewe. None si ko bimeze no ku bintu bitari bike ushaka gushikako mu buzima? Iyumvire akigoro umunonotsi rurangiranwa agira mu kwimenyereza. Nk’akarorero, umunonotsi umwe yatsindiye umudari w’inzahabu mu nkino mpuzamakungu zabereye mu Bufaransa, Jean-Claude Killy, yavuze ibikurikira ku biraba ico bisaba kugira umuntu ashobore gutsinda mu mahiganwa mpuzamakungu: “Umuntu ategerezwa gutangura kuvyitegurira hagisigaye imyaka 10 ngo izo nkino zibe, kandi akabitegekanya imyaka n’iyindi akongera akabizirikanako ku musi ku musi . . . Ni igikorwa umuntu akora imisi yose, akoresha ubwenge n’inguvu.” Ico gihe cose n’ako kigoro kose, umuntu abigira ku bw’ihiganwa rishobora kumara iminuta icumi! None kurondera kumenya Yehova, ntibivamwo ikintu gihambaye kuruta kandi kiramba kuruta?

Ubucuti buguma burushiriza gukomera

Ni nde ashaka guhomba ikintu gihambaye mu buzima? Nta n’umwe. Kubera ico, niba wumva yuko ubuzima bwawe ata ntumbero bufise, canke nimba unyotewe kuronka insobanuro y’igituma ivyago bishika, niwiyemeze rero kurondera kumenya Yehova, we Mana yahumetse Bibiliya. Kwiga ibimwerekeye birashobora koko guhindura ubuzima bwawe bukamera neza, ukaramba.

Twoba tuzokwigera duhagarika kwiga ivyekeye Yehova? Abamaze imyaka n’iyindi bamukorera, baracatangazwa n’ivyo bize ku biraba Yehova be n’ibindi babandanya kwiga ku bimwerekeye. Kwiga ibintu nk’ivyo, bituma tugira umunezero kandi bigatuma turushiriza kumwiyegereza. Nimuze twemere ivyiyumviro intumwa Paulo yaseruye igihe yandika ati: “Yō, uburebure bg’amajepfo bg’ubutunzi bg’ubgenge no kumenya vy’Imana! Imigabo yayo ntishobora kubariritswa, n’inzira zayo ntizigira akehe! Ni nde yamenye umutima w’Uhoraho? Canke ni nde yabaye umujanama wiwe?”​—Abaroma 11:33, 34.

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 12 Amazina yarahinduwe.

[Iciyumviro ku rup. 5]

Abantu baracibaza ibi bibazo bihambaye: ‘Kubera iki ndi ngaha kw’isi? Ndiko nja he? Intumbero y’ubuzima ni iyihe?’

[Iciyumviro ku rup. 6]

“Igihe natangura gutahura uko Yehova ameze vy’ukuri, naciye ndushiriza kumwiyegereza”

[Iciyumviro ku rup. 7]

“Gusukurira Yehova, ni bwo buryo bwiza kuruta bwo kubaho. Nta co wobigereranya. Kumenya Yehova vyaratumye ubuzima bwanje bugira intumbero”