Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

‘Yaratwigishije kwubaha idini ryiwe’

‘Yaratwigishije kwubaha idini ryiwe’

‘Yaratwigishije kwubaha idini ryiwe’

ICABONA ca Yehova wo mu ntara ya Rovigo mu Butaliyano, yaramenye ko afise ikivyimba be n’uko amagara yiwe ageze habi. Amaze kuja mu bitaro akatari gake, aho yasaba ko bomuvura batarinze kumutera amaraso, yarafashirijwe i muhira iwe n’abaforoma bo mw’ishirahamwe ry’aho hantu ritanga abaforoma ngo bafashe abarwayi ba kanseri.

Ukwizera gukomeye hamwe n’ishaka uwo murwayi w’imyaka 36 yari afise ryo gusenyera ku mugozi umwe n’abandi, vyarajoreje rwose abamuvura. Gatoyi imbere y’uko uwo murwayi yicwa na kanseri, umwe mu baforoma bamufasha yaranditse mu kinyamakuru c’abaforoma ibijanye n’ivyabaye ku murwayi yita Angela.

“Angela aguma ashwashwanutse kandi arashaka kubaho. Arazi neza ingene amerewe be n’ukuntu indwara yiwe ikomeye, kandi nk’uko uwo ari we wese muri twebwe yobigira, aguma arondera ingene yokira, ni ukuvuga ko aguma arondera umuti. . . . Twebwe abaforoma twagiye turamenyana na we buhorobuhoro. Ntiyaturwanije. Ahubwo riho, ukudahisha kwa Angela kwatumye vyose vyoroha. Vyaratera umunezero kumufasha, kubera yuko twaba tuzi ko tugiye kumarana umwanya n’umuntu w’inziraburyarya be n’uko tuhungukira twese. . . . Bidatevye twaciye dutahura ko idini ryiwe ryari rigiye kutubera intambamyi mu kuvura indwara yiwe”. Ukwo ni ko yiyumvira kuko yibaza ko Angela yohava aterwa amaraso, ivyo na vyo akaba yaravyanka.—Ivyakozwe 15:28, 29.

“Kubera ko turi abantu bakanongoreye mu vyo kwitwararika abarwaye, twarabwiye Angela ko tudashigikiye ingingo yafashe, ariko abidufashijemwo, twaratahuye ico ubuzima bwasigura kuri we. Twaratahuye kandi agaciro k’idini bari basangiye n’umuryango wiwe. Angela ntiyatanye n’akabando. Ntiyatsinzwe n’iyo ndwara. Arashikamye. Ashaka kubaho, kurwana ngo abeho, no kubandanya kubaho. Yaravuze umwiyemezo wiwe n’ivyo yemera. Arafise umwiyemezo usanga kenshi tudafise, kandi ntidufise ukwizera gushikamye nk’ukwo afise. . . . Angela yaratwigishije akamaro ko kwubaha idini ryiwe, kikaba ari ikintu gitandukanye cane n’amategeko yacu y’akazi. . . . Turemera ko ivyo Angela yatwigishije bifise akamaro kanini, kubera yuko duhura n’abantu b’ubwoko bwose, ibintu bitandukanye be n’amadini y’ubwoko bwose, kandi turashobora kugira ico tuhigiye, vyongeye tukagira ico dufashije uwo ari we wese duhuye”.

Ikiganiro co muri ico kinyamakuru caciye rero gishimika ku cegeranyo c’amategeko y’akazi agenga abaforoma b’Abataliyano cemejwe mu 1999, ikigira giti: “Umuforoma arangura igikorwa ciwe yisunze idini umuntu arimwo, inyifato be n’imico kama vyiwe n’ibara ry’urukoba hamwe n’igitsina vyiwe”. Rimwe na rimwe, abaganga n’abaforoma birashobora kubagora kwubahiriza ivyo umurwayi yemera bijanye n’idini, kandi nta kindi umuntu yogira atari ugukengurukira abemera kuvyubahiriza.

Ingingo Ivyabona vya Yehova bafata ku vyerekeye amagara yabo be n’ukuntu bitwararikwa mu vy’ubuvuzi biba vyitondewe. Bararimbura ata gufyina ico Ivyanditswe bivuga, kandi nk’uko ivya Angela vyabigaragaje, ntibarenza urugero mu kwemera kwabo (Ab’i Filipi 4:5). Kw’isi yose, abakanongoreye mu vyo kwitwararika abarwaye barushiriza kwongerekana barafise umutima ukunze wo kwubahiriza ijwi ryo mu mutima ry’abarwayi babo b’Ivyabona.