Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Imana irakubabaye koko

Imana irakubabaye koko

Imana irakubabaye koko

NI IBISANZWE ko dutakambira Imana igihe tugeze habi. Nakare, ‘irahambaye kandi ni inyenkomezi nyinshi; ubwenge bwayo ni akaburarugero’ (Zaburi 147:5). Ni yo ishoboye kudufasha gutorera umuti ingorane zacu kuruta uwundi muntu uwo ari we wese. N’ikigeretseko, Bibiliya idutumira ‘gusuka ivyo mu mitima yacu’ imbere yayo (Zaburi 62:8). Ni kubera iki none abantu benshi cane babona ko umenga Imana ntiyishura amasengesho yabo? Ivyo vyoba bisobanura yuko ata co ibabaye?

Aho guca wagiriza Imana yuko isa n’aho umenga yiyicariye ngaho ata co ikora, niwibuke igihe wari umwana mutoyi. Abavyeyi bawe badaciye bakuronsa ico ubasavye cose, woba waca ubagiriza yuko batagukunda? Abana benshi ni ko bagira. Ariko rero, aho umariye gukura warabonye yuko urukundo rugaragazwa mu buryo bwinshi be n’uko guca wemerera umwana ku kantu kose agusavye atari co kintu vy’ukuri kiranga urukundo umuntu yokora.

Mu buryo nk’ubwo nyene, niba Yehova adaciye imisi yose yishura amasengesho yacu nk’uko twabishaka, ntibisigura ko aba ariko aratwinyusha. Vy’ukuri, Imana iratwitwararika twese mu buryo bwinshi.

‘Muri yo ni ho tubeshejweho’

Ubwa mbere hoho, ‘turiho, tukagenda kandi tukaba turi n’ubuzima’ kubera Imana (Ivyakozwe 17:28). Kuba yaraduhaye ubuzima, birerekana vy’ukuri ko itwitwararikana urukundo!

Vyongeye, Yehova araduha ivyo dukenera kugira tubeho. Dusoma duti: “Umereza inka ubgatsi, umeza imboga zo kugaburira abantu, kugira ng’ubakūrire umutsima mw ivu” (Zaburi 104:14). Kukaba nkako, Umuremyi wacu aragira n’ibindi uretse gusa ukuduha ivya nkenerwa mu buzima. Aratanga atitangiriye itama “imvura iva mw ijuru, n’ibihe vy’ivyimburo vyiza, [akadu]hāza ivyo kurya, yuzuza imitima ya[c]u umunezero”.—Ivyakozwe 14:17.

Mugabo rero, hari aboca bibaza bati: ‘Niba Imana idukunda bigeze iyo hose, ni kubera iki ireka tugacumukura?’. Ico kibazo woba ugifitiye inyishu?

Imana yoba ari yo yovyagirizwa?

Myinshi mu mibabaro icumukuza abantu usanga ari iyo ubwabo bitera. Nk’akarorero, akaga kava ku bikorwa bimwebimwe bishobora gutera isanganya bitagoranye karazwi rwose. Yamara, ntikibuza ko abantu bisuka mu bushegabo, mu vy’ukunywa inzoga zirenze urugero, mu vy’ukwihereza ibiyayura umutwe, mu vy’ukunywa itabi, bakaja no mu nkino zishira ubuzima mu kaga, bagatwara umuduga banyaruka kurenza urugero, eka bakaja no mu bindi. Umuntu yisutse muri mwene iyo nyifato iteye akaga hanyuma akamererwa nabi, ni nde yovyagirizwa? Ni Imana canke ni uwo muntu aba yakoze mu buryo butaranga ubukerebutsi? Ijambo ry’Imana ryahumetswe rivuga riti: “Ntimuzimire: Imana yo nticokorwa; kukw ic’umuntu abiba cose ari co azokwimbura”.—Ab’i Galatiya 6:7.

N’ikindi kandi, abantu baragiriranira nabi. Igihe igihugu kinaka ciyemeje ku mugaragaro kurwana n’ikindi, Imana si yo yobazwa amarushwa ivyo bizana. Igihe inkozi y’ikibi iteye umunyagihugu mugenziwe, Imana yoba ari yo yobibazwa igihe uwo munyagihugu akomeretse canke agapfa? Nawe uravyumva ko atari yo yobibazwa! Mu gihe umutegetsi atwaza igikenye ahahaje abo atwara, abatoteje canke abagandaguye, twoba dukwiye guca tuvyegeka ku Mana? Nawe urumva ko bitoba vyumvikana.—Umusiguzi 8:9.

Bite none ku bantu amamiliyoni bari mu bukene butovugwa canke bishwe n’ikigoyi? Imana yoba ari yo yobibazwa? Eka da! Iyi si tubako iratanga imfungurwa umukimba z’ikirenga zokwira abantu bose (Zaburi 10:2, 3; 145:16). Kuba izo mfungurwa umukimba Imana itanga zitagabanganywa ku rugero rungana ni vyo bituma inzara be n’ubukene bikwiragira. Ubwikunzi bw’abantu na bwo buratuma iyo ngorane idatorerwa umuti.

Ikintu nyamukuru kibitera

Umuntu arwaye canke agapfa biturutse ku busaza, ni nde none yobibazwa? Vyoba vyogutangaza kumenya yuko Imana atari yo yobazwa n’ivyo na vyo? Imana ntiyari yaremeye umuntu gusaza no gupfa.

Igihe Yehova yashira wa mugabo n’umugore ba mbere Adamu na Eva mw’itongo ry’i Edeni, yarabahaye icizigiro co kubaho ibihe bidahera mw’isi y’iparadizo. Ariko rero, biribonekeza ko yashaka ko isi ibako abantu baha agaciro iyo ntoranwa bari bahawe. Kugira rero bashobore kubaho ibihe bidahera, hari ico yabasavye. Adamu na Eva bobaye mw’Iparadizo ari uko gusa bagumye bagamburukira Umuremyi wabo munyarukundo.—Itanguriro 2:17; 3:2, 3, 17-23.

Ikibabaje, ni uko Adamu na Eva bagambaraye. Eva yahisemwo kwumviriza Shetani wa Mucokoranyi. Shetani yaramubeshe maze ku bwa ngingo avuga yuko hari ikintu ciza Imana yariko imwima. Yaciye rero atangura ingendo y’ubwigenge hanyuma arondera “[ku]mera nk’Imana ku vyo kumenya iciza n’ikibi”. Adamu yarifatanije na Eva mu bugarariji bwiwe.—Itanguriro 3:5, 6.

Aho Adamu na Eva bamariye gucumura muri ubwo buryo, bari berekanye ko batabereye kubaho ibihe bidahera. Bariboneye ingaruka zibabaje z’icaha. Inkomezi zabo be n’ingoga zabo vyarayamye, hanyuma amaherezo barapfa (Itanguriro 5:5). Ariko rero, ubugarariji bwabo bwaragize n’izindi ngaruka zikomeye cane. Turacacumukuzwa n’ingaruka z’icaha ca Adamu na Eva. Intumwa Paulo yanditse ati: ‘Icaha cazanywe mw’isi n’umuntu umwe [Adamu], urupfu ruzanwa n’icaha, ni ko urupfu rwakwiragiye ku bantu bose, kuko bose bakoze ivyaha’ (Abaroma 5:12). Emwe, bivuye ku bugarariji bwa Adamu na Eva, icaha n’urupfu vyarakwiragiye mu bantu bose nk’ikiza cica.

Ikimenyamenya gikomeye kuruta ibindi vyose c’uko Imana itubabara

Ivyo vyoba bisobanura yuko ibiremwa-bantu vy’Imana vyari vyononekaye akagirire? Habe namba. Aha rero duca dushika ku kimenyamenya gikomeye kuruta ibindi vyose c’uko Imana itubabaye. Imana, biyitwaye ikintu kinini cane, yaratanze uburyo bwo gucungura abantu mu caha n’urupfu. Ikiguzi yatanze kugira ngo abacungure cabaye ubuzima bwa Yezu, ubwo yadutangiye avyishakiye (Abaroma 3:24). Ku bw’ivyo, intumwa Yohani yanditse ati: “Urukundo Imana yakunze abari mw isi [ni] rwo rwatumye itanga Umwana wayo w’ikinege, ng’ūmwizera wese ntaz’apfe rubi, arikw ahabge ubu[zima] budashira” (Yohana 3:16). Bivuye kuri ico kintu gihambaye kiranga urukundo Imana yakoze, twarasubiye kugira icizigiro co kubaho ibihe bidahera. Paulo yandikiye Abaroma ati: “Ya ngabire yazanywe n’igikorwa kigororotse kimwe ku bantu bose, ngo batsindanishirizwe baronke ubu[zima]”.—Abaroma 5:18.

Turashobora guhera amazinda yuko igihe Imana yashinze kigeze, hatazosubira kubaho ugucumukura canke urupfu kuri iyi si tubako. Mu gishingo c’ivyo, ibi bintu vyabuwe mu gitabu c’Ivyahishuriwe ni vyo bizoba vyiganje: “Eh’ihema ry’Imana riri kumwe n’abantu, kand’izogerēra muri bo, na bo bazoba abantu bayo, kand’Imana ubgayo izobana na bo, izoba Imana yabo. Izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kand’urupfu ntiruzoba rukiriho, kand’amaborogo no gutaka n’uburibge ntibizoba bikiriho: kukw ivya mbere bishize” (Ivyahishuriwe 21:3, 4). Hari aho wovuga uti: ‘Sinzoba nkiriho ngo mbone ico gihe’. Ariko rero, urashobora kuzoba ukiriho. Mbere naho vyoshika ugapfa, Imana irashobora kukuzura mu bapfuye (Yohana 5:28, 29). Ivyo ni vyo Imana itegekanya kudukorera, kandi ivyo ni vyo bizoba. Mbega ukuntu umuntu yoba yihenze rwose avuze ko Imana itababaye abantu!

‘Niwiyegereze Imana’

Birahumuriza kumenya yuko Imana yatanguye gushiraho umuti uramba kandi wamaho ku ngorane y’ugucumukura kw’abantu. Tuvuge iki none ubu? Twokora iki mu gihe tubuze uwacu canke umwana wacu akarwara? Urumva, ntiharagera yuko Imana ikuraho indwara n’urupfu. Bibiliya yerekana yuko bizosaba ko turindira kandi gatoyi kugira ngo ivyo bitorerwe umuti. Mugabo Imana ntiyaduhevye. Wa mwigishwa Yakobo yanditse ati: “Mwiyegereze Imana, na yo izobēgēra” (Yakobo 4:8). Vyemere, Umuremyi wacu adutumira kugiranira ubucuti bwa somambike na we, kandi abafitaniye na we ubwo bucuti ntibazokwigera bareka kwiyumvamwo yuko abashigikira no mu bihe bigoye cane.

None twiyegereza Imana gute? Haraciye nk’imyaka ibihumbi bitatu wa Mwami Dawidi abajije ikibazo nk’ico ati: “Uhoraho, . . . ni nde azogerēra ku musozi wawe wera” (Zaburi 15:1). Dawidi yarihaye inyishu igihe yavuga ati: “N’ūgendera mu bitunganye, agakora ivy’ukugororoka, akavuga ukuri mu mutima wiwe. Ūtarementanisha ururimi rwiwe, ntagirire nabi mugenzi we” (Zaburi 15:2, 3). Mu yandi majambo, Yehova yākīra abakurikira ya ngendo Adamu na Eva batera akagere. Ariyegereza abakora ivyo agomba.—Gusubira mu vyagezwe 6:24, 25; 1 Yohana 5:3.

Dushobora gute gukora ivyo Imana igomba? Turakeneye kumenya “[ibintu] vyiza vyemerwa mu nyonga z’Imana Umukiza wacu”, maze tugaca duhitamwo gukora tuvyisunga (1 Timoteyo 2:3). Ivyo birimwo kwironsa ubumenyi ntagakosa bwerekeye Ijambo ry’Imana Bibiliya (Yohana 17:3; 2 Timoteyo 3:16, 17). Kwironsa ubwo bumenyi si ugupfa gusa gusoma Bibiliya tuyeyemvya. Turakeneye kwigana akarorero ka ba Bayuda b’i Beroya bo mu kinjana ca mbere bumviriza Paulo ariko yigisha. Ku biberekeye, dusoma duti: “Bākiriye ijambo ry’Imana n’umutima ukunze, basesa mu vyanditswe uko bukeye, ngo bamenye yukw ivyo ar’ivy’ukuri”.—Ivyakozwe 17:11.

No muri iki gihe nyene, kwiga Bibiliya tunoganza birakomeza ukwizera Imana kwacu bikongera bikadufasha kwunga ubucuti na yo (Abaheburayo 11:6). Biradufasha kandi gutahura neza ivyo Yehova agirira abantu, atari gusa ku bw’ivyiza vy’igihe gito, mugabo canecane ku bw’ineza y’igihe kirekire ku bamugororokera bose.

Rimbura ivyo abakirisu bamwebamwe bafitaniye ubucuti bwa somambike n’Imana bivugiye. Danielle w’imyaka 16 avuga ati: “Ndakunda cane Yehova, kandi ndafise vyinshi vyo kumukengurukira. Yarampaye abavyeyi b’abanyarukundo bamukunda vy’ukuri kandi banyigishije mu buryo buhuye n’Ijambo ryiwe”. Umukirisu wo mu gihugu ca Irigwe na we yandika ati: “Umutima wanje wuzuye ugukenguruka, kandi numva mvyurirwa umutima wo gushimira Yehova ku bw’ubuntu ntabereye angirira no kubona ambera umugenzi”. Imana iraha ikaze n’abana batoyi. Gabriela w’imyaka indwi avuga ati: “Nkunda Imana kuruta ikindi kintu ico ari co cose kiri mw’isi! Ndifitiye Bibiliya yanje bwite. Ndakunda kwiga ivyerekeye Imana be n’Umwana wayo”.

Muri iki gihe, abantu amamiliyoni mw’isi yose baremeranya babigiranye umutima wabo wose n’umwanditsi wa Zaburi, uwavuze ati: “Kwēgēra Imana ni kwo kumbereye amahirwe” (Zaburi 73:28). Barafashijwe kwihanganira ingorane bahangana na zo muri iki gihe, kandi barafise icizigiro ntakekeranywa c’ukuzoba kw’isi izoba yabaye Iparadizo (1 Timoteyo 4:8). Kubera iki ‘kwiyegereza Imana’ utobigira ryo hangiro ryawe? Kukaba nkako, dukurwa amazinda duti: “[Nti]ri kure y’umuntu n’umwe muri twebge” (Ivyakozwe 17:27). Vyemere, Imana irakubabaye koko!

[Amafoto ku rup. 5]

Ivy’uko Yehova atwitwararika bibonekera mu buryo bwinshi

[Ifoto ku rup. 7]

N’abana bato barashobora kwiyegereza Imana

[Ifoto ku rup. 7]

Muri iki gihe, Yehova aradufasha kwihangana. Igihe yashinze kigeze, azokuraho indwara n’urupfu