Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Inkuru y’ubuzima

Inkuru y’ubuzima

Inkuru y’ubuzima

Naragize ubuzima bumara akanyota naho nagiye ndagira intuntu

NK’UKO VYAVUZWE NA AUDREY HYDE

Ntereje amaso inyuma ku myaka 63 maze mu busuku bw’igihe cose, 59 nkaba nayimaze ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova, ndashobora kuvuga yuko ubuzima bwanje bwabaye ubuzima bumara akanyota. Ego ni ko, kubona umugabo wanje wa mbere ari ku mpfiro kubera kanseri be n’umugabo wanje agira kabiri aremvye bivuye kuri ya ndwara yonona ubwoko bitiriye Alzheimer (maladie d’Alzheimer), cari ikintu gitera umwiheburo. Mugabo, reka ndababwire ingene nagumanye umunezero naho nashikiwe n’ivyo vyago.

NAKURIYE mw’itongo twarimamwo tukongera tukororeramwo ryari hafi y’igisagara gitoyi ca Haxtun, mu biyaya biri mu Buraruko bushira Ubuseruko bw’intara ya Colorado, hafi y’urubibe iyo ntara ihana n’intara ya Nebraska. Nari umwana agira gatanu mu bana batandatu ba Orille Mock na Nina. Russell, Wayne, Clara na Ardis bavutse hagati y’umwaka wa 1913 n’umwaka wa 1920, nanje mvuka mu mwaka ukurikira. Curtis yavutse mu 1925.

Mu 1913, mawe yarabaye Umutohoji wa Bibiliya, nk’uko Ivyabona vya Yehova bitwa ico gihe. Mu nyuma twese abasigaye mu rugo twahavuye dukurikira.

Tugira ubuzima bumeze neza muri ivyo Biyaya

Dawe yari umuntu ashima gutera imbere. Inzu zacu zose zari muri nya tongo zarimwo amatara y’umuyagankuba, kikaba cari ikintu c’imbonekarimwe muri iyo misi. Twarinovora kandi ivyo twirimira be n’ivyava mu bworozi bwacu, nk’amagi yaba yatawe n’inkoko twari tworoye be n’amata n’amavuta vyava mu nka zacu bwite. Twarimisha amafarasi kandi tukarima inkere n’ibiraya, be n’ingano n’ibigori.

Dawe yabona ko twebwe abana dukwiye kwiga gukora. Eka n’imbere yuko ntangura ishure, naramenyerejwe gukora mu mirima. Ndibuka ibihe vyo mu ci, igihe izuba ryaba rimena imbwa agahanga, turiko tubagara imirongo miremire y’ibiterwa mu murima iwacu. Naribaza nti: ‘Mbega yemwe ndaza gushika hariya umurongo uherera?’. Narabira icuya umubiri wose, inzuki na zo zikandya. Vyarashika nkabona ko nigorewe kubera ko abandi bana batakora cane nk’uko twebwe twakora. Ariko rero, mvugishije ukuri, iyo ntereje akajisho ku bwana bwanje, ndakenguruka kubona twarigishijwe gukora.

Twese twari dufise ibikorwa dushinzwe. Ardis yari azi gukama neza kundusha, ari co gituma akazi kanje kari ako gusukura utwumba tugize ikibandahori c’amafarasi, nkaza ndakuka amase nkoresheje igipawa. Yamara rero, twariryohera tukongera tugakina n’udukino. Twe na Ardis twarakina urukino rw’agapira gatoyi rwitwa softball mu mugwi wo mu karere twabamwo. Jewe nakina mu kibanza ca gatatu, Ardis na we mu kibanza ca mbere.

Ijuru rikeye ryo mw’ijoro wasanga riryoheye ijisho muri ivyo biyaya. Inyenyeri ibihumbi n’ibihumbi nabona zaca zinyibutsa Umuremyi wacu Yehova Imana. Eka mbere n’igihe nari nkiri umwana, narazirikana kuri ya Zaburi 147:4, ahavuga ngo: “[Yehova] aharūra inyenyeri uko zingana, zose azita amazina yazo”. Kenshi na kenshi muri ayo majoro wasanga ijuru rikeye, imbwa yacu yitwa Judge yarashira umutwe ku bibero vyanje kandi ikanamperekeza. Akenshi naricara mw’ibaraza ku muhingamo hanyuma nkitegereza imirima y’ingano itotahaye igihe umuyaga waba uriko uyicamwo, ugatuma isa n’ifeza igihe irasiweko n’izuba.

Akarorero keza mawe yaduha

Mawe yari umukenyezi akorana ubwira n’umutima mwiza. Dawe yari umuntu yama yitwararika ibanga rya serugo, kandi mawe yaratwigisha kumwubaha. Mu 1939, na we nyene yarabaye Icabona ca Yehova. Twari tuzi ko dawe adukunda naho nyene yadukoresha cane kandi akaba atadufyinisha. Akenshi mu rushana, yarabohera amafarasi abiri ku mukogote hanyuma agaca awudutwaramwo. Urazi ukuntu twaryoherwa n’ukubona mwene ya mabarafu ameze nk’urubura aca ibibatsi!

Ariko rero, mawe ni we yatwigishije gukunda Imana no kwubaha Bibiliya. Twaramenye yuko izina ry’Imana ari Yehova be n’uko ari yo Sôko ry’ubuzima (Zaburi 36:9; Zaburi 83:18, NW). Twaramenye kandi ko yaturonkeje inyobozo, atari izo kutunyaga umunezero, ariko zo kutugirira akamaro (Yesaya 48:17). Mawe yaguma atwereka ko hariho igikorwa kidasanzwe tubwirizwa gukora. Twaramenye yuko Yezu yabwiye abayoboke biwe ati: “Ubu butumwa bgiza bg’ubgami buzovugwa mw isi yose, ngo bube ikimenyetso kibere icabona amahanga yose, maz’umuhero uzoca uza”.—Matayo 24:14.

Muri iyo misi yo mu bwana bwanje, igihe cose ntashe mvuye kw’ishure hanyuma ngasanga mawe atari mu nzu, naca nja kumurondera. Igihe kimwe mfise nk’imyaka itandatu canke indwi, namusanze mu kazu k’ubushinguro. Imvura yaciye itangura kugwa ari nyinshi cane. Twari mu gice co hejuru c’ako kazu, ahabikwa ivyatsi vy’ibitungwa, nca ndamubaza nimba Imana yagomba izane uwundi Mwuzure. Yankuye amazinda yuko Imana yasezeranye ko itosubiye gusangangura isi ikoresheje umwuzure. Ndibuka kandi incuro zitari nke nirukira mu kazu k’epfo mu kuzimu kubera ko hakunda kuba ibivumbuzi.

N’imbere y’uko mvuka, mawe yaraja mu gikorwa co kwamamaza. Hari umugwi w’abantu wahurira mu nzu yacu, bose bakaba bari bafise icizigiro co kuzobana na Kirisitu mw’ijuru. Naho kwamamaza inzu ku nzu rwari urugamba kuri mawe, yararetse urukundo yakunda Imana ruratsinda ubwoba yari afise. Yagumye ari umwizerwa gushika ku musi wiwe wo gupfa ku wa 24 Munyonyo 1969 ashikanye imyaka 84. “Ma, uragiye mw’ijuru kandi uzokwibanira n’abo muzinanye”. Ukwo ni ko namwongoreye mu gutwi. Ese ukuntu nahimbawe kuba narashoboye kuba ndi kumwe na mawe ico gihe hanyuma nkamubwira ko ivyo ari vyo nizigiye! Yavuze buhorobuhoro ngo, “Umbwiye akajambo keza, kibondo”.

Dutangura kwamamaza

Mu 1939, Russell yarabaye umutsimvyi, nk’uko abamamaji b’inkuru nziza b’igihe cose bo mu Vyabona vya Yehova bitwa. Yarakoreye ubutsimvyi mu ntara ya Oklahoma be n’iya Nebraska gushika mu 1944, aca atumirwa gukorera ku cicaro gikuru c’Ivyabona vya Yehova (citwa Beteli) kiri i Brooklyn muri New York. Natanguye gukora ubutsimvyi ku wa 20 Nyakanga 1941, maze ndakorera mu bibanza bitandukanye vy’i Colorado, i Kansas n’i Nebraska. Iyo myaka y’ubutsimvyi yari imyaka y’agahimbare, atari kubera gusa yuko nashobora gufasha abandi kumenya ivyerekeye Yehova, mugabo kandi kubera ko nize kumwizigira.

Igihe Russell yatangura gukora ubutsimvyi, Wayne yari muri kaminuza yo ku nkengera yo mu Buseruko, imbere yuko aja kuri iyo kaminuza akaba yari yaramaze igihe akora akazi. Mu nyuma, yaratumiwe kuri Beteli. Yaramaze igihe akorera kw’Iyororero-rimiro ry’Ubwami, hafi y’i Ithaca muri New York. Ngaho, hararimwa ibifungurwa vy’abantu bakeyi bakorera ngaho be n’abakozi bashika 200 bakorera kuri Beteli y’i Brooklyn. Wayne yarakoresheje ubuhanga bwiwe be n’ubumenyi yari afise mu murimo wa Yehova gushika apfuye mu 1988.

Mwenewacu Ardis yubakanye na James Kern hanyuma bavyarana abana batanu. Yapfuye mu 1997. Mukuru wanje Clara yagumye ari umwizerwa kuri Yehova gushika n’uyu musi, kandi igihe ndi mu karuhuko, ndabandanya kumugendera i muhira iwe i Colorado. Musaza wacu w’umuhererezi Curtis yaje kuri Beteli y’i Brooklyn hagati mu myaka ya 1940. Yatwara urukamyo rujana ibifungurwa be n’ivyimburwa bitandukanye akarujana canke akarukura kw’Iyororero-rimiro ry’Ubwami. Ntiyigeze yubaka urwiwe, akaba yapfuye mu 1971.

Icipfuzo canje cari ico gukorera kuri Beteli

Basazanje bankurira bari baragiye kuri Beteli, maze nanje nkaba nari mfise icipfuzo co kuja gukorerayo. Ndazi neza ntakekeranya yuko akarorero kabo keza ari ko katumye ntumirwa kujayo. Kwumviriza mawe ariko avuga ivyerekeye kahise k’ishirahamwe ry’Imana nkongera nkibonera iranguka ry’ubuhanuzi bwa Bibiliya bwerekeye imisi y’iherezo, vyaratsimbataje muri jewe icipfuzo co gukorera kuri Beteli. Narasezeraniye Yehova mw’isengesho yuko aramutse andetse ngakorera kuri Beteli, ntokwigeze mvayo kiretse habaye amabanga ya gikirisu ntegerezwa kurangura.

Nashitse kuri Beteli ku wa 20 Ruheshi 1945, hanyuma nshingwa gukora isuku. Nari mfise ivyumba 13 vyo kugirira isuku be n’ibitanda 26 vyo gusasa ku musi ku musi, hakaba kandi hariho n’amakoridoro be n’ingazi nategerezwa kugirira isuku. Cari igikorwa kiruhisha. Imisi yose ndi ku kazi, naguma nibwira nti: ‘Ego ni ko, urarushe, mugabo uri kuri Beteli, inzu y’Imana!’.

Mu ntango z’umurimo wanje wo kuri Beteli, hari ikintu giteye ubuyega cambayeko. Kubera ko nari narerewe mu rutoki, sinari nzi ko icitwa dumbwaiter ari akuma gatoyi kaduza ibifungurwa n’ivyombo mu magorofa, [igice kimwe c’iryo jambo ari co waiter kikaba mu bisanzwe gisobanura umuntu asereva]. Reka rero umusi umwe nitabe telefone imbwira ngo “Ubona worungika dumbwaiter hasi?”. Nyene kumpamagara yaciye asubizako telefone ubwo nyene, maze sinamenya ico ndi bukore. Mugabo, naciye nibuka ko umwe mu bavukanyi baba mu vyumba nari nshinzwe kugiramwo isuku yakora igikorwa co gusereva. Naciye rero ndodora ku rugi iwe hanyuma ndamubwira nti: “Hasi mu gikoni barakurondera”.

Nubakana na Nathan Knorr

Kuva mu myaka ya 1920, Abanyabeteli bipfuza gushinga izabo baca basabwa kuva muri Beteli hanyuma bakaja gukorera ivyungura Ubwami ahandi hantu. Mugabo, mu ntango z’imyaka ya 1950, hari abari bareshanije bakeyi bari bamaze igihe basukurira kuri Beteli barekuriwe kuguma kuri Beteli bamaze kurushinga. Ku bw’ivyo, igihe Nathan Homer Knorr, uwari ico gihe arongoye igikorwa c’Ubwami co kw’isi yose yangomwa, naciye nibwira nti: ‘Nguyu umuntu azoguma kuri Beteli!’.

Nathan yari afise amabanga menshi ajanye n’uguhagarikira igikorwa c’Ivyabona vya Yehova co kw’isi yose. Ku bw’ivyo, yarambwiza ukuri, akampa imvo nyinshi zijanye n’igituma nkwiye kubanza kuzirikana nitonze imbere yo kwemera ico yari yansavye c’uko twokwubakana. Muri iyo misi, yarakunda gufata ingendo nyinshi cane aja kugendera amashami y’Ivyabona vya Yehova yo hirya no hino kw’isi, kandi akenshi akaba yagenda kumara indwi zitari nke icarimwe. Ku bw’ivyo, yaransiguriye ko nogiye ndamara imisi tutari kumwe.

Nkiri umwigeme, narota kuzokwubaka mu gihe c’impeshi hanyuma tukagira rwa rugendo rw’ukwiryohera rw’abageni mu mazinga ya Hawayi ari muri Pasifike. Reka rero bishike nze mbona nubatse urwanje mu rushana, ku wa 31 Nzero 1953, maze duca tugira urugendo rwacu rw’ukwiryohera kuri uwo wa gatandatu nyene be no ku w’iyinga mu ntara ya New Jersey. Ku wa mbere, twaciye dusubira ku mirimo. Ariko rero, hashize indwi twarafashe akaruhuko k’indwi yose tuja muri rwa rugendo abageni bagira baja kwiryohera.

Yari umugenzi akora cane

Nathan yari afise imyaka 18 igihe yashika kuri Beteli mu 1923. Yaramenyerejwe mu buryo ngirakamaro n’abantu bazi utuntu n’utundi, nka Joseph Franklin Rutherford yari ahagarikiye igikorwa c’Ivyabona vya Yehova be na Robert J. Martin yari ahagarikiye icapuriro. Igihe umuvukanyi Martin yapfa muri Nyakanga 1932, Nathan yaciye aba umuhagarikizi w’icapuriro. Mu mwaka ukurikira, umuvukanyi Rutherford yarajanye na Nathan igihe yagendera amashami y’Ivyabona vya Yehova yo mu Buraya. Muri Nzero 1942, igihe umuvukanyi Rutherford yapfa, Nathan yaciye ashingwa ibanga ryo guhagarikira igikorwa c’Ivyabona vya Yehova co kw’isi yose.

Nathan yari umuntu abona kure, akaba yaguma atunganya ibintu imbere y’igihe ku bw’iterambere ryo muri kazoza. Bamwebamwe babona yuko ivyo bitabereye kubera ko iherezo ry’uru runkwekwe rw’ibintu ryabonwa ko riri hafi cane. Kukaba nkako, hari umuvukanyi umwe yabonye urutonde rw’ivyo Nathan yariko yitegurira gukora araheza amubaza ati: “Ibi ni ibiki ga muvukanyi Knorr? Mbega wewe ntiwizera ko iherezo rigira rishike?”. Yishuye ati: “Ndavyizera nyene, mugabo hamwe iryo herezo ritoca rishika vuba nk’uko tuvyiteze, tuzoba twiteguye”.

Kimwe mu bintu Nathan yiyumvira canecane, kwari ugushinga ishure rimenyereza abamisiyonari. Ku bw’ivyo, ku wa 1 Ruhuhuma 1943, ishure ry’abamisiyonari ryaratangujwe kuri rya Yororero-rimiro rinini musazanje Wayne yakorerako ico gihe. Naho iryo shure ryari rigizwe n’ivyigwa vy’urutavanako bishingiye kuri Bibiliya bimara amezi nk’atanu, Nathan yaritwararika ivy’uko abanyeshure baza baracishamwo bakaruhuka. Mu gihe c’amasomero ya mbere na mbere, yarajamwo mu dukino tw’agapira, ariko mu nyuma ntiyakinye, ku bwo gutinya ko yohava akomereka maze bikamubuza kwitaba amahwaniro y’intara yo mu ci. Aho kujamwo mu rukino, yahitamwo kuba umuhagarikizi w’urukino. Abanyeshure barahimbawe igihe yagira ikintu kitajanye n’urukino agahindura amategeko arugenga ku bw’ineza y’abanyeshure baturuka mu bindi bihugu.

Tujana na Nathan mu ngendo

Nahavuye ntangura kujana na Nathan mu ngendo zo mu mahanga. Narakunda gusangira ivyabonywe n’abishakire bakorera kw’ishami be n’abamisiyonari. Narashoboye kwibonera urukundo rwabo be n’ukwitanga kwabo, kandi naramenye ivyerekeye ibikorwa vyabo vya misi yose be n’uburyo bari babayeho mu bihugu barungitswe gukoreramwo. Mu myaka n’iyindi, narabandanije kuronka amakete y’abandika bakenguruka ku bw’ingendo nk’izo.

Ntereje amaso inyuma nkaraba ingendo twagira, nca nibuka ivyo niboneye bitari bike. Nk’akarorero, igihe twagendera igihugu ca Polonye, hari abavukanyikazi babiri bariko bavugana ubwongoshwe imbere yanje. Naciye ndababaza nti: “Kubera iki muriko muvugana ubwongoshwe?”. Baciye basaba imbabazi, basigura yuko bari baramenyereye kuvuga ubwongoshwe igihe igikorwa c’Ivyabona vya Yehova cari carabujijwe muri Polonye, inzu zabo na zo zikaba zanyegezwamwo ibifata amajwi y’abantu, ata n’umwe abizi.

Umuvukanyikazi Adach ni umwe mu bavukanyikazi benshi bakoreye muri Polonye igihe igikorwa cari kibujijwe. Yari afise imishatsi iguditse. Yaravyuye imishatsi gatoyi hanyuma anyereka inkovu nini, ikaba yari yavuye ku gikomere yakomeretse akubiswe n’umugabo yahama Ivyabona. Narababajwe no kwibonera ingaruka z’ugufatwa bunyamaswa abavukanyi n’abavukanyikazi bacu bihanganiye.

Havuye Beteli, amazinga ya Hawayi ni yo yaza ubwa kabiri mu bibanza nakunda. Ndibuka ihwaniro twahagiriye, mu gisagara ca Hilo mu 1957. Cari ikintu c’intibagirwa, kandi abaryitavye bararenze igitigiri cose hamwe c’Ivyabona bo muri iryo zinga. Umukuru w’igisagara yakiriye Nathan nk’umushitsi w’iteka. Benshi baraje kuturamutsa, baratwambika n’amashurwe.

Irindi hwaniro riteye akamwemwe ryabereye mu gisagara ca Nuremberg mu Budagi mu 1955, rikaba ryabereye mu cahora ari ikibuga ca Hitler cahora kigirirwamwo amadefile. Birazwi rwose ko Hitler yari yararahiye ararengwa ko ategerezwa guherengeteza abasavyi ba Yehova mu Budagi, mugabo ico gihe nya kibuga cari cuzuye Ivyabona vya Yehova! Vyarangoye kwiyumanganya ngo sinkorore amosozi. Umukiruruko wari munini cane kandi wari usharijwe bimwe biryoheye ijisho n’inkingi nininini 144. Nari hejuru kuri uwo mukiruruko, nkaba narashobora gutereza amaso ku bantu benshi cane barenga 107.000 bariko bakurikira porogarama. Ndavye inyuma, hari kure cane ku buryo ntashobora kubona neza umurongo w’abicaye inyuma.

Twarashoboye kwumva ingene abavukanyi bo mu Budagi babaye intadohoka be n’ingene Yehova yabahaye inkomezi mu gihe c’uruhamo ku ntwaro y’abanazi. Vyarakomeje umwiyemezo wacu wo kuba intahemuka no kuguma turi intadohoka kuri Yehova. Nathan ni we yashikirije insiguro yo gusozera, maze ayirangije aca azungagiza ukuboko hejuru asezera abari ngaho. Baciye bishura mu kuzungagiza imiswara hejuru bwa kimenyetso co kumusezera. Wamenga ni umurima w’amashurwe.

N’ikindi kintu c’intibagirwa, rwari urugendo twagize muri Porotigali muri Kigarama 1974. Twari twitavye ikoraniro rya mbere ry’Ivyabona ryagiriwe mu gisagara ca Lisbon inyuma y’aho igikorwa cacu c’ugushinga intahe cemerewe n’amategeko. Cari kimaze imyaka 50 carabujijwe! Naho hari abamamaji b’Ubwami 14.000 gusa mu gihugu cose ico gihe, abantu barenga 46.000 baraje ku makoraniro abiri twagize. Narakoroye amosozi igihe abavukanyi bavuga ngo: “Ntitucihisha. Turidegemvya”.

Kuva mu gihe c’ingendo twafata na Nathan gushika uno musi, ndakunda gushinga intahe akaryo kizanye, haba mu ndege, mu maresitora be no mw’ibarabara. Nama nitwaje ibisohokayandikiro ku buryo mba niteguye. Igihe kimwe, turindiriye indege yari yatevye gushika, hari umugore yambajije aho nkora. Ivyo vyatumye ntanguza ikiyago na we be n’abandi bari hafi yacu bariko bumviriza. Umurimo wo kuri Beteli be n’igikorwa canje co kwamamaza vyatumye nguma mfise vyinshi nkora kandi mfise n’agahimbare kenshi.

Indwara be n’indemesho za nyuma

Mu 1976, Nathan yararwaye kanseri, maze jewe n’abo mu muryango wa Beteli turamufasha kugira ngo abone kwihanganira iyo ndwara. Naho amagara yiwe yagenda arushiriza kuba mabi, twaratumira mu cumba cacu abavukanyi batandukanye bakorera ku biro vy’ishami vyo hirya no hino kw’isi baba bari ico gihe i Brooklyn kumenyerezwa. Ndibuka twagendewe na Don Steele n’umugore wiwe Earlene, Lloyd Barry n’umugore wiwe Melba, Douglas Guest n’umugore wiwe Mary, Martin Poetzinger n’umugore wiwe Gertrud, Pryce Hughes be n’abandi benshi. Akenshi baratubwira ivyabonywe bimwebimwe vyo mu gihugu cabo. Narashimishijwe canecane n’ivyabonywe vyavuga ingene abavukanyi bacu bagumye bashikamye igihe igikorwa cari kibujijwe.

Igihe Nathan yabona ko ari hafi yo gupfa, yarampaye impanuro nziza zimwezimwe kugira amfashe guhangana n’ubupfakazi. Yavuze ati: “Twagize umubano w’abubatse urangwa agahimbare. Abantu benshi usanga batigera bagira mwene uwo mubano”. Ikintu kimwe catumye umubano wacu ugira agahimbare ni uko Nathan yari umuntu yitwararika inyiyumvo z’abandi. Nk’akarorero, igihe duhuye n’abantu batandukanye mu ngendo twaba twagize, yarambwira ngo: “Audrey, bishitse sindabakudondorere, ni uko amazina yabo azoba yarancitse”. Narahimbarwa n’uko yabimbwira imbere y’igihe.

Nathan yanyibukije ati: “Inyuma y’urupfu, icizigiro cacu kizoranguka, kandi ntituzosubira kwongera kubabara”. Yaciye rero ansaba ashimitse ati: “Hanga amaso imbere, kuko ari ho impera yawe iri. Ntugume wiyumvira kahise, naho uzoguma wibuka ivyakugumye mu bwenge. Uko hazoca igihe ni ko uzogenda urasubirana. Woye kugira umujinya canke kwitako umwikomo. Himbarwa n’uko wagize iyo minezero n’iyo mihezagiro. Haciye igihe, uzobona yuko ivyagumye mu bwenge bwawe bikuzanira umunezero. Ubushobozi bwo kugira ivyo tuzigama mu bwenge ni ingabirano Imana yaduhaye”. Yongeyeko ati: “Uraguma ufise vyinshi ukora, uragerageza gukoresha ubuzima bwawe mu kugira ico ukorera abandi. Ivyo bizogufasha kunezererwa ubuzima”. Amaherezo, ku wa 8 Ruheshi 1977, Nathan yararangije ubuzima bwiwe bwo kw’isi.

Nubakana na Glenn Hyde

Nathan yari yarambwiye ko noshoboye kuguma niyumvira ivyo muri kahise vyangumye mu bwenge canke ko noshoboye kwubaka ubuzima bushasha. Ku bw’ivyo, mu 1978, maze kwimurirwa kw’Iyororero-rimiro rya Watchtower ry’i Wallkill muri New York, narubakanye na Glenn Hyde, umuntu w’intore, atekereje kandi w’umutima mwiza. Imbere yuko acika Icabona, yari yarakoreye mu ngabo z’abarwanira mu mazi igihe Leta Zunze Ubumwe za Amerika zariko zitana mu mitwe n’Ubuyapani.

Glenn yari yashinzwe gukora ku bwato bwo mu bwoko bwa PT (patrol torpedo), akaba yari yashinzwe gukorera mu cumba c’imoteri. Kubera urwamo nya moteri yavuza, ntiyabaye acumva neza. Inyuma y’intambara, yaciye akora ivy’ukuzimya imiriro. Yamaze imyaka itari mike aza ararazirana mw’ijoro kubera ivyo yari yarabonye mu ntambara. Yamenyeye ukuri kwerekeye Bibiliya ku mukarani wiwe yaza aramubwira inkuru nziza akaryo kizanye.

Mu nyuma mu 1968, Glenn yaratumiwe kuri Beteli gukora ivy’ukuzimya imiriro i Brooklyn. Maze, igihe Iyororero-rimiro rya Watchtower ryaronka ikizimyamuriro caryo, yaciye yimurwa gukorerayo mu 1975. Hashize igihe, yarafashwe na ya ndwara yonona ubwoko bitiriye Alzheimer (maladie d’Alzheimer). Tumaze imyaka cumi twubakanye na Glenn, yaciye apfa.

None nari kwihanganira gute ico kintu? Ubukerebutsi nari narahawe na Nathan agira acikane bwarasubiye kunyirura. Nagumye nsoma ivyo yari yaranyandikiye ku vyerekeye ukuntu novyifatamwo mu bupfakazi. Ndabandanya gusangira ayo majambo n’abandi baba babuze abo bubakanye, kandi na bo nyene bararemeshwa n’impanuro ya Nathan. Koko, ni vyiza guhanga amaso imbere nk’uko yandemesheje kubigira.

Ikivukano c’agaciro

Icamfashije canecane kugira ubuzima buhimbaye kandi bumara akanyota, ni abagenzi banshika ku mutima mfise mu muryango wa Beteli. Umwe muri abo anshika ku mutima cane ni Esther Lopez yaronse urupapuro rw’umutsindo mu 1944 mu mugwi ugira gatatu w’abasohoka ishure ry’ivya Bibiliya ry’i Gileyadi rya Watchtower. Yaciye asubira i Brooklyn muri Ruhuhuma mu 1950 kugira akore ari umuhinduzi w’ibitabu bishingiye kuri Bibiliya, mu gisupanyoli. Akenshi, igihe Nathan yaba ari mu rugendo, Esther ni we yaca ambera umugenzi somambike. Na we nyene ari kw’Iyororero-rimiro rya Watchtower. Ubu ari mu myaka 90 y’amavuka, amagara yiwe agenda aba mabi maze akaba ariko aritwararikwa mw’ibungabungiro ry’abarwaye ryacu.

Mu bo mu muryango wanje ushika, Russell na Clara ni bo bakiriho. Russell afise imyaka irenga 90 kandi akaba abandanya gusukurira kuri Beteli y’i Brooklyn adahemuka. Yabaye mu ba mbere barekuriwe kuguma kuri Beteli inyuma y’ubugeni bwabo. Mu 1952, yubakanye n’Umunyabeteli mugenziwe Jean Larson. Musazawe wa Jean Larson ari we Max yaje kuri Beteli mu 1939, akaba ari we yasubiriye Nathan mu kuba umuhagarikizi w’icapuriro mu 1942. Max arabandanya kurangura amabanga atari make kuri Beteli, harimwo n’ugufasha kubungabunga umukenyezi wiwe akunda cane Helen arwaye indwara ifatira mu bwonko canke mu ruti rw’umugongo yitwa sclérose en plaques.

Ntereje amaso inyuma ku myaka 63 maze mu murimo wa Yehova w’igihe cose, ndashobora kuvuga yuko ubuzima bwanje bwabaye ubuzima bumara akanyota. Kuri Beteli habaye i muhira iwanje, kandi ndabandanya kuhasukurira mfise umunezero mu mutima. Ndakengurukira abavyeyi banje kuba baratwigishije akamaro ko gukora bakongera bakadushiramwo icipfuzo co gusukurira Yehova. Mugabo, ikintu koko gituma ubuzima buba ubumara akanyota ni ikivukano cacu ciza igitangaza be n’icizigiro dufise co kuzobana n’abavukanyi be n’abavukanyikazi bacu kw’isi izoba yabaye iparadizo, dusukurira Umuremyi wacu Ahambaye ari we ya Mana imwe nsa y’ukuri Yehova, ibihe bidahera.

[Ifoto ku rup. 24]

Abavyeyi banje ku musi wabo w’ubugeni muri Ruheshi 1912

[Ifoto ku rup. 24]

Uvuye i bubamfu uja i buryo: Russell, Wayne, Clara, Ardis, jewe na Curtis mu 1927

[Ifoto ku rup. 25]

Mpagaze hagati ya Frances na Barbara McNaught igihe nakora ubutsimvyi mu 1944

[Ifoto ku rup. 25]

Aha nari kuri Beteli mu 1951. Uvuye ibubamfu uja iburyo: jewe, Esther Lopez na muramukazanje Jean

[Ifoto ku rup. 26]

Aha nari kumwe na Nathan be n’abavyeyi biwe

[Ifoto ku rup. 26]

Aha nari kumwe na Nathan mu 1955

[Ifoto ku rup. 27]

Aha nari kumwe na Nathan mu mazinga ya Hawayi

[Ifoto ku rup. 29]

Aha nari kumwe n’umugabo wanje agira kabiri Glenn