Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibitangaro vya Yezu vyoba vyarabaye koko canke ni umugani?

Ibitangaro vya Yezu vyoba vyarabaye koko canke ni umugani?

Ibitangaro vya Yezu vyoba vyarabaye koko canke ni umugani?

‘BAZANIRA [Yezu Kirisitu] benshi binjiwemwo n’abadayimoni; izo mpwemu mbi azirukanisha ijambo, akiza abāri barwaye bose’ (Matayo 8:16). Yezu “arikangura, azibiza ingunza, abarira ikiyaga, ati Hora, utekereze. Umuyaga uraca, haba agahwekere rwose” (Mariko 4:39). Ayo majambo uyibazako iki? Woba wemera yuko adondora ibintu vyabaye koko muri kahise, canke ubona ko ari inkuru ngereranyo, canke imigani misa?

Benshi muri kino gihe barakekeranya bimwe bikomeye ku vy’uko ibitangaro vya Yezu vyoba vyarabaye koko. Muri iki gihe aho usanga hakoreshwa vya vyumva vyitwa telesikope mu kuraba ibintu biri kure cane be na vya vyuma vya rugagamisha, abantu bakaja kwihweza ibiri mu kirere, hakaba hariho n’ubuhinga bwo guhindura imero y’utugingo ngengakamere, bisa n’ibigora abantu kwemera inkuru zivuga ibitangaro be n’ibitangaza vy’Imana.

Bamwebamwe babona yuko inkuru zivuga ibitangaro ari inkuru z’ukurenza urugero canke z’ibintu vy’ikigereranyo. Nk’uko bivugwa n’umwanditsi w’igitabu kimwe citwa ngo ciyemeje gutohoza Yezu “nyawe”, inkuru zivuga ibitangaro vya Kirisitu ngo ni “uburyo [gusa] bwo kwamamaza” ubukirisu kugira bukwiragizwe.

Abandi na bo babona ko ibitangaro vya Yezu ari ibinyoma vyeruye. Rimwe na rimwe, Yezu ubwiwe baramwagiriza ko yahenda abantu. Nk’uko Justin Martyr wo mu kinjana ca mbere G.C. abivuga, abatyoza Yezu “mbere barubahuka kumwita umunyamageza be n’umuntu abesha abantu”. Bamwebamwe bavuga yuko ngo Yezu “atakoze ibitangaro vyiwe bwa muhanuzi w’Umuyuda, mugabo ko yabikoze bwa munyamageza, bwa mutanguji w’insengero z’abapagani”.

Ikintu kidashoboka ni iki?

Hari aho wobona yuko amakenga nk’ayo ahishura imvo nyamukuru ituma abantu bagonanwa kwemera yuko ibitangaro vya Yezu vyabaye koko. Basanga gusa bigoye, eka mbere bitanashoboka kwemera iciyumviro c’uko hari ububasha nsigabwenge bwashoboye gutuma ivyo bitangaro biba. Umusore umwe yiyita ko ari umuntu akekeranya ko Imana ibaho yavuze ati: “Ntiturinde kuja kure, ibitangaro ntibibaho”. Yaciye asubiramwo amajambo y’umufilozofe w’umunya Ekose yitwa David Hume wo mu kinjana ca 18, uwo na we akaba yanditse ati: “Igitangaro ni ikintu kitajanye n’ingene ibintu bisanzwe bigenda”.

Ariko rero, benshi ntibahuta bemeza yuko ikintu kanaka kidashoboka. Inkoranyabumenyi imwe (The World Book Encyclopedia) ivuga ko igitangaro ari “ikintu umuntu adashobora gusigura yishimikije uko tuzi ko ibintu bisanzwe bigenda”. Twishimikije iyo nsiguro, ivy’ukuja mu kirere, ivy’uguhanahana amakuru biciye mu muyaga be n’ugutembera mu kirere kw’ibigendajuru, kuri benshi vyobaye nk’aho ari “ibitangaro” mu kinjana giheze. Mu vy’ukuri, ntibiranga ubukerebutsi kwemeza ko ibitangaro bidashoboka ngo ni uko gusa tudashobora kubisigura twishimikije ubumenyi bwo mu gihe ca none.

Nitwihweza ibimenyamenya bimwebimwe bishingiye ku Vyanditswe bijanye n’ibitangaro vyitirirwa Yezu Kirisitu, ni ibiki tuza kubona? Ibitangaro vya Yezu vyoba vyarabaye koko canke ni umugani?