Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba uhimbarwa n’“Ivyagezwe vy’Uhoraho”?

Woba uhimbarwa n’“Ivyagezwe vy’Uhoraho”?

Woba uhimbarwa n’“Ivyagezwe vy’Uhoraho”?

“Hahirwa umuntu . . . ibimuhimbara biri mu vyagezwe vy’Uhoraho”.—ZABURI 1:1, 2.

1. Ni kubera iki twebwe abasavyi ba Yehova duhiriwe?

YEHOVA aradufata mu mugongo akongera akaduhezagira twebwe abasavyi biwe b’intahemuka. Ego ni ko, turahangana n’ibigeragezo vyinshi. Naho ari ukwo, turagira agahimbare nyakuri. Ivyo ntibitangaje, kuko nakare dusukurira ya “Mana ihimbawe”, vyongeye impwemu yera yayo igatuma tugira umunezero mu mitima yacu (1 Timote 1:11, UB; Ab’i Galatiya 5:22). Kugira umunezero, ni ukugira agahimbare nyakuri kubera witeze ikintu ciza canke ukironse. Bisubiye, Dawe wa twese wo mw’ijuru araduha koko ingabirano nzizanziza (Yakobo 1:17). Ntibitangaje kubona duhiriwe!

2. Ni amazaburi ayahe tugira duce irya n’ino?

2 Ubuhirwe, canke agahimbare, buravugwa cane mu gitabu ca Zaburi. Nk’akarorero, ivyo ni ko bimeze muri Zaburi ya 1 n’iya 2. Abayoboke ba Yezu Kirisitu bo mu ntango, zaburi igira kabiri berekanye ko ari iya Dawidi Umwami wa Isirayeli (Ivyakozwe 4:25, 26). Uwatunganije zaburi ya mbere atavuzwe izina atangura ururirimbo rwiwe rwahumetswe mu kuvuga ati: “Hahirwa umuntu atagendera mu nama z’ababi” (Zaburi 1:1). Nimuze turabe muri iki kiganiro no mu gikurikira, ukuntu Zaburi ya 1 n’iya 2 ziduha imvo yo kunezerwa.

Akabanga ko kugira ubuhirwe

3. Nk’uko muri Zaburi 1:1 habivuga, ni imvo zimwezimwe izihe zituma umuntu atinya Imana agira ubuhirwe?

3 Zaburi ya 1 irerekana igituma usanga umuntu atinya Imana ahiriwe. Umwanditsi wa Zaburi yaratanze imvo zimwezimwe zo kugira ubuhirwe nk’ubwo, mu kuririmba ati: “Hahirwa umuntu atagendera mu nama z’ababi, adahagarara mu nzira y’abanyavyaha, aticarana n’abacokoranyi”.—Zaburi 1:1.

4. Ni ingendo y’akarorero iyihe Zakariya na Elizabeti bakurikiranye?

4 Kugira ngo tube abahiriwe vy’ukuri, dutegerezwa gukurikiza ivyo Yehova asaba bigororotse. Zakariya na Elizabeti, abatewe agateka gateye umunezero ko kuba abavyeyi ba Yohani Umubatizi, “bā[ra]gororoka imbere y’Imana, [baka]gendera mu vyagezwe n’amabgirizwa vy’Umwami Imana vyose, batagawa” (Luka 1:5, 6). Turashobora kuba abahirwe mu gihe twokurikirana ingendo nk’iyo kandi tukanka dushikamye ‘kugendera mu nama z’ababi’ canke kuyoborwa n’impanuro zabo mbi.

5. Ni igiki codufasha kuzibukira “inzira y’abanyavyaha”?

5 Niba twamirira kure ivyiyumviro vy’abanyakibi, ‘ntituzohagarara mu nzira y’abanyavyaha’. Kukaba nkako, abantu ntibazodusanga budusange aho abo banyavyaha bakunda kuba bari, ni ukuvuga mu bibanza abantu binezererezamwo mu buryo buteye isoni canke mu bizwi nabi. Vyogenda gute mu gihe twogeragezwa ngo twifatanye n’abacumuzi mu nyigenzo yabo inyuranye n’Ivyanditswe? Muri ico gihe, twosenga Imana kugira ngo idufashe gukora ibintu mu buryo buhuje n’amajambo y’intumwa Paulo agira ati: “Ntimwifatanye n’abatizera, kand’ata co musangiye: ukugororoka n’ukugabitanya bifatana bite? Cank’umuco n’umwiza bifatanya bite?” (2 Ab’i Korinto 6:14). Twihetse ku Mana tukongera tukaba abantu “bafise imitima itanduye”, tuzokwamirira kure agatima k’abanyavyaha be n’uburyo bwabo bwo kubaho, kandi ivyo dukora tubikore tubitumwe n’imvo nziza, twongere tugire ivyipfuzo vyiza, bisukiranije n’“ukwizera kutar’ukw’uburyarya”.—Matayo 5:8; 1 Timoteyo 1:5.

6. Ni kubera iki dukwiye kwiyubara ku bijanye n’abacokoranyi?

6 Kugira ngo duhimbare Yehova, nta nkeka ko dutegerezwa ‘kuticarana n’abacokoranyi’. Ivyo gutinya Imana ubwavyo hari ababicokora, ariko rero, muri iyi “misi y’iherezo” akenshi abahoze ari abakirisu bagacika abahakanyi ni bo ahanini usanga badukengera mu bucokoranyi bwabo. Intumwa Petero yaburiye abo basangiye ukwizera ati: “Abo nkunda, . . . irya mbere mukwiye kumenya n’uko mu misi y’iherezo hazoza abacokoranyi bacokorana, bakurikira ukwifuza kwabo, babaza, bat’Isezerano ryo kuza kwiwe riri hehe se? Kuk’uhereye aho ba sogokuruza basinziririye, vyose bihora uko vyamye, uhereye ku kuremwa kw’isi” (2 Petero 3:1-4). Mu gihe tutokwigera ‘twicarana n’abacokoranyi’, tuzoba twirinze amakuba atazobura kubashikira.—Imigani 1:22-27.

7. Ni kubera iki dukwiye gushira ku mutima amajambo yo muri Zaburi 1:1?

7 Tudashize ku mutima amajambo atangura muri Zaburi ya 1, twotakaza kamere y’ivy’impwemu twatsimbataje biciye ku kwiga Ivyanditswe. Kukaba nkako, ico gihe ivyacu birashobora kwunyuka. Dukurikiye impanuro y’abanyakibi, twotangura kugenda akayombekere. Maze, twohava tuza turifatanya na bo tudahorereza. Impera n’imperuka twonacika abahakanyi b’abacokoranyi batagira ukwizera. Biribonekeza yuko gucudika n’abanyakibi bishobora kudutsimbatazamwo agatima ko kudatinya Imana, kandi bigashobora gusambura ubucuti dufitaniye na Yehova Imana (1 Ab’i Korinto 15:33; Yakobo 4:4). Nimuze ntitukigere tureka ngo ivyo bidushikire!

8. Ni ibiki bizodufasha kugumiza imizirikanyi yacu ku bintu vy’impwemu?

8 Isengesho rizodufasha kugumiza imizirikanyi yacu ku bintu vy’impwemu no kwirinda kwifatanya n’abanyakibi. Paulo yanditse ati: “Ntimugire ico mwiganyira, ariko muri vyose ivyo mugomba bimenyeshwe Imana, mu gusenga no mu kwinginga bifatanije no gukenguruka. Maz’amahoro y’Imana aruta uko yomenywa n’umuntu wese, azoshibamira imitima yanyu n’ivyiyumviro vyanyu muri Kristo Yesu”. Iyo ntumwa yaremesheje kurimbura ibintu vy’ukuri, ivyo kwubahwa, ibigororotse, ibitānduye, ivy’igikundiro, ibishimwa, ingeso nziza be n’ibikwiye gushemezwa (Ab’i Filipi 4:6-8). Nimuze dukore ibintu duhuza n’impanuro ya Paulo kandi ntitwigere dushika ku rugero rw’abanyakibi.

9. Naho twirinda ingeso mbimbi, tugerageza gute gufasha abantu b’uburyo bwose?

9 Naho twamirira kure ingeso mbimbi, turashinga intahe ku bandi tubigiranye ubugenge, nka kurya nyene intumwa Paulo yabwiye Buramatari w’Umuroma “ivy’ukugororoka n’ivy’ukwirinda n’ivy’amateka azocibga” (Ivyakozwe 24:24, 25; Ab’i Kolosayi 4:6). Twamamaza inkuru nziza y’Ubwami ku bantu b’uburyo bwose, kandi tukabafatana ubuntu. Turizigiye yuko “abari mu mero nziza y’umutima ituma baronka ubuzima budahera” bazocika abizera maze bagahimbarwa n’ivyagezwe vy’Imana.—Ivyakozwe 13:48, NW.

Arahimbarwa n’ivyagezwe vya Yehova

10. Mu gihe co kwiyigisha, ni igiki kizoza kiradufasha gutuma ibintu biguma vyiyanditse mu mizirikanyi yacu no mu mitima yacu?

10 Ku vyerekeye umuntu ahimbawe, umwanditsi wa Zaburi abandanya avuga ati: “Ibimuhimbara biri mu vyagezwe vy’Uhoraho, kand’ivyagezwe vyiwe ni vyo [“asoma n’ijwi ritoyi”, NW] ku murango no mw ijoro” (Zaburi 1:2). Kubera ko turi abasavyi ba Yehova, ‘ibiduhimbara biri mu vyagezwe vya Yehova’. Igihe bishoboka, iyo turiko turiyigisha twongera tuzirikana, twoza turasoma “n’ijwi ritoyi”, dutobora amajambo. Kubigenza gutyo igihe dusoma igice ico ari co cose c’Ivyanditswe, bizodufasha gutuma ibintu biguma vyiyanditse mu mizirikanyi yacu no mu mitima yacu.

11. Ni kubera iki dukwiye gusoma Bibiliya “ku murango no mw ijoro”?

11 “Wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” yaraturemesheje gusoma Bibiliya ku musi ku musi (Matayo 24:45, NW). Bivuye ku cipfuzo gikomeye co kumenya neza ubutumwa Yehova yashikirije abantu, turashobora gusoma Bibiliya “ku murango no mw ijoro”, eka n’igihe vyatugoye gutora agatiro biturutse ku mvo kanaka. Petero aduhimiriza ati: “Nk’inzoya zivutse vuba, nimuremareme ugucambirwa amata adafunguye ya rya jambo, kugira ngo biciye kuri yo mukure gushika ku bukiriro” (1 Petero 2:1, 2, NW). Woba uhimbarwa n’ugusoma Bibiliya ku musi ku musi be n’ukuzirikana kw’Ijambo ry’Imana be no ku migambi yayo mw’ijoro? Umwanditsi wa Zaburi vyaramuhimbara.—Zaburi 63:6.

12. Nimba duhimbarwa n’ivyagezwe vya Yehova, tuzokora iki?

12 Ubuhirwe bwacu bw’ibihe bidahera, buhagaze ku guhimbarwa n’ivyagezwe vy’Imana. Biratunganye rwose kandi biragororotse, vyongeye kuvyitondera harimwo impera nini (Zaburi 19:7-11). Umwigishwa Yakobo yanditse ati: “Uwitegereza ivyagezwe bitunganye rwose, ari vyo vy’umwidegemvyo, akabishishikara, atar’uwumva akavyibagira, arikw ar’ūbikora, ni we azohabga umugisha mu vy’akora” (Yakobo 1:25). Nimba vy’ukuri duhimbarwa n’ivyagezwe vya Yehova, nta musi uzokwijana tutarimbuye ibintu vy’impwemu. Kukaba nkako, tuzovyurirwa umutima wo ‘gusesa n’ibintu [vyimbitse] vy’Imana’ no kuguma dushira imbere ivyungura Ubwami.—1 Ab’i Korinto 2:10-13; Matayo 6:33.

Aba nk’igiti

13-15. Ni mu buryo ki dushobora kumera nk’igiti gitewe iruhande y’amazi menshi?

13 Umwanditsi wa Zaburi abandanya kudondora umuntu w’umugororotsi mu kuvuga ati: “Azoba nk’igiti gitewe hafi y’imigezi y’amazi, cama igihe caco, ibibabi vyaco ntivyuma: ic’azokora cose kizomubera ko” (Zaburi 1:3). Nk’uko nyene bigenda ku bandi bantu b’abanyagasembwa bose, na twebwe dusukurira Yehova turashikirwa n’ingorane mu buzima (Yobu 14:1). Dushobora gushikirwa n’uruhamo be n’ibindi bigeragezo bitandukanye bijanye n’ukwizera kwacu (Matayo 5:10-12). Ariko rero, tubifashijwemwo n’Imana, turashobora kwihanganira ivyo bigeragezo kandi tukererwa, nka kurya nyene igiti gitotahaye gishobora kuguma gihagaze naho hoza umuyaga ukomeye gute.

14 Igiti gitewe hafi y’isoko ry’amazi ridakama nticuma mu gihe c’uruzuba canke igihe imvura iba yataze. Nimba turi abantu batinya Imana, inguvu zacu rero ziva kw’isoko ridakama, ari ryo Yehova Imana. Paulo yaronderera imfashanyo ku Mana, ku buryo yashoboye kuvuga ati: “Nshobozwa vyose n’ūmpa inkomezi” (Ab’i Filipi 4:13). Igihe tuyoborwa n’impwemu yera ya Yehova kandi akaba ari yo itubungabunga mu vy’impwemu, ntidukabirana ngo tube abatama ivyamwa canke ngo dupfe mu buryo bw’impwemu. Turama ivyamwa mu murimo w’Imana tukongera tukagaragaza ivyamwa vy’impwemu yayo.—Yeremiya 17:7, 8; Ab’i Galatiya 5:22, 23.

15 Mu gukoresha ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ngo “nka”, umwanditsi wa Zaburi ariko akoresha ingereranyo. Ariko agereranya ibintu bibiri bitandukanye, naho bifise ikintu kanaka bihuriyeko. Abantu baratandukanye n’ibiti, mugabo ugusagamba kw’igiti giteye ku nkengera y’amazi menshi, bigaragara ko cibutsa umwanditsi wa Zaburi ugusagamba mu vy’impwemu kw’‘abahimbarwa n’ivyagezwe vya Yehova’. Mu gihe twoba duhimbarwa n’ivyagezwe vya Yehova, imisi yacu ishobora kuba nk’imisi y’igiti. Kukaba nkako, turashobora kubaho ibihe bidahera.—Yohana 17:3.

16. Ni kubera iki kandi ni mu buryo ki ‘ibintu vyose dukora bitubera ko’?

16 Uko dukurikirana ingendo iranga ubugororotsi, Yehova aradufasha kwihanganira umukazo uterwa n’ibigeragezo be n’ingorane. Turanezerwa tukongera tukimbuka mu murimo wa Yehova (Matayo 13:23; Luka 8:15). ‘Ico dukora cose kitubera ko’ kubera yuko intumbero nyamukuru tuba dufise ari iyo gukora ivyo Yehova agomba. Kubera ko imigambi yiwe yama nantaryo yererwa vyongeye tukaba duhimbarwa n’amabwirizwa yiwe, turasagamba mu vy’impwemu (Itanguriro 39:23; Yosuwa 1:7, 8; Yesaya 55:11). Ivyo ni ko bigenda naho mbere twoba duhanganye n’ivyago.—Zaburi 112:1-3; 3 Yohana 2.

Abanyakibi basa n’abasagamvye

17, 18. (a) Abanyakibi, umwanditsi wa Zaburi abasanisha n’iki? (b) Naho abanyakibi bosagamba mu vy’umubiri, ni kubera iki badatekanirwa mu buryo buramba?

17 Ese ukuntu abanyakibi babayeho mu buryo butandukanye n’ubw’abagororotsi! Abanyakibi bashobora gusa n’aho umengo mu gihe kinaka barasagamvye mu vy’umubiri, yamara rero, ntibaba basagamvye mu vy’impwemu. Ivyo biragaragarira mu majambo umwanditsi wa Zaburi yabandanije kuvuga agira ati: “Ababi ntibamera bartyo: ariko baba nk’umuguruka utwarwa n’umuyaga. Ni co gituma ababi batazoshobora guhagarara ku musi w’amateka, cank’abanyavyaha mw ikoraniro ry’abagororotsi” (Zaburi 1:4, 5). Urabona ko umwanditsi wa Zaburi avuga ngo “ababi ntibamera bartyo”. Yashaka kuvuga ko batamera nk’abantu batinya Imana, abahejeje kugereranywa n’ibiti vyama ivyamwa, biramba.

18 No mu gihe abanyakibi basagamba mu vy’umubiri, ntibagira itekane riramba (Zaburi 37:16; 73:3, 12). Bameze nka wa mugabo w’igipfu yari atunze, umwe Yezu yavuga mu kigereranirizo igihe bamusaba gutatura amatati ajanye n’intoranwa. Yezu yabwiye abari bahari ati: “Mwirinde ukwifuza kwose, kuk’ubugingo bg’umuntu butava mu bihinda vy’ibintu atunze”. Yezu yatangiye akarorero iciyumviro ciwe mu kuvuga yuko itongo ry’umugabo umwe w’umutunzi ryamera cane, gushika n’aho afata umugambi wo gusambura ibigega vyiwe maze akubaka binini gusumba bizokwiramwo ibintu vyizavyiza vyiwe vyose. Uwo mugabo yari yategekanije kuzokwirira, akinywera akongera akinezerererwa. Yamara Imana yavuze iti: “Wa gipfu we, mur’iri joro barakwaka ubugingo bgawe: non’ivyo wohitikiranije bizoba ivya nde?”. Kugira ngo ashimike kuri ico ciyumviro, Yezu yongeyeko ati: “Umuntu yishingurira ni kw amera, atar’umutunzi mu vy’Imana”.—Luka 12:13-21.

19, 20. (a) Dondora ukuntu kera bakubita ibinyampeke be n’ingene babigosora. (b) Ni kubera iki abanyakibi basanishwa n’umuguruka?

19 Abanyakibi si “[aba]tunzi mu vy’Imana”. Ni co gituma badatekanirwa canke ngo baragame, nka kurya kw’umuguruka, bikaba ari vya bikumbi biba vyari ku ntete. Mu bihe vya kera bamaze kugenya, ivyo bagenye baca babitwara ku mbuga y’ikubitiro, kikaba cari ikibanza gishashe, akenshi kiri ahantu hakirurutse. Aho ni ho ibisekuzo biriko ibuye risongoye canke amenyo y’ivyuma ku ruhande rwo munsi vyakwegwa n’ibitungwa kugira ngo bicagagure imishishi vyongere bikure ibikumbi ku ntete. Ubukurikira baca bakoresha ikiyozo bakayora ivyo bikumbi bivanze n’intete, bakabiterera hejuru mu muyaga (Yesaya 30:24). Intete zaca zigwa kuri iyo mbuga, ibikumbikumbi bikagwa ku ruhande, umuguruka na wo ugaca ugururwa n’umuyaga (Rusi 3:2). Intete zimaze kuyungururwa kugira ngo utubuye be n’utundi tuntu tuvemwo, haba hageze ko zishirwa mu bigega canke ko bazisya (Luka 22:31). Mugabo, umuguruka wowo waba watumutse.

20 Nka kurya nyene intete zigwa hasi zikazigamwa mu gihe umuguruka wowo uba watumutse, ni ko abagororotsi bazosigara abanyakibi bakuweho. Ariko rero, nta nkeka ko duhimbarwa n’uko inkozi z’ikibi vuba zigiye gukurwaho ubutakigaruka. Kubera ko bazoba bakuweho, abantu bahimbarwa n’ivyagezwe vya Yehova bazohezagirwa cane. Kukaba nkako, impera n’imperuka abantu bagamburuka bazoronka ingabirano y’ubuzima budahera.—Matayo 25:34-46; Abaroma 6:23.

“Inzira y’abagororotsi” ihezagiwe

21. Ni mu buryo ki Yehova ‘azi inzira y’abagororotsi’?

21 Zaburi ya mbere isozerwa n’aya majambo agira ati: “Uhoraho azi inzira y’abagororotsi, arikw inzira y’abanyavyaha ijana mu mahonero” (Zaburi 1:6). Ni mu buryo ki Imana ‘imenya inzira y’abagororotsi’? Urabona, igihe turiko dukurikira ingendo y’ukugororoka, turashobora kwemera tudakeka ko Dawe wa twese wo mw’ijuru azodushima bivuye ku kuntu tubaho tumutinya, kandi akabona ko turi abasuku biwe bemewe. Ku ruhande rwacu, turashobora kumukorera imyitwarariko yacu yose kandi tukaba dukwiye kubigira tudakeka ko atubabara.—Ezekiyeli 34:11; 1 Petero 5:6, 7.

22, 23. Abanyakibi bazoshikirwa n’iki? Abagororotsi bobo bite?

22 “Inzira y’abagororotsi” izokwamaho ibihe vyose, abantu b’ababisha ruhebwa bobo bahonywe kubera ko Yehova yabakubise intahe mu gahanga. “Inzira” yabo, ari yo ngendo y’ubuzima yabo, izoherana na bo. Turashobora kwizigira ko amajambo Dawidi yavuze azoranguka. Agira ati: “Hasigaye igihe gito, umunyakibi ntabeho; mbere, uzokwitegereza ahiwe, umubure. Arikw abagwaneza bazoragwa igihugu, bazonezererwa amahoro y’umusēsekara. Abagororotsi bazoragwa igihugu, bakibemw’ibihe bidashira”.—Zaburi 37:10, 11, 29.

23 Ese ukuntu tuzoba duhimbawe nitwaterwa agateka ko kuba mw’iparadizo kw’isi, igihe ata banyakibi bazoba bakiriho! Abagwaneza be n’abagororotsi bazokwinovora amahoro nyakuri kubera yuko bazokwama nantaryo bahimbarwa n’“ivyagezwe vy’Uhoraho”. Imbere y’uko ivyo bishika, ‘ivyo Yehova yavumereye’ bitegerezwa gushitswa (Zaburi 2:7a, NW). Ikiganiro gikurikira kiradufasha kubona ivyo bintu vyavumerewe ivyo ari vyo, n’ico bizosobanura kuri twebwe no ku muryango wose w’abantu.

Wokwishura gute?

• Ni kubera iki umuntu atinya Imana ahiriwe?

• Ni igiki cerekana ko duhimbarwa n’ivyagezwe vya Yehova?

• Ni mu buryo ki umuntu ashobora kuba nk’igiti kironka amazi menshi?

• Inzira y’umugororotsi itandukaniye he n’iy’umunyakibi?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Ifoto ku rup. 11]

Isengesho rizodufasha kwirinda kwifatanya n’abanyakibi

[Ifoto ku rup. 12]

Ni kubera iki umuntu w’umugororotsi ameze nk’igiti?