Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

‘Ijambo rivumerewe na Yehova’ ntirishobora kunanirwa

‘Ijambo rivumerewe na Yehova’ ntirishobora kunanirwa

‘Ijambo rivumerewe na Yehova’ ntirishobora kunanirwa

“Ndavuga rya jambo [“rivumerewe na Yehova”, “NW”]: . . . yarambgiye, at’Ur’ubura bganje. . . . Nsaba, nzoguha amahanga, az’abe umwandu wawe”.—ZABURI 2:7, 8.

1. Ni ubudasa ubuhe buri hagati y’umugambi w’Imana be n’uw’amahanga?

YEHOVA IMANA hari umugambi afitiye umuryango w’abantu be n’isi. N’amahanga arafise umugambi. Yamara, urazi ukuntu iyo migambi itandukanye! Ivyo turakwiye kuvyitega, kubera yuko Imana ivuga iti: “Nk’ukw ijuru ryītāngūye isi, ni kw inzira zanje zītāngūye inzira zanyu, n’ivyiyumviro vyanje vyītāngūye ivyiyumviro vyanyu”. Umugambi w’Imana ntuzogenda utarangutse, kubera yuko ibandanya ivuga iti: “Nk’ukw imvura na shelegi bigwa bivuye mw ijuru, ntibisubireyo, ariko bigatosa isi, bigatuma imeza, ikēra, igaha umubivyi imbuto, n’ūrya ikamuha ivyo kurya; uko ni kw ijambo ryanje riva mu kanwa kanje rizomera: ntirizogaruka ubusa, ariko rizoshitsa ivyo ngomba, rizosozera ico naritumye”.—Yesaya 55:9-11.

2, 3. Ni ibiki bitomorwa muri zaburi ya kabiri, mugabo ni ibibazo ibihe bivyuka?

2 Ivy’uko umugambi w’Imana werekeye Umwami Mesiya uzoranguka, biratomorwa muri zaburi ya kabiri. Uwayitunganije, ni ukuvuga Umwami Dawidi wa Isirayeli ya kera, yarahumekewe n’Imana kugira ngo abure yuko hobaye igihe gihambaye, aho amahanga yobaye ari mu muvurungano. Abategetsi bayo bohagurukiye kurwanya Yehova Imana n’Uwasizwe wiwe. Ariko rero, umwanditsi wa Zaburi kandi yaririmvye ati: “Ndavuga rya jambo [“rivumerewe na Yehova”, NW]: yarambgiye, at’Ur’ubura bganje. . . . Nsaba, nzoguha amahanga, az’abe umwandu wawe, n’impera z’isi zize zibe ishamvu yawe”.—Zaburi 2:7, 8.

3 ‘Ijambo rivumerewe na Yehova’ ryerekana ko amahanga azoshikirwa n’iki? Ivyo bigira ico bikoze gute ku bantu muri rusangi? Mu vy’ukuri, ivyo bintu bishika, bisigura iki ku basomyi ba zaburi ya kabiri bose batinya Imana?

Amahanga mu muvurungano

4. Woserura gute muri make ivyiyumviro nyamukuru biri muri Zaburi 2:1, 2?

4 Umwanditsi wa Zaburi ariko yerekeza ku bikorwa vy’amahanga n’abatware bayo, atangura iyo ndirimbo yatunganije mu kuririmba ati: “Abanyamahanga n’iki kibateye umuvurungano? N’amoko yagīriye ingingo iki ivy’ubusa? Abami bo mw isi baragomoye, n’abakuru bahūrije ingingo hamwe kurwanya Uhoraho n’Uwo yarobanuje amavuta”.—Zaburi 2:1, 2 *.

5, 6. Amahanga ‘yagumye aja ingingo’ yo gukora ibintu nyabaki ‘vy’ubusa’?

5 “Ivy’ubusa” amahanga yo mu gihe ca none “[yagumye agîra] ingingo”, ni ibiki? Aho kwemera Uwasizwe w’Imana, ni ukuvuga Mesiya ari we Kirisitu, amahanga “[yagumye agîra] ingingo,” canke azirikana ukuntu yokwigumira ku butegetsi. Ayo majambo yo muri zaburi ya kabiri yarangutse kandi mu kinjana ca mbere G.C., igihe abategetsi b’Abayuda n’abategetsi b’Abaroma basenyera ku mugozi umwe mu kwica Umwami yagenywe n’Imana, ari we Yezu Kirisitu. Ariko rero, iranguka nyamukuru ryatanguye mu 1914, igihe Yezu yimikwa akaba Umwami mw’ijuru. Kuva ico gihe, nta shirahamwe ry’ivya politike ryo kw’isi na rimwe ryemeye icese uwo Mwami yimitswe n’Imana.

6 Igihe umwanditsi wa Zaburi yabaza ‘igituma amoko yagîriye ingingo ivy’ubusa’, vyashaka kuvuga iki? Umugambi wabo ni wo ari uw’ubusa; ni uw’impfagusa kandi utegerezwa kunanirwa. Ntibashobora kuzana amahoro n’umwumvikano kuri iyi si. Naho ari ukwo, barabandanya ibikorwa vyabo gushika no ku kurwanya ubutegetsi bw’Imana. Kukaba nkako, barasenyeye ku mugozi umwe mu kwanka Musumbavyose n’Uwasizwe wiwe, bongera bahuriza ingingo hamwe kugira babarwanye. Mbega ubujuju!

Umwami nyenintsinzi yimitswe na Yehova

7. Mw’isengesho abayoboke ba Yezu batuye, amajambo ari muri Zaburi 2:1, 2 bayerekeje kuri nde?

7 Abayoboke ba Yezu barerekanye ko amajambo yo muri Zaburi 2:1, 2 ari we yari yerekeye. Igihe bariko barahamwa bahorwa ukwizera kwabo, basenze bavuga bati: “Databuja [Yehova], ni wewe waremye ijuru n’isi, n’ikiyaga n’ibirimwo vyose, kandi wavugiye mu kanwa ka sogokuruza Dawidi, umusavyi wawe, ubivugisha [im]pwemu [y]era, ut’Abanyamahanga n’iki kibateye umuvurungano, n’amoko yagīriye ingingo iki ivy’ubusa? Abami bo mw isi batonze urugamba, n’abakuru bakoraniye hamwe, kurwanya Uhoraho n’Uwo yarobanuje amavuta. Kandi vy’ukuri mur’iki gisagara, Herode [Antipa], bo na Pontiyo Pilato hamwe n’abanyamahanga n’imiryango ya Isirayeli, bākoraniye kurwanya Umushumba wawe yera Yesu, uwo warobanuje amavuta” (Ivyakozwe 4:24-27; Luka 23:1-12) *. Ni vyo, mu kinjana ca mbere bari bagiriye inama Yezu, umusavyi yasizwe w’Imana. Ariko rero, haciye ibinjana iyi zaburi yogize irindi ranguka.

8. Muri Zaburi 2:3 herekeye gute amahanga yo mu gihe ca none?

8 Igihe Isirayeli ya kera yaronswa umwami w’umuntu, nka Dawidi, amahanga y’abapagani be n’abayobozi bayo baragiye hamwe ngo barwanye Imana n’uwasizwe wayo yari yimitswe. Mugabo, tuvuge iki ku gihe cacu? Amahanga yo mu gihe ca none ntashaka gukurikiza ivyo Yehova na Mesiya basaba. Ni co gituma badondorwa nk’aho bariko bavuga bati: “Ngo ducagagure imvuto bātubohesheje, dute kure ingoyi bādushizemwo” (Zaburi 2:3). Amategeko ntarengwa ayo ari yo yose Imana be n’Uwasizwe wayo bashizeho yorwanijwe n’abategetsi be n’amahanga. Ariko ntiwumve, utwigoro twose tugirwa kugira ngo bacagagure izo mvuto bongere bate kure izo ngoyi, tuzoba impfagusa.

Yehova arabakengera

9, 10. Ni kubera iki Yehova akengera amahanga?

9 Utwigoro utwo ari two twose abategetsi b’amahanga bagira kugira ngo bategeke batisunga Yehova, nta co tumubwiye. Zaburi ya kabiri ibandanya igira iti: “Umwe avyagiye mw ijuru azobatwengera mw ijigo: Umwami Imana azobakēngēra” (Zaburi 2:4). Imana irashira mu ngiro umugambi wayo, nk’aho abo bategetsi ata co bavuze. Ibatwengera mw’ijigo kubera ko batagira ico bibanga, kandi ikabakengera. Nibashake biratire ivyo baraririye gukora canke bareke, kuri Yehova ni akamenyo. Abatwengera mw’ijigo kubera bamurwanya ariko bikaba ivy’ubusa.

10 Ahandi hantu mu mazaburi yiwe, Dawidi yerekeza ku bansi bagizwe n’abantu be n’amahanga mu kuririmba ati: “Wewe nyene, Uhoraho Mana nyen’ingabo, Mana y’Abisirayeli, vyuka ugīre amahanga yose, ntugire abanyabicumuro babi ugirira ikigongwe. Bataha ku mugoroba bagwangwara nk’imbga, bakagendura igisagara. Ehe badudubiza amagambo mabi mu kanwa kabo, inkota ziri mu minwa yabo: kuko bibgira, bati Ni nde avyumva? Ariko weho Uhoraho, uzobatwenga; uzokwegurwa n’agashinyo ku mahanga yose” (Zaburi 59:5-8). Yehova aratwengera mw’ijigo amahanga kubera ukwirata n’uguta umutwe kwayo mu ngendo arimwo y’ukumurwanya iranga ubupfu.

11. Ni ibiki bishika igihe amahanga agerageje gutangira umugambi w’Imana?

11 Amajambo ari muri Zaburi ya 2 arakomeza ukwizera dufise yuko Imana ishobora gutorera umuti ingorane iyo ari yo yose. Turashobora kwizigira tudakeka yuko yama nantaryo irangura ivyo igomba, n’uko itigera ita abasavyi bayo b’intadohoka (Zaburi 94:14). None rero, bigenda gute igihe amahanga agize akigoro ko gutangira umugambi wa Yehova? Nk’uko iyi zaburi ibivuga, Imana “izobabarirana uburake b[wayo],” nkaho kwoba ari ukwasana gukomeye kw’umuturagaro. Vyongeye, “[mu] guhambara kw[ayo] gukomeye”, “izobatēza ubgoba” nk’aho yoba ikoresheje umuravyo ukomeye.—Zaburi 2:5.

Umwami yagenywe n’Imana yimikwa

12. Muri Zaburi 2:6 herekeza kw’iyimikwa rya nde?

12 Ivyo Yehova avuga ubukurikira abicishije ku mwanditsi wa Zaburi ntibibura kubabaza amahanga. Imana ivuga iti: “Ni jewe niyimikiye umwami wanje kuri Siyoni, umurwa wanje wera” (Zaburi 2:6). Umusozi Siyoni wari umutumba uri i Yeruzalemu, aho Dawidi yimitswe ngo abe umwami wa Isirayeli yose. Mugabo Umwami Mesiya ntazovyagira ku ntebe y’ubwami muri ico gisagara canke ahandi hantu ngaha kw’isi. Kukaba nkako Yehova yaramaze kwimika Yezu Kirisitu, amugira Umwami Mesiya yihitiyemwo ngo avyagire ku Musozi Siyoni wo mw’ijuru.Ivyahishuriwe 14:1.

13. Ni isezerano irihe Yehova yagiranye n’Umwana wiwe?

13 Uwo Mwami Mesiya, ubu avuga ati: ‘Ndavuga rya jambo rivumerewe na Yehova [umwe yagirana n’Umwana wiwe isezerano ry’Ubwami]: [Yehova Imana] yarambwiye ati: “Uri ubura bwanje, uyu musi ndakuvyaye”’ (Zaburi 2:7). Yezu yarerekeje kw’isezerano ry’Ubwami igihe yabwira intumwa ziwe ati: “Ni mwebge mwamanye nanje mu vyo nageragejwe; [“ngiranye namwe isezerano, nk’uko nyene Data yagiranye isezerano nanje, ku bw’Ubwami”, NW]”—Luka 22:28, 29.

14. Ni kubera iki twovuga yuko Yezu afise uburenganzira ntaharirwa bwo kuba Umwami?

14 Nk’uko vyabuwe muri Zaburi 2:7, Yehova yaremeye icese ko Yezu ari Umwana wiwe igihe yabatizwa, yongera abigira mu kumuzura akamuha ubuzima bw’impwemu (Mariko 1:9-11; Abaroma 1:4; Abaheburayo 1:5; 5:5). Emwe, Umwami w’Ubwami bwo mw’ijuru ni umwana w’ikinege w’Imana (Yohana 3:16). Kubera ko Yezu ari uwo mu muryango wa cami akomoka ku Mwami Dawidi, nta gukeka ko afise uburenganzira ntaharirwa bwo kuba umwami (2 Samweli 7:4-17; Matayo 1:6, 16). Nk’uko iyi zaburi ibivuga, Imana ibwira Umwana wayo iti: “Nsaba, nzoguha amahanga, az’abe umwandu wawe, n’impera z’isi zize zibe ishamvu yawe”.—Zaburi 2:8.

15. Ni kubera iki Yezu asaba guhabwa amahanga ngo abe umwandu wiwe?

15 Uwo Mwami, ari we Mwana w’ikinege w’Imana, ni we cegera ca Yehova. Yezu ni we Yehova yagejeje asanga arabereye, kandi ni intahemuka akaba n’umwizigirwa. Vyongeye, Yezu yarahawe umwandu kubera ko ari Imfura y’Imana. Kukaba nkako, Yezu Kirisitu “ni we shusho y’Imana itaboneka, ni we mfura mu vyaremwe vyose” (Ab’i Kolosayi 1:15). Akira gusa kubisaba, Imana igaca ‘imuha amahanga, akaba umwandu wiwe, n’impera z’isi zikaba ishamvu yiwe’. Yezu asaba ivyo bintu kubera ari ‘uwuhimbarwa n’ivyerekeye abana b’abantu’ be no kubera yuko afise icipfuzo gikomeye co gushitsa ivyo Se wiwe wo mw’ijuru agomba ku bijanye n’isi be n’abantu.—Imigani 8:30, 31.

Ijambo Yehova yavumereye acira urubanza amahanga

16, 17. Nk’uko bivugwa muri Zaburi 2:9, ni ibiki biraririye gushikira amahanga?

16 Kubera ko zaburi ya kabiri iriko iraranguka ubu mu gihe c’ukuhaba kutaboneka kwa Yezu Kirisitu, ni ibiki biraririye gushikira amahanga? Uwo mwami vuba agiye gushitsa ivyo Imana yavumereye iti: “[Amahanga] uzo[ya]vunaguza inkoni y’icuma, uzo[ya]menagura nk’ikibumbano”.—Zaburi 2:9.

17 Inkoni z’ubugabe z’abami zari ikimenyetso c’ubutegetsi bwa cami. Zimwezimwe, nk’iyivugwa muri iyi zaburi, zari zikozwe mu cuma. Imvugo ngereranyo ikoreshwa ngaha yerekana ingene Kirisitu Umwami bizomworohera gusangangura amahanga. Umuntu ahushuye inkoni y’icuma urwavya rw’ibumba rw’umubumvyi, rurajanjagurika rugacika utunywenywe.

18, 19. Kugira ngo abami bo mw’isi bemerwe n’Imana, vyoba ngombwa ko bakora iki?

18 Vyoba ari ngombwa ngo abategetsi b’amahanga bashikirwe n’iryo janjagurwa? Oya, kubera yuko umwanditsi wa Zaburi abinginga mu kubabwira aya majambo agira ati: “Noneho rero, mwa bami, ni muce ubgenge, mwa bacamanza bo mw isi, ni mwemere kugīrwa inama” (Zaburi 2:10). Abami bingingwa kwumvira no guca ubwenge. Bakwiye kurimbura ingene imigambi yabo ari iy’ubusa uyigereranije n’ivyo Ubwami bw’Imana buzokora ku bw’ineza y’umuryango w’abantu.

19 Kugira ngo abami b’isi bemerwe n’Imana, vyoba ngombwa ko bahindura ingendo yabo. Bakeburwa ‘gusaba Uhoraho bubashe, banezeranwa guhinda agashitsi’ (Zaburi 2:11). Vyogenda gute hamwe bokora ibintu nk’ivyo? Aho kuba mu muvurungano, ari kwo guta umutwe, bonezerezwa n’ivyizigiro Umwami Mesiya yoca abashira imbere. Vyosaba yuko abategetsi bo kw’isi baheba ubwishime n’ubwibone bubaranga mu ntwaro zabo. Vyongeye, botegerezwa guhinduka badatebaganye, bagaca ubwenge ku bijanye n’ubusegaba ntangere bwa Yehova no ku bijanye n’ububasha ntatangirwa bw’Imana n’ubw’Umwami Mesiya yagenye.

‘Musome urya Mwana’

20, 21. ‘Gusoma urya Mwana’ bisobanura iki?

20 Ubu na ho Zaburi ya 2 itera akamo karangwa ikigongwe abategetsi b’amahanga. Ah’uko bakorakorana ku bwo kurwanya ivyo barwanya, bahanurwa bati: “Mugumbire urya Mwana, kugira ngo ntarake, namwe mugahonera mu nzira, kuk’uburake bgiwe bgoca buziriringa” (Zaburi 2:12a). Umukama Segaba Yehova yari akwiye kwumvirwa igihe avumereye. Igihe Imana yimika Umwana wayo, abategetsi bo kw’isi bari bakwiye kureka “[kugīra] ingingo ivy’ubusa”. Bǎri bakwiye mu maguru masha kwemera icese uwo Mwami, vyongeye bakamugamburukira bimwe bishitse.

21 Ni kubera iki bari bakwiye “kugumbira urya mwana”, ari kwo kumusoma? Igihe iyi zaburi yatunganywa, gusoma umuntu bwari uburyo bwo kumugaragariza ubugenzi, bikaba kandi vyaragirwa mu guha ikaze abashitsi i muhira, aho bashobora kwumva bisanze. Usomye umuntu carashobora kandi kuba ikintu kiranga ko uri intahemuka kuri we (1 Samweli 10:1). Muri uyu murongo wo muri zaburi ya kabiri, Imana iriko ibwiriza amahanga gusoma, ari kwo guha ikaze, Umwana wayo bwa Mwami yasizwe.

22. Abategetsi b’amahanga bakwiye gukurikiza iyihe mburizi?

22 Abanka kwemera ubukuru bw’Umwami yagenywe n’Imana, baba batutse Yehova. Baba bahakanye ubusegaba Yehova afise ku vyaremwe vyose be n’ubukuru hamwe n’ubushobozi afise bwo guhitamwo Umwami abereye kuba umutegetsi mwiza kuruta bose, w’umuryango w’abantu. Abategetsi b’amahanga bazotahura yuko uburake bw’Imana bubazako giturumbuka igihe bazoba bariko bagerageza gushira mu ngiro imigambi yabo. “Uburake bgiwe . . . buziriringa” canke bururumba ningoga no mu buryo ata wobutangira. Abategetsi b’amahanga bakwiye kwemera iyi mburizi babigiranye ugukenguruka maze bakayikurikiza. Ivyo babigize, vyobaviramwo ubuzima.

23. Umwe wese mu bantu aracafise umwanya wo gukora iki?

23 Iyi zaburi yerekana ibintu mu buryo bukomeye, isozera iti: ‘Hahirwa abahungira [kuri Yehova] bose’ (Zaburi 2:12b). Umwumwe wese aracafise akaryo ko kuronka ubuhungiro. Mbere n’umutegetsi uwo ari we wese yashigikiye imigambi y’amahanga aracafise ako karyo. Barashobora guhungira kuri Yehova, we atanga ubuhungiro mu butegetsi bw’Ubwami. Mugabo bategerezwa kubigira imbere y’uko Ubwami bwa Mesiya busangangura amahanga aburwanya.

24. Ni mu buryo ki dushobora kugira ubuzima burushirije kuba ubumara akanyota, no muri iyi si idurumbanye?

24 Tugize umwete wo kwiga Ivyanditswe no gushira mu ngiro mu buzima impanuro biduha, turashobora kugira ubuzima burushirije kuba ubumara akanyota, mbere n’ubu muri iyi si idurumbanye. Gushira mu ngiro impanuro zo mu Vyanditswe, bituma ubucuti bwo mu muryango burushiriza kuba uburangwa agahimbare, bigatuma kandi umuntu atagira myinshi mu myitwarariko na vyinshi mu bintu bitera ubwoba, vyugarije iyi si. Gukurikiza ubuyobozi bwa Bibiliya biratuma twizigira tudakeka yuko turiko turahimbara Umuremyi. Kiretse Segaba w’Ibiriho vyose, nta wundi ashobora kudukura amazinda ku vyerekeye “ubu[zima] bga none n’ubuzoza” tuzoronka niyamara gukura kw’isi abantu barwanya ibigororotse mu gutera akagere ubutegetsi bw’Ubwami.—1 Timoteyo 4:8.

25. Kubera ko ‘ijambo rivumerewe na Yehova’ ridashobora kunanirwa, ni ibiki dushobora kwitega muri iki gihe cacu?

25 ‘Ijambo rivumerewe na Yehova’ ntirishobora kunanirwa. Imana yo Muremyi wacu, irazi ivyorushiriza kubera vyiza abantu kandi izorangura umugambi wayo wo guhezagira abantu bagamburuka mu kubaha amahoro, mu gutuma bumva bashize akanyota bakanaronka umutekano uramba, batwarwa n’Ubwami bw’Umwana wayo mukundwa. Ku biraba iki gihe turimwo, umuhanuzi Daniyeli yanditse ati: “Ku ngoma z’abo bami, Imana yo mw ijuru izohagurutsa ubundi bgami butazokwigera buhangūra . . . . Buzomara bukomvomvore ubgami bgose bg’abo bami; yamara bgo buzohangama gushitsa ibihe vyose” (Daniyeli 2:44). Nta nkeka rero ko iki ari co gihe co ‘gusoma urya Mwana’ maze tugakorera Umukama Segaba Yehova!

[Utujambo tw’epfo]

^ ing. 4 Mu ntango umwe ‘yarobanujwe amavuta’, ni ukuvuga yasizwe yari Umwami Dawidi “abami bo mw’isi” na bo bakaba abategetsi b’Abafilisitiya bakorakoranije ingabo zabo ngo bamurwanye.

^ ing. 7 Ibindi bisomwa vyo mu Vyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu, na vyo nyene birerekana yuko Yezu ari we Wasizwe w’Imana avugwa muri zaburi ya kabiri. Ivyo biribonekeza neza ufashe Zaburi 2:7 ukayigereranya n’Ivyakozwe 13:32, 33 be n’Abaheburayo 1:5; 5:5. Raba kandi Zaburi 2:9 n’Ivyahishuriwe 2:27.

Wokwishura gute?

• Ni “ivy’ubusa” ibihe amahanga ‘yagumye agîra ingingo’?

• Ni kubera iki Yehova akengera amahanga?

• Ni ibiki Yehova yavumereye acira urubanza amahanga?

• ‘Gusoma urya mwana’ bisobanura iki?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Ifoto ku rup. 16]

Dawidi yararirimvye ivyerekeye wa Mwami Mesiya nyenintsinzi

[Ifoto ku rup. 17]

Abategetsi be n’abanyagihugu bo muri Isirayeli baragiriye inama Yezu Kirisitu

[Ifoto ku rup. 18]

Kirisitu yarimitswe aba Umwami ku Musozi Siyoni wo mw’ijuru