Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Intunganyo y’umwaka wa Yubile ivugwa mu Balewi ikigabane ca 25 igereranya iki?

Ivyagezwe vya Musa vyaratomora ko “umwaka ugira indwi [wobereye] igihugu nk’isabato yo kuruhuka bihebuje”. Ku vyerekeye uyo mwaka, Abisirayeli bari bategetswe ibi: “Ntimuze muwurimemwo mu ndimiro zanyu, ntimuze muwutūtūriremw’imizabibu yanyu. Ivyimeza bikurikiye ivyo mwimbuye ntimuze muvyimburire mu bigega, canke ngo mwimbure inzabibu zo ku mizabibu yanyu idatūtūriye: uwo mwaka uz’ubere igihugu uwo kuruhuka bihebuje” (Abalewi 25:4, 5). Ku bw’ivyo, umwaka wose ugira indwi wategerezwa kubera ico gihugu umwaka w’Isabato. Vyongeye, umwaka wose ugira 50 ukurikira umwaka w’Isabato ugira indwi, uwo mwaka wategerezwa kuba uwa Yubile. Ni ibiki vyategerezwa kuba muri uwo mwaka?

Yehova yabwiye Isirayeli abicishije kuri Musa ati: “Muze murobanure uwo mwaka ugira mirongwitanu, mutāngāze mu gihugu cose ko habaye umwidegemvyo w’abantu bose bo muri co: uwo mwaka uz’ubabere uwa yubile; umuntu wese muri mwebge aheze agaruke mw itongo ryiwe, kand’umuntu wese agaruke mu b’i wabo. Uwo mwaka ugira mirongwitanu uze wame ubabera uwa yubile; ntimuze muwurimemwo, canke ngo mwimburire mu bigega ivyimejeje muri wo, canke ngo mwimbure inzabibu zo ku mizabibu itātūtūriye” (Abalewi 25:10, 11). Yubile wari umwaka ugira kabiri mu myaka ibiri y’Isabato yaba ikurikiranye. Ariko rero ku bantu bakibamwo, Yubile yatuma baronka umwidegemvyo. Abayuda bose baba baragurishijwe bakaba abaja baca barekurwa. Ishamvu umuntu yaba yararazwe mugabo akaba yabwirijwe kurigurisha, ryategerezwa kugarukanwa mu muryango wiwe. Muri Isirayeli ya kera, Yubile wari umwaka wo gusubiza ibintu mu buryo no kuva mu buja. None ivyo bigereranya iki ku bakirisu?

Ukugarariza kw’umuntu wa mbere Adamu, kwatumye abantu bose baba abaja b’icaha. Imana yaragize intunganyo kugira ikure abantu mu migozi y’icaha, iyo ntunganyo na yo ikaba ari inkuka y’incungu ya Yezu Kirisitu * (Matayo 20:28; Yohana 3:16; 1 Yohana 2:1, 2). Ni ryari abakirisu babohorwa bakava mu cagezwe c’icaha? Intumwa Paulo yabwiye abakirisu basizwe ati: ‘Kuko ikingera c’impwemu y’ubugingo bwo muri Kirisitu Yezu cancunguye ngo singanzwe n’icangera c’icaha n’ic’urupfu’ (Abaroma 8:2). Abafise icizigiro co kuja mw’ijuru bararonka uwo mwidegemvyo igihe basizwe impemu yera. Naho bafise umubiri w’inyama kandi bakaba ari abanyagasembwa, Imana ibita ko ari abagororotsi kandi ikabafata nk’abana bayo bo mu buryo bw’impwemu (Abaroma 3:24; 8:16, 17). Ku basizwe uko bagize umugwi, iyo Yubile y’abakirisu yatanguye kuri Pentekoti yo mu 33 G.C.

Twovuga iki ku vyerekeye “izindi ntama” zifise icizigiro co kuba kw’isi ibihe bidahera (Yohana 10:16)? Ku zindi ntama, ya Nganji ya Yezu y’imyaka igihumbi kizoba iri ikiringo co gusubiza ibintu mu buryo n’ugukurwa mu buja. Muri ico kiringo ca Yubile y’imyaka igihumbi, Yezu azokoresha ivyiza biva ku nkuka y’incungu yiwe ku bantu bemera, yongere akureho ingaruka z’icaha (Ivyahishuriwe 21:3, 4). Inganji ya Kirisitu y’imyaka igihumbi niyarangira, abantu bazoba bashikiriye ukutagira agasembwa kandi bazoba bakuweko buhere icaha be n’urupfu barazwe (Abaroma 8:21). Ivyo bimaze kuba, Yubile y’abakirisu izoba irangiye.

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 5 Kukaba nkako, Yezu yarungitswe “kumenyesha abarindwa ko barekuwe” (Yesaya 61:1-7; Luka 4:16-21). Yatangaje ukubohorwa kwo mu buryo bw’impwemu.

[Ifoto ku rup. 26]

Yubile y’imyaka igihumbi kizoba ari igihe co gusubiza ibintu mu buryo n’ugukurwa mu buja kw’“izindi ntama”