Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Urupfu ni ikintu gitera ubwoba!

Urupfu ni ikintu gitera ubwoba!

Urupfu ni ikintu gitera ubwoba!

“KUVA igihe c’ukuvuka vyama ari ibishoboka ko ikiremwa-muntu copfa igihe ico ari co cose; kandi amaherezo ivyo bitegerezwa gushika”. Ivyo vyanditswe n’umutohozakahise w’Umwongereza yitwa Arnold Toynbee. Yongeyeko ati: “Kandi naho vyogenda gute, bitebe bitebuke ntazobura gupfa”. Ibaze ntuze intuntu dutezwa n’urupfu iyo ruhitanye uwo mu muryango twakunda canke umugenzi somambike!

Urupfu, rumaze imyaka ibihumbi rutera ubwoba abantu. Iyo uwacu apfuye, turumva twihebuye bimwe bitogira uko bivugwa. Uwo mubabaro ntutora. Urupfu nta we rugera umutwe. “Umubabaro utuma dusubira kuba nk’abana, twaba twarize canke tutize. Uwari afise ubwenge kurusha abandi, usanga ahinduka nk’umuntu ata co azi”. Ukwo ni ko umwanditsi umwe wo mu kinjana ca 19 yanditse. Duca tuba nk’abana batoyi, ni ukuvuga tukihebura ntidushobore guhindura ikintu na kimwe. Bwaba ubutunzi canke ububasha, nta na kimwe gishobora kugarura uwapfuye. Inkerebutsi be n’incabwenge bose nta n’umwe aronka ico yishura. Baba abahambaye canke aboroshe, bose bararira.

Wa Mwami Dawidi wa Isirayeli ya kera yaragize mwene uwo mubabaro ukomeye igihe umuhungu wiwe Abusalomu yapfa. Uwo mwami amaze kwumva ko umuhungu wiwe yapfuye, yararize yongera araboroga ati: “Yō! Mwananje Abusalomu! Es’umwananje! Ewe mwananje Abusalomu! Iyo mpfuma ari jewe mpfa mu gishingo cawe, ewe Abusalomu mwana wanje, mwana wanje we!” (2 Samweli 18:33). Iyumvire nawe ntuze kuba umwami akomeye cane yari yaranesheje abansi b’abanyabubasha ata kindi yashoboye kugira atari ukwihebura akipfuza ko wa “mwansi w’imperuka” yari gupfuma atwara we aho gutwara umuhungu wiwe!​—1 Abakorenti 15:26, UB.

Hoba hariho umuti w’urupfu? Niba uhari, ni icizigiro ikihe kihari ku bapfuye? Twoba tuzoteba tugasubira kubona abacu? Ikiganiro gikurikira kiratanga inyishu zishingiye ku Vyanditswe kuri ivyo bibazo.