Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Yobu

Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Yobu

Ijambo rya Yehova ni rizima

Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Yobu

YOBU, sekuruza w’imiryango, aba mu gihugu c’i Uzi, muri iki gihe hakaba ari mu karere ka Arabiya. Hari Abisirayeli benshi baba mu Misiri. Naho Yobu ubwiwe atari Umwisirayeli, asanzwe asenga Yehova Imana. Bibiliya ivuga ku bimwerekeye iti: ‘Nta wuhwanye na we mw’isi, ni umuntu atunganye w’umugororotsi, yubaha Imana, akitandukanya n’ikibi’ (Yobu 1:8). Ikiringo Yobu abamwo gitegerezwa kuba kiri hagati y’ibihe vy’abasavyi babiri ba Yehova badasanzwe, ari bo Yozefu umuhungu wa Yakobo be n’umuhanuzi Musa.

Musa, uwiyumvirwa ko ari we yanditse igitabu ca Yobu, ashobora kuba yamenye ivya Yobu igihe yamara imyaka 40 i Midiyani, hafi y’igihugu c’i Uzi. Musa ashobora kuba yumvise ibijanye n’imyaka ya nyuma ya Yobu igihe Abisirayeli bari hafi y’i Uzi, amaja mu mpera ya ya myaka 40 bamaze bari mu bugaragwa *. Inkuru yigana ivyashikiye Yobu yanditswe neza cane ku buryo ibonwa ko yandikanywe ubuhinga koko. Ariko rero, n’igihambaye kuruta ivyo, irishura ibibazo nk’ibi: Ni kubera iki abantu bameze neza bacumukura? Ni kubera iki Yehova areka hakaba ubukozi bw’ikibi? Abantu b’abanyagasembwa boba bashobora kuguma ari intadohoka ku Mana? Kubera ko ubutumwa buri muri ico gitabu ca Yobu buri mu bigize Ijambo ry’Imana ryahumetswe, ni buzima kandi burafise ububasha no muri iki gihe.​—Abaheburayo 4:12.

“UMUSI NAVUKIYEKO URAKAZIMANGANA”

(Yobu 1:1–3:26)

Umusi umwe, Shetani aravyura ibihari ku bijanye n’ukutadohoka ku Mana kwa Yobu. Yehova aremera ivyo bihari maze akareka Shetani ngo ateze Yobu ivyago bigenda birakurakuranwa. Yamara, Yobu aranka ‘gutuka Imana’.​—Yobu 2:9.

Abakunzi batatu ba Yobu barashika, bazanywe no “kumugarukirako” (Yobu 2:11). Baricarana na we ntibakureko umunwa gushika aho Yobu amaherezo avuga ati: “Umusi navukiyeko urakazimangana” (Yobu 3:3). Aripfuza kuba “nk’inzoya zitigeze zibona umuco”, ni ukuvuga zapfuye zikivuka.​—Yobu 3:11, 16.

Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:

1:4—Abana ba Yobu boba barahimbaza imisi mikuru yo kwibuka ivuka ryabo? Ihibambewe, nta vyo bagira. Ijambo ryo mu rurimi rwo mu ntango ryahinduwe ngo “umusi” riratandukanye n’iryahinduwe ngo “umusi wo kwibuka ukuvuka”. Rimwe ryose rifise insobanuro ryisangije (Itanguriro 40:20). Muri Yobu 1:4, hakoreshwa ijambo “umusi”, rikaba risobanura ikiringo kinaka co kuva izuba riserutse gushika rirenze. Biboneka ko rimwe mu mwaka abahungu indwi ba Yobu bagira ivy’ugutororokanira hamwe kw’umuryango vyamara imisi indwi. Uko bava iw’umwe bakaja iw’uwundi, umwumwe wese muri abo bahungu yarakira abandi ku mazimano yaba yateguriye mu nzu yiwe “ku musi yashinze”.

1:6; 2:1—Ni bande bari bemerewe kuza gushengera imbere ya Yehova? Mu bashengera imbere ya Yehova harimwo Umwana w’ikinege w’Imana, ari we Jambo; abamarayika b’intahemuka; be n’“abana b’Imana” b’abamarayika b’abagambarazi, ushizemwo na Shetani wa Mucokoranyi (Yohana 1:1, 18). Shetani n’amadayimoni yiwe ntibari bwirukanwe mw’ijuru, bagiye kwirukanwa mw’ijuru haheze igihe gitoyi Ubwami bw’Imana bushinzwe mu 1914 (Ivyahishuriwe 12:1-12). Yehova, mu kubareka bakaza gushengera imbere yiwe, yaba ashize ahabona imbere y’ibiremwa vy’impwemu vyose ibihari vya Shetani be n’ibibazo ivyo bihari vyavyuye.

1:7; 2:2—Yehova yoba ari we yivuganira na Shetani? Bibiliya ntivuga vyinshi ku bijanye n’ukuntu Yehova avugana n’ibiremwa vyiwe vy’impwemu. Ariko rero, umuhanuzi Mikaya mu vyo yeretswe yarabonye umumarayika yariko yivuganira na Yehova (1 Abami 22:14, 19-23). Bisa n’uko rero Yehova yavugana na Shetani ata we arinze gucishako.

1:21 (NW)​—Ni mu buryo ki Yobu yari gushobora gusubira ‘mu nda ya nyina wiwe’? Kubera ko Yehova Imana yabumvye umuntu “mu mukungugu wo hasi”, ijambo “mama” muri uwo murongo rikoreshwa mu buryo bw’ikigereranyo mu kwerekeza kw’isi–butaka.​—Itanguriro 2:7.

2:9—Umukenyezi wa Yobu ashobora kuba yari amerewe gute mu bwenge igihe yabwira umunega wiwe ngo atuke Imana apfe aveho? Umukenyezi wa Yobu yari yatakaje ivyiwe n’abiwe cokimwe na Yobu. Bitegerezwa kuba vyaramubabaje kubona ukuntu umunega wiwe yahora ari umugabo w’indyamunyu asigaye arembejwe n’indwara iteye ishishi. Yari yarabuze abana biwe yakunda. Ashobora kuba yari yateshejwe umutwe cane n’ivyo vyose ku buryo atari akibona icari gihambaye vy’ukuri, ni ukuvuga ubucuti bari bafitaniye n’Imana.

Ivyigwa tuhigira:

1:8-11; 2:3-5. Nk’uko ivyashikiye Yobu bivyerekana, uretse gusa ibikorwa bibereye be n’imvugo ibereye, ukutadohoka gusaba ko umuntu akorera Yehova abitumwe n’imvo zibereye.

1:21, 22. Turashobora kwerekana yuko Shetani ari umubeshi mu kuguma turi intahemuka kuri Yehova mu bihe vyoroshe no mu bihe bigoye.​—Imigani 27:11.

2:9, 10. Cokimwe na Yobu, dukwiye kuguma dushikamye mu kwizera n’igihe nyene abo mu muryango wacu batoba baha agaciro ivyo dukurikirana mu vy’impwemu canke bakaba bariko baraduhata ngo tudohoke ku kwizera kwacu kibure ngo tugute.

2:13. Abakunzi ba Yobu barabuze ikintu na kimwe kiremesha bovuga ku vyerekeye Imana n’imihango yayo kubera batari abantu babona ibintu mu buryo bw’impwemu.

‘SINZOKWIGERA MVA KU KUTADOHOKA KWANJE’

(Yobu 4:1–31:40)

Iciyumviro nyamukuru abakunzi batatu ba Yobu bashikiriza mu vyo bavuga, ni ic’uko Yobu ategerezwa kuba hari ikintu kibi cane yakoze ari na co ngo coba caratumye Imana imuha igihano gikomeye ukuraho. Elifazi ni we atangura gufata ijambo. Biludadi aca akurikira, agakoresha imvugo icumita kuruta. Zofari wewe aza ari agakura mu kuryagagura Yobu.

Yobu ntiyemera ivyiyumviro bitari vyo vy’abo bantu baje kumuraba. Kubera ko adatahura impamvu Imana yaretse agacumukura, aritaho bimwe birenze ivyo kwerekana ko ata kibi kimwagira. Yamara, Yobu arakunda Imana, kandi avuga ashimitse ati: “Kugeza aho nzopfira, sinzokwigera mva ku [“kutadohoka”, NW] kwanje”.​—Yobu 27:5.

Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:

7:1; 14:14—Imvugo ngo “intambara [“igikorwa c’agahato”, NW]” ishaka kuvuga iki? Amarushwa Yobu yarimwo yari akomeye ku buryo yabonye ko ubuzima bumeze nk’intambara canke igikorwa c’agahato kigoye kandi kiruhisha cane (Yobu 10:17, NW, akajambo k’epfo). N’ikindi kandi, kubera ko igihe umuntu amara muri Sheoli, ni ukuvuga kuva apfuye gushika azutse, ari ikiringo acamwo bitavuye ku gushaka kwiwe, Yobu yakigereranije n’igikorwa c’agahato.

7:9, 10; 10:21; 16:22—Ayo majambo yoba yerekana ko Yobu atari yizera izuka? Ayo ni amajambo yavuze ku bijanye na kazoza kiwe ka hafi. None yashaka kuvuga iki? Ikintu kimwe ashobora kuba yashatse kuvuga ni uko aramutse apfuye ata muntu n’umwe mu bo mu gihe ciwe yosubiye kumubona. Afatiye ku kuntu abo bantu bo mu gihe ciwe babona ibintu, ntiyogarutse mu nzu yiwe canke ngo abe acibukwa ukundi igihe Imana yashinze kitaragera. Yobu ashobora kandi kuba yashaka kuvuga yuko ata muntu n’umwe ashobora kwikura muri Sheoli . Muri Yobu 14:13-15 harerekana neza yuko Yobu yari yizeye ko hobayeho izuka muri kazoza.

10:10—Ni mu buryo ki Yehova ‘yasutse Yobu nk’amata akamuvuza nk’urubu’? Ayo ni amajambo ndyoshamvugo adondora ukuntu Yobu yaremewe mu nda ya nyina wiwe.

19:20—Yobu yashaka kuvuga iki mu kuvuga ngo “Mpunga n’urukoba rw’amenyo yanje” (NW)? Mu kuvuga yuko yahunze n’urukoba rw’ikintu bisa n’uko ata rukoba kigira, Yobu ashobora kuba yariko avuga yuko yahunze hafi iminwe misa.

Ivyigwa tuhigira:

4:7, 8; 8:5, 6; 11:13-15. Iyo umuntu ari mu marushwa, ntidukwiye guca twihutira kwiyumvira ko ariko yimbura ivyo yabivye be n’uko adashimwa n’Imana.

4:18, 19; 22:2, 3. Impanuro dutanga zikwiye kuba zishingiye kw’Ijambo ry’Imana, aho kuba zishingiye ku vyiyumviro vyacu bwite.​—2 Timoteyo 3:16.

10:1. Umujinya warahumye amaso Yobu ku buryo atiyumviriye ibindi bintu bishobora kuba ari vyo vyariko bituma acumukura. Ntidukwiye kugira umujinya igihe turiko turacumukura, na canecane kubera ko dutahura neza ibibazo bijanye n’ugucumukura.

14:7, 13-15; 19:25; 33:24. Igihe twoba turi mu kigeragezo ico ari co cose Shetani yoduteza, icizigiro c’izuka kirashobora kudukomeza.

16:5; 19:2. Amajambo tuvuga akwiye kuremesha abandi no kubakomeza, aho kuba ayabashavuza.​—Imigani 18:21.

22:5-7. Impanuro umuntu atanga afatiye ku vyagirizo bidafashe nta co imaze kandi iragira nabi.

27:2; 30:20, 21. Kuguma umuntu ari intadohoka ntibisaba ko aba atunganye. Yobu yarihenze aratora amahinyu Imana.

27:5. Yobu ubwiwe ni we yari gushobora kuva ku kutadohoka kwiwe kubera ko ukutadohoka kw’umuntu kuvana n’urukundo akunda Imana. Dukwiye rero gutsimbataza ugukunda Yehova bimwe bikomeye.

28:1-28. Umuntu arazi aho ubutunzi bwo mu butaba buri. Igihe ariko araburondera, ubuhinga bwiwe butuma aja mu nzira zo mu kuzimu ata nyoni n’imwe ibona kure ishobora kubona. Yamara ubukerebutsi buva ku Mana bwobwo buva ku gutinya Yehova.

29:12-15. Dukwiye  kugaragariza ubuntu-mvarukundo abari n’ivyo bakenye tubigiranye umutima ukunze.

31:1, 9-28. Yobu yaradusigiye akarorero keza mu kwirinda gukwegana n’abo batari basangiye igitsina, kurenga ibigo, kurenganya abandi no kubafata mu buryo butaranga ikigongwe, guhahamira amaronko, be no gusenga ibigirwamana.

‘NDIGAYA NKIGARAGURA MU MUKUNGUNGU NO MU MUNYOTA’

(Yobu 32:1–42:17)

Umusore umwe yitwa Elihu yagumye ng’aho yumviriza atekereje ibiyago birimwo uguharira biriko biraba. Ubu rero arafata ijambo akavugana ubushizi bw’amanga. Arakosora Yobu n’abamuturubika batatu.

Elihu apfa guheza kuvuga Yehova agaca yishurira Yobu mu gashururu. Ntasigura igituma Yobu ariko aracumukura. Ariko rero, Musumbavyose arabaza Yobu urukurikirane rw’ibibazo, gutyo agatuma Yobu abona ububasha buteye akoba afise be n’ubukerebutsi bwiwe bwinshi. Yobu ariyemerera ko yavuze adatahura, maze akagira ati: ‘[“Ndigaruye”, NW], ndigaya nkigaragura mu mukungugu no mu munyota’ (Yobu 42:6). Ikigeragezo Yobu yarimwo kirarangira, maze agahabwa impera kubera ko yagumye ari intadohoka.

Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:

32:1-3—Elihu yashitse ryari? Kubera ko Elihu yumvise ivyagiye biravugwa vyose, ategerezwa kuba yari yicaye ahantu yashobora kuvyumva, akaba yari yahicaye imbere y’uko Yobu atangura kuvuga hashize imisi indwi ba bakunzi biwe batatu badakurako umunwa.​—Yobu 3:1, 2.

34:7—Ni mu buryo ki Yobu yari nk’umuntu “agotomera ibirogotano [canke, “agatwengo”, NW] nk’amazi”? Igihe Yobu yari mu mubabaro, yaremera gufata agatyekezo ka ba bantu batatu bari baje kumuraba akakiyerekezako, naho mu vy’ukuri baba bariko barogota ku Mana (Yobu 42:7). Muri ubwo buryo, yariko agotomera agatwengo nka kurya kw’umuntu agotomera amazi aryohewe.

Ivyigwa tuhigira:

32:8, 9. Ubukerebutsi ntibuvana gusa n’imyaka umuntu aba afise. Busaba ko atahura Ijambo ry’Imana akongera akayoborwa n’impwemu yayo.

34:36. Ukutadohoka kwacu kugaragara igihe ‘tugeragejwe gushitsa kw’iherezo’ mu buryo bunaka.

35:2. Elihu yarumvirije yitonze aratahura neza aho ikibazo nyakuri kiri imbere yo kugira ico avuze (Yobu 10:7; 16:7; 34:5). Imbere yo gutanga impanuro, abakurambere bakirisu bategerezwa kwumviriza bitonze, bakamenya neza ukuntu ibintu vyifashe, bakongera bagatahura aho ibibazo nyakuri biri.​—Imigani 18:13.

37:14; 38:1–39:30. Kuzirikana ku bikorwa vy’agatangaza vya Yehova, ibigaragaza ububasha bwiwe n’ubukerebutsi bwiwe, bituma twicisha bugufi bikongera bikadufasha kubona yuko ukwemezwa kw’ubusegaba bwiwe guhambaye kuruta inyungu yacu iyo ari yo yose.​—Matayo 6:9, 10.

40:1-4. Igihe twoba twumva dushaka kwidogera Mushoboravyose, dukwiye guca ‘twifata ku munwa’, ni ukuvuga tugapfuka umunwa n’ikiganza.

40:15–41:34. Iyumvire ububasha imvubu n’ingona bifise! Na twebwe, kugira tubandanye kurangura umurimo w’Imana, turakeneye inkomezi ziva kuri Umwe yarema ivyo bikoko bikomeye, we aduha inkomezi.​—Ab’i Filipi 4:13.

42:1-6. Kwumva ijambo rya Yehova no kwibutswa uburyo ububasha bwiwe bwibonekeza vyarafashije Yobu ‘kubona Imana’, ni ukuvuga kubona ukuri ku biyerekeye (Yobu 19:26). Ivyo vyarabogoye ivyiyumviro vyiwe. Igihe dukosowe hishimikijwe Ivyanditswe, dukwiye kugira umutima ukunze wo kwemera ikosa maze tukagira ivyo duhinduye.

Nutsimbataze “ukwihangana kwa Yobu”

Igitabu ca Yobu kirerekana neza yuko Imana atari yo ituma abantu bacumukura. Shetani ni we abituma. Kuba Imana ireka hakaba ubukozi bw’ikibi kw’isi biraduha akaryo ko gutanga inyishu yacu bwite ku bijanye n’aho duhagaze kuri vya bibazo vyerekeye ubusegaba bwa Yehova n’ukutadohoka kwacu.

Nk’uko vyashikiye Yobu, abakunda Yehova bose bazogeragezwa. Inkuru ya Yobu iradukura amazinga yuko dushobora kwihangana. Iratwibutsa yuko ingorane zidushikira zitazokwamaho ibihe bidahera. Muri Yakobo 5:11 hagira hati: “Mwarumvise ukwihangana kwa Yobu, mwabonye ivy’Umwami Imana yaherutse kumugirira”. Yehova yarahaye impera Yobu kubera ko yagumye ari intadohoka (Yobu 42:10-17). Iyumvire ntuze icizigiro c’akaroruhore dushirwa imbere: ubuzima budahera mw’Iparadizo ngaha kw’isi wa muntu we! Cokimwe na Yobu, nimuze rero twiyemeze kuguma turi intadohoka.​—Abaheburayo 11:6.

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 2 Igitabu ca Yobu kivuga inkuru y’ivyabaye mu kiringo c’imyaka irenga 140, hagati ya 1657 B.G.C. na 1473 B.G.C.

[Ifoto ku rup. 16]

Ni igiki dushobora kwigira ku “kwihangana kwa Yobu”?