Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ese ukuntu isi yacu ari nziza!

Ese ukuntu isi yacu ari nziza!

Ese ukuntu isi yacu ari nziza!

ABAHINGA mu vy’imibumbe bararavye basanga isi tubako ni akantu ide kari mu kirere kitagira uko kingana. Mu mibumbe yose iri mu kirere abantu bashobora kubona, nta wundi barasangako ibintu bituma ubuzima bushoboka. Ku mubumbe wacu, ari wo Si, ni ho honyene hari ibintu bibereye koko bituma ubuzima bushoboka.

N’ikindi kandi, turashobora kubaho tunezerewe kuri uno mubumbe mwiza. Urazi nk’ukuntu biryoshe kwumva ubususuruke bw’izuba iyo hakanye! Ni nde muri twebwe atumva aryohewe n’ubwiza bw’izuba iyo riserutse be n’iyo rirenze? Ariko rero, izuba ntirituma twumva duhimbawe gusa. Ni ntahara ku buzima bwacu.

Kuva kera na rindi, mu myaka amamiliyoni n’amamiliyoni, inguvu izuba rifise zo gukwega ibindi bisyo zamye zituma isi be n’iyindi mibumbe birizunguruka bikurikije inzira zavyo, bitigera bita umurongo. Vyongeye, nk’uko bavyigisha mu mashure, izuba be n’imibumbe irizunguruka, birazunguruka igice co hagati c’igalagisi (ni ukuvuga umugwi w’inyenyeri be n’ibindi bisyo) yitwa Nzira Nyamweru, ari na yo isi yacu irimwo. Mugabo, muri iyo galagisi isi yacu irimwo, izuba ni imwe gusa mu nyenyeri amamiliyaridi arenga 100 zizunguruka ico gice co hagati c’iyo galagisi.

Iyo galagisi yitwa Nzira Nyamweru iri mu kigwi kigizwe n’amagalagisi nka 35, imwimwe yose muri zo ikaba ifise inguvu zo gukwega iyindi. Ibigwi bininibinini usanga birimwo amagalagisi ibihumbi n’ibihumbi. Iyaba wa mugwi ugizwe n’izuba be n’imibumbe irizunguruka wari mu kigwi kinini kiruta ico usanzwe urimwo kandi kigizwe n’amagalagisi menshi kuruta, vyoshoboka cane ko uwo mugwi uhungabana, ntugume umeze nk’uko uri. Ariko, nk’uko uwitwa Guillermo Gonzalez be na Jay W. Richards babivuga mu gitabu banditse citwa Umubumbe utameze nk’iyindi (mu congereza), mu bisanzwe si amagalagisi menshi usanga “ashobora kubamwo ubuzima bugizwe n’imice myinshi itandukanye cokimwe n’[igalagisi] yacu”.

Ubuzima bwo kuri uwu mubumbe wacu mwiza bwoba bwapfuye kwiyadukiza, canke bwoba bufise intumbero ihambaye?

Abantu benshi barashitse ku ciyumviro c’uko, icatumye iyi si tubako iremwa ari ukugira ngo ibeko ubuzima *. Haraciye ibinjana n’ibindi umuryoshamvugo umwe w’Umuyuda agize ico avuze ku vyerekeye ijuru n’isi, mu kwandika ati: “Iyo nitegereje ijuru ryawe, igikorwa c’intoke zawe, n’ukwezi n’inyenyeri, ivyo waremye; umuntu n’iki?” (Zaburi 8:3, 4). Uwo muryoshamvugo yabona ko hategerezwa kuba hariho Umuremyi. Uravye igihe tugezemwo aho usanga abantu benshi bemera ivya siyansi, ubona ico ciyumviro cumvikana?

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 7 Raba igitabu ca Zaburi, na canecane Zaburi ya 8.

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 3]

“Isi, uyirabiye kure, imeze nk’akabuyenge gasa n’ubururu gakayanganira mu kirere gicura umwiza”. Ukwo ni ko igitabu kimwe cerekeye ivy’umubumbe w’isi (The Illustrated Science Encyclopedia​—Amazing Planet Earth) kivuga.

[Abo dukesha ifoto]

Umubumbe: U.S. Fish & Wildlife Service, Washington, D.C./NASA