Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ingabirano izokwamaho twahawe n’Umuremyi

Ingabirano izokwamaho twahawe n’Umuremyi

Ingabirano izokwamaho twahawe n’Umuremyi

NTIBIGUTANGAZA kubona ibintu abahinga mu vya siyansi bavuga ko ari ntahara kugira ngo ku mubumbe munaka habe ubuzima, Bibiliya ibivuga canke ikavyerekezako mu kigabane cayo ca mbere? Uti ivyo bintu ni ibihe?

Kugira ngo ku mubumbe munaka habeho ubuzima bumeze neza, hategerezwa kuba hariho amazi menshi cane, nk’arya avugwa mw’⁠Itanguriro 1:2. Ubushuhe bwaho butegerezwa kuba buri ku rugero rubereye kugira ngo amazi ari kuri wo agume ari amazi buzi. Ivyo na vyo bisaba ko uwo mubumbe uba uri kure y’izuba canke kure y’ikinyenyeri wisunga kimeze nka ryo, ku burebure bubereye. Inkuru dusanga mw’⁠Itanguriro irerekeza akatari gake ku zuba no ku kuntu rigira ico rikoze kw’isi.

Kugira ngo abantu bashobore kuba ku mubumbe munaka, ni ngombwa ko haba hari ikirere kiwukikuje kigizwe n’uruvange runaka rw’imyuka. Ico kintu gihambaye cane kirerekezwako mw’⁠Itanguriro 1:6-8. Ibimera, ivyo mw’⁠Itanguriro 1:11, 12 hadondora ukuntu vyatanguye kubaho, biri mu bituma haboneka umwuka mwinshi duhumeka, umwe witwa ogisijeni. Kugira ngo ku mubumbe munaka hashobore kuba ubwoko bwinshi bw’ibikoko, kandi bikabaho bimerewe neza, ni ngombwa ko haba hari ubutaka bumera, nka burya budondorwa mw’⁠Itanguriro 1:9-12. N’ikindi kandi, kugira ngo ku mubumbe munaka habe ubukanye n’ubushuhe bigereranye, hategerezwa kuba hari ikintu gituma uguma uhengamye ku rugero rubereye. Ku bijanye n’isi, inguvu ukwezi gufise zo gukwega ibindi bisyo ni kimwe mu bintu birangura urwo ruhara. Mw’⁠Itanguriro 1:14, 16 haravuga ukuntu ukwo kwezi kwatanguye kubaho, hakavuga n’uburyo bumwebumwe kutugirira akamaro.

None ko wa mwanditsi wa kera Musa atari azi ivy’ubuhinga n’ubumenyi bijanye n’ivya siyansi vyo mu bihe vya none, yashoboye gute kuvuga ibijanye n’ivyo bintu duhejeje kuvuga? Twoba none twovuga ko yari arengeye abo mu gihe ciwe ku buryo we yatahura akamaro kavyo? Icatumye ashobora kubivuga ni uko yahumekewe n’Umuremyi w’ijuru n’isi. Ico ni ikintu cibonekeza koko uravye ingene ibivugwa mu nkuru yo mw’⁠Itanguriro bihuza n’ivyo abahinga mu vya siyansi bavuga.

Bibiliya irerekana neza yuko ibintu vy’akumiza tubona mu bidukikije vyose, biriho ku bw’umugambi munaka. Muri Zaburi 115:16 havuga hati: “Amajuru n’amajuru y’Uhoraho, arikw isi yayihaye abana b’abantu”. Iyindi zaburi na yo igira iti: “Washizeh’amatanguriro y’isi, ngo yoye kuzonyiganyizwa gushitsa ibihe bidashira” (Zaburi 104:5). Nimba hariho Umuremyi yiyumviriye kurema ibiriho vyose, ushizemwo n’umubumbe wacu mwiza, akongera akabishiraho, kwemera yuko ashoboye no gutuma bibandanya kubaho ni ikintu cumvikana. Ivyo bisobanura rero ko ushobora kwitegana umutima mu nda iranguka ry’uwu muhango mwiza igitangaza ugira uti: “Abagororotsi bazoragwa [“isi”, NW], ba[y]ibemw’ibihe bidashira” (Zaburi 37:29). Ku bijanye n’isi, ico twomenya tudakekeranya co ni uko Imana “[it]ayiremye ngw ibek’ubusa gusa, ariko yayibumvye kugira ngw ibekw abantu” bakenguruka kandi bemera ivyo yakoze.​—Yesaya 45:18.

Ivyanditswe vyerekana yuko Yezu yaje kw’isi kugira ngo atwigishe ivyerekeye Imana be n’umugambi wayo wo gutuma abantu bagamburuka babaho ibihe bidahera (Yohana 3:16). Turakurwa amazinda yuko vuba Imana igiye ‘guhonya abahonya isi’, yamara ko abantu bakunda amahoro bo mu mahanga yose bemera intunganyo yashizeho ku bw’ubukiriro, bobo bazorokoka (Ivyahishuriwe 7:9, 14; 11:18). Ese ukuntu ubuzima buzoba buryoshe uko abantu bazogenda barushiriza kumenya ibitangaza Imana yaremye no kubinezererwa, ibihe bidahera!​—Umusiguzi 3:11; Abaroma 8:21.

[Picture Credit on page 8]

Ifoto yafashwe na NASA