Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Igikorwa c’ukwubaka mu buryo bw’impwemu kibera ku “nzu y’ibuye”

Igikorwa c’ukwubaka mu buryo bw’impwemu kibera ku “nzu y’ibuye”

Igikorwa c’ukwubaka mu buryo bw’impwemu kibera ku “nzu y’ibuye”

Izina ry’ico gihugu co muri Afirika risobanura ngo “Inzu y’ibuye”. Ni igihugu kizwi cane kubera amasumo yaco y’amazi yitiriwe Vigitoriya be n’ibinyabuzima vyo mw’ishamba vyaho bitandukanye. Ariko kandi, ico gihugu ni co gifise inyubakwa za kera niniya kuruta izindi zose zubatswe n’abantu zo muri Sahara yo mu Bumanuko. Itaba ry’imisozi y’urubuye ni ryo rica hagati na hagati yaco. Kubera ko kuri iryo taba hadashushe cane canke ngo hakanye cane, bituma himbuka bigatuma kandi haba n’ivyatsi vyinshi biremvye. Ico gihugu cariko kiravugwa ni Zimbabwe. Kibamwo abanyagihugu nk’imiliyoni 12.

NI KUBERA iki ico gihugu ciswe Inzu y’ibuye? Mu 1867, uwitwa Adam Renders, akaba ari umugabo yagize ingendo mu ntumbero yo kurondera ibintu no kugenzura uturere, yagiye abona yubuka ku nyubakwa niniya zari ahantu hangana na hegitari 720. Yari amaze igihe agendagenda mu ntara za Afirika zirimwo ivyatsi n’ibiti bikebike, aho wasanga amazu yaho muri rusangi yubakishijwe ivyondo n’ibiti, akaba kandi asakajwe ivyatsi. Mu nyuma, yarubutse ku bisigarira vy’ibihome vyari vyubakishije amabuye vy’igisagara kininiya cane, icitwa ubu Zimbabwe Nkuru.

Ivyo bisigarira biherereye gatoyi mu Bumanuko bw’akarere ubu kitwa Masvingo. Bimwebimwe muri ivyo bihome usanga birenza imetero 9 z’amaduga, bikaba bigizwe n’amabuye yagiye aragerekeranywa ata sima ikoreshejwe. Muri ivyo bisigarira hari umunara udasanzwe ufise imero y’umubirikira wubitse. Uwo munara ureha n’imetero nka 11 z’amaduga, hasi na ho ukagira ubwaguke bw’imetero 6. N’ubu nta wuzi neza icatumye wubakwa. Ivyo bisigarira ni ivyo kuva mu kinjana c’umunani G.C. Yamara, hariho ibimenyamenya vyerekana yuko mu myaka amajana n’amajana imbere y’ico kinjana, aho hantu haba abantu.

Mu 1980 ni ho igihugu citwa ico gihe Rodeziya cikukira kikava mu bukoloni bw’Abongereza, gica citwa Zimbabwe. Abanyagihugu baho bagizwe n’ubwoko bubiri nyamukuru: hari Abashona, ari na bo bagize igice kinini c’abanyagihugu, hakaba n’Abandebele. Abantu baho ni abakiranyi, nk’uko Ivyabona vya Yehova bagiye baravyibonera akatari gake bari mu gikorwa cabo co kwamamaza inkuru nziza inzu ku nzu. Rimwe na rimwe, iyo umuntu abagendeye adodoye ku rugi, ataranidondora baca buno nyene bamubwira ngo “Nimushike” hanyuma bakamubwira ngo “Nimwicare”. Benshi mu Banyazimbabwe barubaha cane Bibiliya, kandi kenshi na kenshi mu gihe c’ibiyago bishingiye kuri Bibiliya usanga basaba abana babo bashimitse ngo bicare kugira bumvirize.

Ugushikiriza ubutumwa bukomeza bwerekeye uguhumurizwa

Ijambo “SIDA” be n’ijambo “uruzuba” ni amajambo akunda gukoreshwa mu makuru igihe haba hariko haravugwa ivya Zimbabwe. Ikwiragira ry’ikiza ca SIDA ryaragize ingaruka zikomeye ku banyagihugu bo mu bihugu vya Afirika yo mu Bumanuko bwa Sahara no ku butunzi bwavyo. Muri ico gihugu, abinjira ibitaro kenshi na kenshi usanga ari abarwaye SIDA. Ico kiza carononye ubuzima bwo mu ngo z’abatari bake.

Kugira ngo Ivyabona vya Yehova bafashe abantu bo muri Zimbabwe, barakora cane mu kubabwira yuko uburyo bwiza kuruta ubundi bwo kubaho ari ubugengwa n’ingingo ngenderwako z’Imana ziri muri Bibiliya. Nk’akarorero, Ijambo ry’Imana ryigisha yuko abubakanye ari bo gusa bakwiye kurangura amabanga mpuzabitsina, yuko ukumarana inambu y’umubiri kw’abasangiye igitsina kutemerwa n’Imana, be n’uko guterwa amaraso no gufata ibiyayuramutwe ku bwo kwinezereza bibuzwa n’amategeko ya Yehova (Ivyakozwe n’intumwa 15:28, 29; Abaroma 1:24-27; 1 Ab’i Korinto 7:2-5; 2 Ab’i Korinto 7:1). Ivyabona barakwiragiza kandi ubutumwa bujanye n’icizigiro gifise ishingiro, bagashimika ku vy’uko vuba Ubwami bw’Imana bugiye kurandurana n’imizi indwara zose.​—Yesaya 33:24.

Ugutabara abashikiwe n’ivyago

Muri iyi myaka cumi iheze, uruzuba rwarabiciye biracika muri Zimbabwe. Ibikoko vyararabitswe n’inzara be n’umwumira. Inka ibihumbi amajana zarapfuye. Imiriro ya Nyakanga yararigise amahegitari y’amashamba y’ibiti. Abana benshi be n’abageze mu zabukuru batari bake barahasize ubuzima bivuye ku gufungura nabi. Eka mbere n’amazi ya rwa Ruzi Zambezi runini cane, yagiye aragabanuka ku buryo vyahatswe gutuma ingomero z’umuyagankuba zihagarara.

Ivyabona vya Yehova, mu ntumbero yo kugira ico bakoze ku bijanye n’ayo marushwa, barashinze mu mihingo itandukanye y’ico gihugu komite umunani zijejwe gutabara. Abacungezi b’ingenzi baragendeye amashengero kugira barabe ibikenewe koko. Amakuru baronse yaca ahabwa komite ijejwe gutabara iraba ivya nya karere. Umucungezi w’ingenzi umwe yavuze ati: “Muri iyi myaka itanu iheze, twatanze amatoni arenga igihumbi y’ibigori, amatoni cumi y’ifi zumye, be n’amatoni nk’ayo nyene y’ibiharage vya mukutsapantalo vyumye. Abavukanyi bacu bo mu vy’impwemu barateguye amatoni abiri ya mufushwa [ni ukuvuga imboga zumye]. Twaratanze kandi imfashanyo z’impuzu zitari nke, turatanga n’amahera yari akenewe”. Uwundi mucungezi w’ingenzi yavuze ati: “Iyo nzirikanye ku kuntu vyatugora kuronka impapuro zasabwa n’igihugu ca Zimbabwe be n’ica Afirika y’Epfo kugira twinjize izo mfashanyo, nkongera nkazirikana ku kuntu ibitoro vyari bikenye n’ubu bikiriko, kandi twari tubikeneye ku bwo gutwara izo mfashanyo abavukanyi bari bakeneye bimwe bidasanzwe, nta kindi novuga atari uko kuba twarashoboye kuzishikana cabaye ikindi kimenyamenya cerekana yuko ya majambo yo kudukura amazinda Yezu yavuga yuko Data wa twese wo mw’ijuru azi ko dukeneye ivyo vyose, ari ay’ukuri”.​—Matayo 6:32.

None abacungezi b’ingenzi bavyifatamwo gute igihe baba bariko barakorera mu turere twasinzikajwe n’uruzuba? Bamwebamwe bagenda batwaye ibifungurwa basangira n’imiryango ibaha indaro. Umwe muri abo bacungezi yavuze yuko hari abavukanyikazi bariko bibaza niba bohagarika kwamamaza nya musi kugira baje gutonda ngo baronswe imfashanyo zatangwa na Leta. Baciye bahitamwo kwizigira Yehova mu gushira imbere igikorwa co kwamamaza maze bakaraba ukuntu vyari kugenda mu nyuma. Kandi uzi n’inkuru, uwo musi nta mfashanyo n’imwe ya Leta yabonetse.

Ku musi ukurikira, hari hategekanijwe ikoraniro rya gikirisu, abo bavukanyikazi bakaba rero babwirizwa gusubira gufata ingingo. Boba bari kuja kuri nya koraniro canke bari kuja kurindira nya mfashanyo ko zishika? Bamaze kubona ico bakwiye gushira imbere, baritavye nya koraniro ku Ngoro y’Ubwami (Matayo 6:33). Magingo bariko bararirimba ururirimbo rwo gusozera, bagiye bumva ikamyo iriko iraza. Emwe, imfashanyo yari ibasanze aho nyene, biciye ku bavukanyi babo bo mu buryo bw’impwemu bo muri komite ijejwe gutabara! Ntiworaba umunezero n’ugukenguruka Ivyabona b’intahemuka bari bitavye iryo koraniro bari bifitiye!

Urukundo rurubaka

Ibintu biranga umutima mwiza vyagiriwe abatari mw’ishengero rya gikirisu, vyaratumye haboneka uturyo two gushinga intahe nziza. Umucungezi umwe w’ingenzi akorera mu karere ka Masvingo yari yagiye mu gikorwa co kwamamaza ari kumwe n’Ivyabona baho. Yagiye abona umwana w’umukobwa arambaraye iruhande y’ibarabara. Ivyo Vyabona barabonye ko uwo mukobwa yari arwaye cane, kubera ko atashobora kuvuga neza, n’ijwi ryiwe rikaba ryarajugumira. Uwo mukobwa yitwa Hamunyari, mu gishona iryo zina rikaba risobanura ngo “Ntumaramara?”. Abo bavukanyi baramenye yuko yari yatawe na bagenziwe basangiye idini bariko baja mu misozi gusenga. Ivyo Vyabona baramufashije babigiranye urukundo, baramutwara mu kagwati kari hafi y’aho hantu.

Muri ako kagwati, hari abaciye bamenya Hamunyari, baca babwira incuti ziwe kuza kumuraba. Abo muri ako kagwati bavuze ku bijanye n’ivyo Vyabona bati: “Iri ni ryo dini ry’ukuri. Uru ni rwo rukundo abakirisu bari bakwiye kugaragaza” (Yohana 13:35). Imbere y’uko abo bavukanyi bagenda, barahaye Hamunyari ka gapapuro k’inkuru nziza kavuga ngo Woba Ushaka Kumenya Vyinshi ku Vyerekeye Bibiliya? *.

Mu ndwi ikurikira, nya mucungezi w’ingenzi yaragendeye ishengero ryo mu karere Hamunyari yabamwo. Yashaka kumenya ko yoba yashitse i muhira impore. Umuryango wa Hamunyari wose waranezerejwe cane no kubona uwo mucungezi n’abavukanyi bo muri ako karere. Abavyeyi biwe bavuze bati: “Mwebwe muri mw’idini ry’ukuri. Mwararokoye umukobwa wacu bari bataye ku nzira aremvye cane”. Bari barabajije abasenga hamwe na Hamunyari bati: “Ntimwamaramaye (nk’uko izina Hamunyari risobanura) kubona mumusiga kagira gace?”. Nya Vyabona baratanguje ibiyago bishingiye kuri Bibiliya, barasigira n’ibitabu bishingiye kuri Bibiliya umuryango wa Hamunyari, uno ukaba wasavye ko abo bavukanyi bogaruka kwigana Bibiliya na bo. Abo muri uwo muryango bahora barwanya Ivyabona barahinduye ivyiyumviro. Umwe muri bo, akaba ari muramu wa Hamunyari, yari indongozi mw’idini rimwe ryo muri ako karere. Yaremeye kwiga Bibiliya.

Ukwubaka inzu zo gusengeramwo

Hari umuryoshamvugo wa kera cane yanditse ahumekewe n’Imana ati: “Mana, . . . umutima wanje ukugirira inyota, . . . mu gihugu cumye, kiruhijwe, kitagira amazi” (Zaburi 63:1). Ese ukuntu ivyo vyigaragaje ku bijanye n’abantu benshi bo muri Zimbabwe! Ku mubiri, barihanganira uruzuba, ariko mu vy’impwemu baranyotewe Imana n’ukumera neza kwayo. Ivyo birabonekera ku vyavuye mu busuku bwa gikirisu Ivyabona vya Yehova baranguye. Igihe Zimbabwe yikukira mu 1980, muri ico gihugu hari nk’Ivyabona 10.000 bari mu mashengero 476. Ubu, hakaba hashize imyaka nka 27, igitigiri c’Ivyabona bamamaza inkuru nziza muri ico gihugu carigwije gatatu, igitigiri c’amashengero na co cigwiza hafi kabiri.

Make muri ayo mashengero ni yo yari afise ibibanza vyayo bwite vyo gusengeramwo. Muri Nzero 2001, amashengero 98 gusa mu mashengero arenga 800 ari muri Zimbabwe, ni yo yari afise inzu yo gusengeramwo, ni ukuvuga Ingoro y’Ubwami, agiriramwo amakoraniro. Menshi muri ayo mashengero yagirira amakoraniro munsi y’ibiti, canke mu tuzu tubayabaye tw’ibiti duhomeshejwe ivyondo tugasakazwa ivyatsi.

Bivuye ku ntererano abavukanyi babo bo kw’isi yose batanze batitangiriye itama, no ku gikorwa c’abo bavukanyi kiranga ukwitanga n’umwete, Ivyabona bo muri Zimbabwe baratanguye porogarama ituma n’ayandi mashengero aronka Ingoro z’Ubwami zibayabaye yamara ziteye iteka. Ivyabona benshi bo hakurya y’amazi bafise ubuhanga mu vy’ubwubatsi bararinganije ivyabo maze baraja muri Zimbabwe gukorana n’abitanze bo muri ico gihugu. Umwe mu Vyabona bo ng’aho yanditse ati: “Turakengurukira bimwe bivuye ku mutima abavukanyi n’abavukanyikazi bose bo mu bihugu vyinshi cane baje muri Zimbabwe gufasha kwubaka Ingoro z’Ubwami nziza utoraba. Turabakengurukiye kandi mwebwe abasigaye mwese ku ntererano mwatanze mu Kigega kigenewe Ingoro z’Ubwami gituma iki gikorwa gishoboka”.

Mu gice c’ico gihugu co mu Bumanuko, abavukanyi bari bamaze imyaka 50 bagirira amakoraniro munsi y’igiti c’inganzamarumpu citwa baobab. Igihe abakurambere bakirisu babwirwa ko hari inzu nya nzu yo gusengeramwo yari igiye kwubakwa, n’imiburiburi umwe muri bo vyaranse ko yigumya ngo ntakorore amosozi. Mw’ishengero rimwe ryo hafi yaho, hari umukurambere w’imyaka 91 yavuze ati: “Nari maze igihe kirekire ndirira Yehova ndamusaba ko hoba ikintu nk’iki!”.

Abantu benshi baragira ivyo bavuze ku bijanye n’ukuntu izo nyubakwa ziteye igomwe zinyaruka kwubakwa. Umwe mu bavyitegereje yavuze ati: “Mwebwe mwubaka ku murango, mugabo Imana na yo itegerezwa kuba yubaka mw’ijoro!”. Ubumwe n’agahimbare birangwa mu bubatsi, na vyo nyene ntibibura kubonwa. Gushika ubu, Ingoro z’Ubwami nshasha zirenga 350 ziramaze kwubakwa mu gihugu cose. Ivyo bituma amashengero 534 agirira amakoraniro mu Ngoro z’Ubwami zubatswe mu buryo bukomeye hakoreshejwe amatafari.

Igikorwa gihambaye co kwubaka mu buryo bw’impwemu kirabandanya muri Zimbabwe. Tuzirikanye ku vyaranguwe, turavyurirwa umutima wo kuvuga yuko vyose vyashobotse ku bwa Yehova, we Sôko ry’imihezagiro nk’iyo. Ni vyo, “Uhoraho iy’atari we yubaka inzu abayubaka baba baruhira ubusa”.​—Zaburi 127:1.

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 16 Kasohowe n’Ivyabona vya Yehova.

[Amakarata ku rup. 9]

(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)

HARARE

ZIMBABWE

Masvingo

Zimbabwe Nkuru

[Ifoto ku rup. 9]

Umunara umeze nk’umubirikira wubitse

[Ifoto ku rup. 12]

Iyi ni Ingoro y’Ubwami nshasha y’ishengero rya Concession

[Ifoto ku rup. 12]

Aba ni abo mw’ishengero rya Lyndale bari hanze y’Ingoro y’Ubwami yabo nshasha

[Abo dukesha amafoto ku rup. 9]

Ibisigarira n’ingazi: ©Chris van der Merwe/AAI Fotostock/age fotostock; umunara wongewe muri iyo foto: ©Ingrid van den Berg/AAI Fotostock/age fotostock