Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

‘Bana, nimugamburukire abavyeyi banyu’

‘Bana, nimugamburukire abavyeyi banyu’

‘Bana, nimugamburukire abavyeyi banyu’

“Bana, [“nimugamburukire”, “UB”] abavyeyi banyu mu Mwami wacu: kukw ivyo ari vyo bigororotse”.​—ABANYEFESO 6:1.

1. Ukugamburuka gushobora gute kugukingira?

DUSHOBORA kuba turiho uyu musi kubera ko twagamburutse, mu gihe abandi batakiriho kubera ko batagamburutse. Uti none ni ukugamburukira iki? Ni ukugamburukira nk’akarorero ivyo imibiri yacu ‘yaremwe mu buryo butangaje’ idusaba gukora (Zaburi 139:14). Dufate aka karorero: Amaso yacu arabonye ibicu vy’imvura, amatwi yacu na yo arumvise imituragaro. Imiravyo itanguye kurabagirana, maze duciye dutangura gutekerwa n’ubwoba. Ku bantu bigishijwe ivyerekeye akaga gashobora gutezwa n’ivyo bintu, ivyo biba biriko birababurira kugira ngo barondere ahantu hatagira inkomanzi bohungira imvura y’igihuhusi irimwo urubura iba igira igwe, iyishobora kubangamira ubuzima.

2. Ni kubera iki abana bakeneye kuburirwa, kandi ni kubera iki bakwiye kugamburukira abavyeyi babo?

2 Mwebwe abakiri bato murakeneye kuburirwa ku bijanye n’akaga gashobora kubashikira, kandi abavyeyi banyu barafise ibanga ryo kubigira. Ushobora kuba wibuka igihe bakubwira bati: “Ntukore kuri iryo shiga, rirashushe”. “Ntuze wegere uruzi, urashobora kugwayo”. “Ubanze urabe impande zose z’ibarabara imbere y’uko ujabuka”. Ikibabaje, abana barakomeretse cane mbere no gupfa barapfa kubera batagamburutse. Kugamburukira abavyeyi banyu ‘biragororotse’, ni ukuvuga ko ari vyiza kandi ko bibereye. Vyongeye, biraranga ubukerebutsi (Imigani 8:33). Ikindi canditswe co muri Bibiliya kivuga yuko “bishimwa” n’Umukama wacu Yezu Kristu. Ku bw’ivyo, Imana ibategeka kugamburukira abavyeyi banyu.​—Ab’i Kolosayi 3:20; 1 Ab’i Korinto 8:6.

Impera zamaho ziva ku kugamburuka

3. Kuri benshi muri twebwe ‘ubuzima nyakuri’ ni iki, kandi ni igiki cotuma abana bizigira kuzoburonka?

3 Kugamburukira abavyeyi banyu birakingira ‘ubuzima [bwanyu] bwa none’, ariko kandi ukugamburuka kuzotuma bishoboka ko munezererwa ubuzima “buzoza”, ubwitwa kandi “ubu[zima] nyakuri” (1 Timoteyo 4:8; 6:19). Kuri benshi muri twebwe, ubuzima nyakuri ni ubuzima budahera tuzogira mw’isi nshasha y’Imana, iyo isezeranira abakurikiza amategeko yayo badahemuka. Itegeko rimwe rihambaye muri ayo, rigira riti: “Wubahe so na nyoko: ico ni co cagezwe ca mbere kirimw’isezerano, kugira ng’uronke amahoro, urambire kw isi”. Ku bw’ivyo, nimwagamburukira abavyeyi banyu muzogira agahimbare. Muzogira kazoza gatekanye mwongere mugire icizigiro co kuzonezererwa ubuzima budahera kw’isi y’iparadizo.​—Abanyefeso 6:2, 3.

4. Abana bashobora gute kwubaha Imana gutyo bakironkera impera?

4 Igihe wubashe abavyeyi bawe mu kubagamburukira, uba kandi wubashe Imana kubera yuko ari yo ibigutegeka. Muri ico gihe nyene uraheza ukahungukira. Bibiliya ivuga iti: “Ni jewe Uhoraho Imana yawe, nkwigisha ibikugirira ikimazi” (Yesaya 48:17; 1 Yohana 5:3). Ukugamburuka kukugirira ikimazi gute? Kuratuma so na nyoko bahimbarwa, kandi nta gukeka ko na bo baheza bakagukorera ibintu bituma ubuzima bwawe burushiriza kuba ubuhimbaye (Imigani 23:22-25). Ariko igihambaye kuruta, ukugamburuka kwawe gutuma Umuvyeyi wawe wo mw’ijuru ahimbarwa, maze akaguhezagira mu buryo bwiza igitangaza. Reka turabe ukuntu Yehova yahezagiye akongera agakingira Yezu, uwivuzeko amajambo agira ati: “Na ntaryo nama nkora ibimuhimbara”.​—Yohana 8:29.

Yezu yari umukozi w’umunyamwete

5. Ni imvo izihe zotuma twemera ko Yezu yari umukozi w’umunyamwete?

5 Yezu yari imfura kuri nyina wiwe Mariya. Yozefu se wiwe murezi yari umubaji. Yezu na we nyene yarabaye umubaji, bikaba biboneka ko uwo mwuga yawigiye kuri Yozefu (Matayo 13:55; Mariko 6:3; Luka 1:26-31). Wibaza ko Yezu yari umubaji ameze gute? Yezu, uwudondorwa ko ari ubwenge bufashwe nk’umuntu, igihe yari akiri mw’ijuru imbere y’uko nyina wiwe, uwutari bwamenye umugabo, amusama inda ku gitangaro, yavuze ati: “Nari kumwe [n’Imana], nd’umukozi w’umuhanga: kand’imisi yose narayihimbara”. Imana yarahimbarwa na Yezu, uwari umukozi w’umunyamwete mw’ijuru. Wibaza yuko igihe Yezu yari ng’aha kw’isi ari agahungu gatoyi, yoba yarihata cane kugira ngo abe umukozi w’umuhanga, ni ukuvuga umubaji w’umuhanga?​—Imigani 8:30; Ab’i Kolosayi 1:15, 16.

6. (a) Wibaza ko ari kubera iki Yezu ashobora kuba yarakora udukorwa tw’i muhira igihe yari akiri umwana? (b) Ni mu buryo butandukanye ubuhe abana bashobora kwigana Yezu?

6 Nta nkeka ko igihe Yezu yari umwana, rimwe na rimwe yakina udukino nk’uko mbere na Bibiliya ivuga ko abana bo mu bihe vya kera babigira (Zekariya 8:5; Matayo 11:16, 17). Naho ari ukwo, urashobora kwemera udakeka yuko kubera ko yari umwana mukuru mu muryango munini ukenye, yari afise udukorwa twinshi two gukora twaza twiyongera ku kumenyerezwa na Yozefu kugira ngo azobe umubaji. Mu nyuma, Yezu yarabaye umwamamaji yongera arihebera ubusuku yarangura gushika n’aho yemera kutarondera kugira ubuzima bwo kwidibamira (Luka 9:58; Yohana 5:17). Woba ubona uburyo butandukanye ushobora kwiganamwo Yezu? Abavyeyi bawe boba bagusaba gusukura icumba cawe canke gukora utundi dukorwa? Boba bakuremesha kugira uruhara mu vyo gusenga Imana mu kwitaba amakoraniro ya gikirisu no mu kubwira abandi ivyo wemera? Wibaza yuko Yezu akiri muto yari kuvyakira gute bamusavye gukora ibintu nk’ivyo?

Yarashiruka umwete mu kwiga Bibiliya no mu kuyigisha

7. (a) Yezu ashobora kuba yajanye na bande igihe yaja guhimbaza Pasika? (b) Yezu yari hehe igihe abandi batangura gufata urugendo basubira i muhira, kandi ni kubera iki yari ng’aho?

7 Zina muhungu wese wo mu muryango w’Umwisirayeli, yategerezwa kuja gusenga Yehova ku rusengero mu kiringo c’imisi mikuru itatu Abayuda bahimbaza (Gusubira mu vyagezwe 16:16). Igihe Yezu yari afise imyaka 12, umuryango wiwe wose ushobora kuba waragize urugendo uja i Yeruzalemu guhimbaza Pasika. Aho hashobora kuba harimwo benewabo na Yezu hamwe na bashikiwe bari basangiye nyina. Ariko kandi, mu bajanye n’umuryango wa Yezu hoba harimwo na Salome, uwushobora kuba yari mwenewabo na Mariya, be n’umugabo wiwe Zebedayo hamwe n’abahungu babo ari bo Yakobo na Yohani, abahavuye baba intumwa * (Matayo 4:20, 21; 13:54-56; 27:56; Mariko 15:40; Yohana 19:25). Igihe bari batashe, Yozefu na Mariya bashobora kuba baribajije yuko Yezu yari kumwe n’incuti ku buryo mu ntango batamenye ko atari kumwe na bo. Haheze imisi itatu barondera Yezu, bahavuye bamusanga mu rusengero “yicaye mu bigisha hagati, abumva, kand’ababaza”.​—Luka 2:44-46.

8. Yezu yakoze iki igihe yari mu rusengero, kandi ni kubera iki abantu batangaye?

8 Ni ibibazo bwoko ki Yezu yariko ‘arabaza’ abo bigisha? Ibibazo yariko arababaza bishobora kuba bitari ibibazo vyo kurondera gusa kugira utwo yimenyeye canke ngo aronke gusa amakuru manaka. Ijambo ry’ikigiriki rikoreshwa ngaha rishobora kwerekeza ku kubaza ibibazo nka kurya bigenda mu butungane, ivyo rero bikaba birimwo kubaza umuntu ibibazo ufatiye ku vyo aba ahejeje kwishura. Emwe, naho Yezu yari akiri umwana yarerekanye ko yari umuntu yiga neza Bibiliya, yatangaza abigisha b’ivy’idini b’incabwenge! Bibiliya ivuga iti: “Abamwumvise bose batangazwa n’ubgenge bgiwe n’ivy’abishura”.​—Luka 2:47.

9. Ushobora gute kwigana akarorero ka Yezu mu bijanye no kwiga Bibiliya?

9 Wewe wibaza ko ari kubera iki Yezu, uwari akiri muto, yashobora gutangaza mbere n’abigisha bazi utuntu n’utundi, biciye ku bumenyi bwo muri Bibiliya yari afise? Mu bisanzwe, yari yarahezagiwe mu kwironkera abavyeyi batinya Imana bamuronsa inyigisho iva kuri yo kuva akiri muto cane (Kuvayo 12:24-27; Gusubira mu vyagezwe 6:6-9; Matayo 1:18-20). Turashobora gushira amazinda yuko Yozefu yatwara uwo mwana Yezu kw’isinagogi kugira ngo yumve ingene Ivyanditswe bisomwa be n’ukuntu bisigurwa. Woba nawe warahezagiwe mu kwironkera abavyeyi bakwigisha Bibiliya bakongera bakakujana ku makoraniro ya gikirisu? Woba uha agaciro utwigoro bagira nk’uko Yezu yaha agaciro utwo abavyeyi biwe bagira? Woba ubwira abandi ivyo wiga nk’uko Yezu yabigira?

Yezu yaragamburuka

10. (a) Ni kubera iki abavyeyi ba Yezu bari bakwiye kumenya aho bomurondereye? (b) Ni akarorero keza akahe Yezu yasigiye abana?

10 Wibaza ko Mariya na Yozefu bumvise bamerewe gute igihe amaherezo basanga Yezu ari mu rusengero haheze imisi itatu bamurondera? Ata gukeka, barasubije umutima mu nda! Ariko rero, Yezu yaratangajwe no kubona abavyeyi biwe batari bamenye aho yari ari. Bompi ntibari bayobewe ivyerekeye ivuka ryiwe ryabaye ku gitangaro. Vyongeye, naho batari bazi utuntu twose tw’ido n’ido, bashobora kuba hari ivyo bari bazi ku bijanye n’uruhara yoranguye rwo kuba Umukiza be n’Umutware w’Ubwami bw’Imana (Matayo 1:21; Luka 1:32-35; 2:11). Ni co gituma Yezu yababajije ati: “N’iki cabateye kundondera? Ntimwari muzi yuko bikwiye ko mba kwa Data?”. Ariko rero, Yezu abigiranye ukugamburuka, yaciye ajana n’abavyeyi biwe maze basubira i muhira i Nazareti. Bibiliya ivuga iti: “Yama abumvira”. Bisubiye, “nyina [yarabitse] ayo majambo yose mu mutima wiwe”.​—Luka 2:48-51.

11. Ni icigwa ikihe kijanye n’ukugamburuka ushobora kwigira kuri Yezu?

11 Woba ubona vyoroshe kwigana Yezu, ukama ugamburukira abavyeyi bawe? Canke wibaza yuko akenshi badatahura aho amajambere ageze be n’uko ari we uzi vyinshi kubarusha? Vy’ukuri, woshobora kuba uzi vyinshi ku bintu binaka, nko gukoresha telefone ngendanwa, orodinateri canke ibindi bikoresho bigezweho. Ariko, niwiyumvire ibijanye na Yezu, uwatangaje abigishwa bari bazi utuntu n’utundi, biciye ku ‘bwenge bwiwe n’ivyo yabishura’. Urashobora kwemera yuko uzi bike cane wigereranije na we. Yamara, Yezu yaragamburukira abavyeyi biwe. Ivyo ntibica bisigura yuko yama yemera ingingo bafata. Ariko ntiwumve, “yam[ye] abumvira” no mu myaka yose yamaze ari umuyabaga. Wibaza ko ari icigwa ikihe wokwigira ku karorero kiwe?​—Gusubira mu vyagezwe 5:16, 29.

Kugamburuka ni urugamba

12. Ukugamburuka gushobora gute gukiza ubuzima bwawe?

12 Kugamburuka ntivyama vyoroshe. Haraheze imyaka mikeyi ivyo vyigaragaje, igihe udukobwa tubiri twagira tujabuke ibarabara aho guca mu kayira k’abanyamaguru kari hejuru yaryo. Utwo dukobwa twabwiye umugenzi watwo yitwa John igihe yagira yicire muri ka kayira k’abanyamaguru, duti: “John ingo, none ntitujana?”. Acijijanya imitima, agakobwa kamwe kaciye kamucokora gati: “Uri ikinyabwoba!”. John, abigiranye uburindutsi, yavuze ati: “Ntegerezwa kwumvira mawe”. Haheze akanya gatoya ariko araca muri ka kayira, yagiye yumva urwamo rw’umuduga ufashe ifire maze aravye epfo abona twa dukobwa dusetswe n’umuduga. Agakobwa kamwe karapfuye akandi na ko karakomereka cane ku kuguru ku buryo vyabaye ngombwa ko baguca. Nyina w’utwo dukobwa, uwari yaraduhanuye guca muri ka kayira k’abanyamaguru, mu nyuma yabwiye nyina wa John ati: “Ese iyo bangamburukira nk’uko umwana wawe yakugamburukiye!”.​—Abanyefeso 6:1.

13. (a) Ni kubera iki mukwiye kugamburukira abavyeyi banyu? (b) Ni ryari vyoba bibereye ko umwana atumvira ivyo umuvyeyi amubwiye gukora?

13 Ni kubera iki Imana ivuga iti: ‘Bana, mugamburukire abavyeyi banyu’? Mugamburukiye abavyeyi banyu muba mugamburukiye Imana. N’ikindi kandi, abavyeyi banyu barazi vyinshi kubarusha. Nk’akarorero, imyaka itanu gusa imbere y’uko rya sanganya duhejeje kuvuga riba, nyina wa John yari afise umugenzi yari yarabuze akana kiwe gahitanywe n’isanganya igihe kariko karagerageza kujabuka rya barabara nyene. Vy’ukuri, bishobora kuba bitama vyoroshe kugamburukira abavyeyi banyu, mugabo Imana ivuga yuko mukwiye kubagamburukira. Ariko rero, igihe abavyeyi banyu canke abandi bantu bababwiye ngo mubeshe, mwibe canke ngo mukore ikindi kintu kidahimbara Imana, mutegerezwa “kwumvira Imana kuyirutisha abantu”. Ni co gituma Bibiliya imaze kuvuga ngo ‘mugamburukire abavyeyi banyu’, ica yongerako iti: “Mu Mwami”. Ivyo bisaba ko mugamburukira abavyeyi banyu mu bintu vyose bidateye kubiri n’amategeko y’Imana.​—Ivyakozwe n’intumwa 5:29.

14. Ni kubera iki kugamburuka vyoroshe cane ku muntu atunganye, yamara ni kubera iki yokenera kwiga ivyerekeye ukugamburuka?

14 Wibaza ko iyo uza kuba wari utunganye, ni ukuvuga ‘utanduye, utandukanijwe n’abanyavyaha’ nk’uko Yezu yari, ari ho vyokwamye bikworohera kugamburukira abavyeyi bawe (Abaheburayo 7:26)? Iyo uza kuba utunganye, ntiwobaye ufise impengamiro yo gukora ikibi nk’uko bimeze ubu (Itanguriro 8:21; Zaburi 51:5). Ariko rero, vyarabaye ngombwa ko na Yezu yiga ibijanye n’ukugamburuka. Bibiliya ivuga iti: “Naho [Yezu] yar’Umwana, yigish[ijwe] [“kugamburukira”, NW] Imana n’ivyo yababajwe” (Abaheburayo 5:8). Imibabaro Yezu yaciyemwo yamwigishije gute kugamburuka, ico kikaba ari icigwa atari yigeze abwirizwa kwiga ari mw’ijuru?

15, 16. Yezu yize kugamburuka mu buhe buryo?

15 Yozefu na Mariya, bayobowe na Yehova, barakingiye Yezu ivyomugirira nabi igihe yari akiri umwana (Matayo 2:7-23). Ariko rero, harageze aho Imana itaba igikingira Yezu mu buryo budasanzwe. Imibabaro Yezu yagize mu mutima no ku mubiri yarabaye myinshi cane ku buryo Bibiliya ivuga yuko ‘yasenze yinginga cane, atakamba cane arira’ (Abaheburayo 5:7). None ivyo vyashitse ryari?

16 Vyashitse canecane mu masaha ya nyuma y’ubuzima bwa Yezu bwo kw’isi, igihe Shetani yagira utwigoro twiwe twose kugira asenyure ukutadohoka kwa Yezu. Biboneka ko Yezu yababajwe cane n’ukwiyumvira ukuntu ugupfa nk’inkozi y’ikibi vyosize iceyi izina rya Se, ku buryo ivyo vyatumye igihe yari mw’itongo ry’i Getsemane aca “ashishikara gusenga, . . . icuya ciwe kiba nk’ibitonyanga binini vy’amaraso bitonyanga hasi”. Haciye amasaha makeyi, urwo yiciwe ku giti co kubabarizwako rwari rubabaje cane ku buryo ‘yatakamvye cane arira’ (Luka 22:42-44; Mariko 15:34). Gutyo, yari ‘yigishijwe kugamburukira Imana n’ivyo yababajwe’ maze aba anezereje umutima wa Se wiwe. Yezu, uwuri mw’ijuru ubu, aratahura umubabaro tugira uko twihatira kuba abantu bagamburuka.​—Imigani 27:11; Abaheburayo 2:18; 4:15.

Kwiga kugamburuka

17. Dukwiye kubona gute ugutozwa indero?

17 Igihe so na nyoko bagutoje indero, vyerekana yuko bakwipfuriza ineza be n’uko bagukunda. Bibiliya ibaza iti: “N’umwana ki, adakāngīrwa na se?”. Ntivyoba none bibabaje nka hamwe abavyeyi bawe batoba barakugaragarije cane urukundo mu gufata umwanya no mu kugira utwigoro kugira ngo bagukosore? Muri ubwo buryo nyene, kubera ko Yehova agukunda, aragukosora. Bibiliya ivuga iti: “Nta gikāngīro kiboneka ko giteye umunezero ako kanya, atar’umubabaro, ariko hanyuma abamenyerejwe na co kibāmira imbuto zizana amahoro zo kugororoka”.​—Abaheburayo 12:7-11.

18. (a) Ugutozwa indero mu buryo buranga urukundo ni ikimenyamenya c’iki? (b) Woba uzi uturorero tw’abantu mwene ukwo gutozwa indero kwabereye kirumara?

18 Umwami umwe wa kera wo muri Isirayeli, uwo Yezu yavuze kubera ubukerebutsi bwiwe buhebuje, yaravuze igituma bikenewe gukosorwa n’abavyeyi mu buryo buranga urukundo. Uwo mwami, ari we Salomo, yanditse ati: “Ūrinda umwana inkoni aba amwanse, arik’ūmukunda amuhana hakiri kare”. Salomo mbere yaravuze yuko umuntu akosowe mu buryo buranga urukundo yoshobora gukiza ubuzima bwiwe urupfu (Imigani 13:24; 23:13, 14; Matayo 12:42). Umugore umwe mukirisu aribuka yuko akiri umwana, igihe yaba yigenjeje nabi mu makoraniro ya gikirisu, se wiwe yaca amubwira yuko aza kumuhana nibasubira i muhira. Ubu aribuka se wiwe n’igishika cinshi kubera yuko yamutoje indero mu buryo buranga urukundo, iyo na yo ikaba yaramubereye kirumara mu buzima bwiwe.

19. Ni kubera iki canecane ukwiye kugamburukira abavyeyi bawe?

19 Nimba ufise abavyeyi bagukunda cane ku buryo bafata umwanya bakongera bakagira utwigoro barondera kugutoza indero mu buryo buranga urukundo, nubikenguruke. Nubagamburukire nk’uko n’Umukama wacu Yezu Kristu yagamburukira abavyeyi biwe, ari bo Yozefu na Mariya. Ariko canecane, nububahe kubera ko Umuvyeyi wawe wo mw’ijuru Yehova Imana abigusaba. Gutyo uzoheza uhungukire, wongere “uronke amahoro, urambire kw isi”.​—Abanyefeso 6:2, 3.

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 7 Raba igitabu Étude perspicace des Écritures, Imbumbe ya 2, urupapuro rwa 869, casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

Wokwishura gute?

• Ni ivyiza ibihe abana bashobora kuronka bagamburukiye abavyeyi babo?

• Igihe Yezu yari akiri umwana, yerekanye gute akarorero mu bijanye no kugamburukira abavyeyi biwe?

• Yezu yize gute kugamburuka?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Ifoto ku rup. 24]

Igihe Yezu yari afise imyaka 12 yari azi cane Ivyanditswe

[Ifoto ku rup. 26]

Imibabaro Yezu yaciyemwo yamwigishije gute kugamburuka?