Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ni kubera iki twokwirinda ukurenza urugero?

Ni kubera iki twokwirinda ukurenza urugero?

Ni kubera iki twokwirinda ukurenza urugero?

YEHOVA ni we karorero ntangere mu vy’ukubona ibintu ku burimbane. “Igikorwa ciwe [ni] agahore”, canke mu yindi mvugo ntikigira agahaze, kandi ubutungane bwiwe ntibwigera buba ubukaze kubera ko bwama bujana n’ikigongwe (Gusubira mu vyagezwe 32:4). Urukundo rwiwe rwama rushingiye ku ngingo ngenderwako, kubera ko ivyo akora abikora yisunze ivyagezwe vyiwe bitunganye (Zaburi 89:14; 103:13, 14). Abavyeyi bacu ba mbere baremwe babona ibintu vyose ku burimbane. Nta gatima na kamwe ko kurenza urugero bari bafise. Ariko rero, igihe icaha cinjira mw’isi, cazanye “agasembgwa”, bituma ukwo kubona ibintu ku burimbane gutakara.​—Gusubira mu vyagezwe 32:5.

Tubitangire akarorero: Woba urigera utwara umuduga canke ikinga rifise ikidunduri kinini kw’ipine? Nta gukeka ko ico kidunduri catumye gutwara uwo muduga canke iryo kinga bitakworohera bikongera bikabamwo akaga. Ipine nk’iryo riba rikeneye gukorwa ritarononekara cane, canke ritaratoboka. Mu buryo busa n’ubwo, kamere zacu zidatunganye zisa n’izigomba kugira ahantu hataringaniye. Hamwe tworeka ivyo bintu bimeze nk’ibidunduri bigakura, urugendo rwo mu buzima turimwo rwoshobora kugora cane, n’ukubamwo akaga rukabamwo akaga.

Rimwe na rimwe, turashobora kurenza urugero mu bijanye na kamere nziza dufise no mu bijanye n’ububangukirwe dufise. Nk’akarorero, naho vya Vyagezwe vya Musa vyasaba Abisirayeli gushira ubuyonga ku mibuga y’impuzu zabo, Abafarizayo bo mu gihe ca Yezu ‘barongereza ubuyonga bw’impuzu zabo’ mu buryo burenze urugero, bashaka kwerekana ko batandukanye n’abandi bantu. Intumbero bari bafise yari iyo kuboneka ko ari beranda kurusha abandi bantu.​—Matayo 23:5; Guharūra 15:38-40.

Muri iki gihe, hari abagerageza kwiyerekana bakoresheje uburyo bwose bushoboka, eka mbere bakabigira barondera gutangaza abandi. Ivyo vyoshobora mu vy’ukuri kuba ari ugusemerera ngo: “Murambona! Erega na je ndi umuntu!”. Yamara, kurenza urugero mu nyambaro, mu nyifato no mu bikorwa ntibituma umukirisu aronka ivyo akeneye koko.

Uburimbane ku bijanye n’akazi

Abo twoba turi bose canke aho twoba tuba hose, gukora igikorwa ciza ni kimwe mu bintu bidufasha gutuma ubuzima bwacu bugira ico buvuze. Twaremwe kugira duhimbarwe n’igikorwa mwene ico (Itanguriro 2:15). Ni co gituma Bibiliya yiyamiriza ubunebwe. Intumwa Paulo yavuze atomora ati: “Umuntu wese ni yanka gukora ntākarye” (2 Ab’i Tesalonike 3:10). Mu vy’ukuri, kunebwa mu gikorwa ntivyoshobora gusa gutuma umuntu akena akongera akabura agahimbare, ariko kandi vyoshobora no gutuma adashimwa n’Imana.

Abenshi baca barenza urugero mu bundi buryo, bakizizirwa n’akazi bakora, bakigira abaja bako. Boshobora kuvyuka umuseke bagataha bwije cane, biyumvira yuko akazi barangura ari ku bw’ineza y’imiryango yabo. Yamara, iyo miryango yoshobora vy’ukuri kumererwa nabi bivuye kuri bene ukwo kwihebera akazi. Inarugo umwe afise umugabo akunda kumara amasaha arenze ku kazi, avuga ati: “Hamwe bombwira ngo mfate ibintu vyose biri muri iyi nzu ata co ihajije ndabikabe n’akaryo k’uko umugabo wanje yogumana nanje n’abana bacu, emwe nobigirana akamwemwe!”. Abahitamwo gukora birenze urugero bakwiye kuzirikana bitonze ku vyo wa Mwami Salomo yiboneye, uno akaba yavuze ati: “Nditegereza ibikorwa vyose amaboko yanje yakoze, bo n’ubutame natamye: kandi rāba, vyose vyabaye ubusa no guhahamira umuyaga”.​—Umusiguzi 2:11.

Ni vyo, ku bijanye n’akazi, dutegerezwa kwirinda ukwo kurenza urugero kuri mu buryo bubiri. Turashobora kuba abakozi b’abanyamwete, yamara muri ico gihe nyene tukibuka yuko kuba abaja b’akazi bizotunyaga agahimbare, kumbure bidutware n’ibiruta ivyo.​—Umusiguzi 4:5, 6.

Twirinde kurenza urugero mu kuntu tubona ivyo kwinezereza

Ku bijanye n’igihe turimwo, Bibiliya yavuze imbere y’igihe iti: “Abantu bazoba . . . bakunda ibibahimbara bakabirutisha Imana” (2 Timoteyo 3:2, 4). Kwiruka inyuma y’ivy’ukwinezereza bisigaye ari kimwe mu bintu biruta ibindi Shetani akoresha mu gukura abantu ku Mana bikamugendera neza. Ukwisuka mu vy’ukwisamaza n’ukwinezereza, nk’ukwisuka mu nkino zirimwo ukurenza urugero canke zirimwo akaga ku bwo kurondera icitwa ngo ni ukuryoherwa, bitera vyiyongera. Ibintu vyo kwinezereza bene ivyo biguma vyongerekana, n’ababijamwo bagatera baba benshi. Kubera iki none bihurumbirwa gutyo? Abantu benshi ntibamarwa akanyota n’ubuzima bwabo bwa misi yose, bagaca barondera ukuntu borushiriza kuryoherwa. Yamara, kugira umuntu agumane ukuryoherwa nk’ukwo, bisaba ko agenda ararushiriza gushira ubuzima mu kaga. Abakirisu bitwararika ibintu baririnda inkino zirimwo akaga babitumwe n’uko bubaha ingabirano y’ubuzima n’Umwe nyene kuyitanga.​—Zaburi 36:9.

Igihe Imana yarema wa mugabo n’umugore ba mbere, none yabashize hehe? Yabashize mw’itongo ry’i Edeni, iryo zina mu rurimi rw’intango rikaba risobanura “Uburyohe”, canke “Agahimbare” (Itanguriro 2:8). Biboneka ko mu mugambi Yehova yari afitiye abantu harimwo ivy’uko bagira ubuzima buryoshe kandi burimwo agahimbare.

Yezu yaradusigiye akarorero katagira agahaze mu vy’ukubona ibijanye n’ukuryoherwa ku burimbane. Yari yihebeye rwose kurangura ivyo Yehova agomba, kandi ntiyigeze ahengeshanya na gato kubaho yisunga amategeko y’Imana n’ingingo ngenderwako zayo. Yarafata umwanya wo kwitwararika abari n’ivyo bakeneye, eka no mu gihe yaba arushe (Matayo 14:13, 14). Emwe, Yezu yaremera ubutumire bw’abamusaba gusangira na we ibifungurwa, kandi yararondera umwanya wo kuruhuka no kugarura agatege. Ariko ntiwumve, yari azi ko abansi biwe bamucishamwo ijisho kubera ariko akora ivyo bintu. Bamuvuzeko aya majambo ngo: “Nguyu umukunzi w’inda n’umunoho wa vino” (Luka 7:34; 10:38; 11:37). Ariko ntiyabona ko ukwihebera Imana nyakwo gutuma umuntu abaho ataryoherwa na gato.

Biribonekeza rero ko twoba tubaye inkerebutsi twirinze ukurenza urugero mu bijanye n’ukwisamaza. Kuryoherwa no kwinezereza tubigize co kintu nyamukuru mu buzima, ntivyokwigera bituzanira agahimbare nyakuri. Bishobora gutuma dufata minenegwe ibintu bihambaye kuruta, ushizemwo n’ubucuti dufitaniye n’Imana. Ariko ntiwumve, ntidukwiye guca tubona ko tutoryoherwa na gatoyi, canke ngo dutangure kunebagura abandi baryoherererwa ubuzima mu buryo buri ku burimbane.​—Umusiguzi 2:24; 3:1-4.

Nuhimbarwe mu kubaho mu buryo buri ku burimbane

Wa mwigishwa Yakobo yanditse ati: “Twese dutsitara muri vyinshi” (Yakobo 3:2). Uko twihatira kwirinda ukurenza urugero, twoshobora gusanga ayo majambo ari ay’ukuri. Ni igiki codufasha kuguma tubona ibintu ku burimbane? Urabona, turakeneye kumenya aho ubwacu dukomeye be n’aho tugoyagoya. Kuraba ivyo bintu ata ho duhengamiye, si icoroshe. Hari aho wosanga hari ukuntu turiko turarenza urugero tutanabizi. Twoba tubaye inkerebutsi rero tugumye twiyegereje abandi bakirisu bahumuye tukongera tukumviriza impanuro ziri ku burimbane duhabwa (Ab’i Galatiya 6:1). Twoshobora gusaba impanuro nk’izo umugenzi twizigiye canke umukurambere wo mw’ishengero azi utuntu n’utundi. Izo mpanuro zishingiye kuri Bibiliya, zifatanije n’Ivyanditswe ubwavyo, birashobora kutubera nk’“icirore” kidufasha gusuzuma uko tuboneka imbere ya Yehova.​—Yakobo 1:22-25.

Igishimishije, si ngombwa ngo tugire ubuzima burangwa ukurenza urugero tutoshobora kwirinda. Tugize uko dushoboye kwose tukongera tugafatwa mu mugongo na Yehova, turashobora kuba abantu babona ibintu ku burimbane, gutyo dugashobora kuba abantu bahimbawe. Ubucuti dufitaniye n’abavukanyi be n’abavukanyikazi bacu bwoshobora rero kurushiriza kumera neza, kandi turashobora no kurushiriza kuba uburorero bwiza ku bo tubwira inkuru nziza. Ikiruta vyose, tuzorushiriza kwigana cane ya Mana yacu Yehova, imwe ibona ibintu ku burimbane kandi ikaba irangwa n’urukundo.​—Abanyefeso 5:1.

[Picture Credit on page 28]

©Greg Epperson/age fotostock