Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Intumbero y’ubuzima ni iyihe?

Intumbero y’ubuzima ni iyihe?

Intumbero y’ubuzima ni iyihe?

Ni kubera iki bihambaye ko turonka inyishu y’ico kibazo? Iciyumviro c’uko ubuzima ata co buvuze canke ata ntumbero bufise ni kimwe mu bintu usanga bivuruga cane ubwenge bw’umuntu kuruta ibindi. Ariko rero, iyo umuntu afise intumbero itomoye neza mu buzima usanga ashobora kwihanganira ingorane zimushikira. Uwitwa Viktor E. Frankl, uno akaba ari umuhinga mu bijanye n’indwara zifatira mu mutwe, akaba kandi ari umwe mu barokotse kwa gutikiza Abayuda kwagirwa n’Abanazi, yanditse ati: “Novuga mbere ko ata kintu na kimwe mw’isi coshobora gufasha mu buryo bwiza cane umuntu kwihanganira mbere ibintu bibi kurusha ibindi, nko kumenya yuko ubuzima bwiwe buri n’ico buvuze”.

Ariko rero, hariho ivyiyumviro vyinshi kandi bivuguruzanya ku bijanye n’ico kintu. Abantu benshi biyumvira yuko umuntu ubwiwe ari we yihitiramwo intumbero y’ubuzima. Igitandukanye n’ivyo, bamwebamwe mu bemera ivy’ihindagurika bigisha yuko ata ntumbero itomoye iriho mu buzima.

Mu vy’ukuri rero, uburyo bwumvikana gusumba ubundi bwo kumenya intumbero y’ubuzima iyo ari yo ni ukwumviriza ivyo Yehova Imana we Mutanzi w’ubuzima avuga. Rimbura ivyo Ijambo ryiwe rivuga ku bijanye n’ivyo.

Ivyo Bibiliya ivuga

Bibiliya yigisha yuko Yehova Imana yari afitiye umugambi utomoye umugabo n’umugore ba mbere igihe yabarema. Yehova yahaye abo bavyeyi bacu ba mbere iri tegeko:

Itanguriro 1:28. “Ni murondoke, mugwire, mwuzure isi muyiganze; mugabe amafi yo mu kiyaga, n’ibiguruka mu kirere, n’ibifise ubugingo vyose bigendagenda kw isi”.

Imana yari ifise umugambi w’uko Adamu na Eva be n’abana babo bahindura isi yose Iparadizo. Ntiyari yarategekanije yuko abantu basaza kandi bagapfa, eka mbere ntiyanashaka ko abantu bonona ibidukikije. Ariko rero, bitumwe n’amahitamwo mabi abavyeyi bacu ba mbere bagize, twararazwe icaha n’urupfu (Itanguriro 3:2-6; Abaroma 5:12). Naho ari ukwo, umugambi Yehova yari afise ntiwahindutse. Vuba, iyi si igiye kuzohinduka Iparadizo.​—Yesaya 55:10, 11.

Yehova yaturemanye ubushobozi bwo ku mubiri be n’ubwo kwiyumvira kugira ngo turangure ibijanye n’umugambi wiwe. Ntiyaturemye kugira ngo tubeho tutamwisunga. Raba ukuntu umugambi Imana idufitiye uvugwa mu buryo butomoye muri iyi mirongo ya Bibiliya.

Umusiguzi 12:13. “Vyose vyarumviswe: indunduro yavyo n’iyi: Wubahe Imana, witondere ivyagezwe na yo; kukw ivyo ari vyo bibereye rwose umuntu wese”.

Mika 6:8. “Har’ikindi Uhoraho akugombako, atar’ugukora ibiroranye, no gukunda kugira imbabazi, no kugendana n’Imana yawe wicishije bugufi?”

Matayo 22:37-39. “‘Utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose n’umuzirikanyi wawe wose’. Iryo ni ryo bwirizwa risumba ayandi rikaba na ryo rya mbere. Irigira kabiri rimeze nka ryo, ni iri: ‘Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda’”.

Ukuntu inyishu Bibiliya itanga zituma tugira amahoro nyakuri yo mu mutima

Kugira ngo icuma ico ari co cose gihanitse gikore mu buryo bubereye, gitegerezwa gukoreshwa mu buryo buhuye n’intumbero cahinguriwe be n’ingene uwagihinguye yakigeneye gukoreshwa. Muri ubwo buryo nyene, nimba twipfuza kwirinda kwigirira nabi, haba mu vy’impwemu, mu bwenge, mu bijanye n’inyiyumvo canke ku mubiri, turakeneye gukoresha ubuzima bwacu mu buryo Umuremyi wacu yabugeneye gukoreshwa. Rimbura ukuntu ukumenya umugambi w’Imana bishobora gutuma tugira amahoro yo mu mutima muri iyi mice itandukanye y’ubuzima.

Igihe abantu bashinga ivyoja imbere y’ibindi, muri kino gihe usanga abenshi bahebera ubuzima bwabo ivy’ukwirundaniriza ubutunzi. Ariko rero Bibiliya itanga ingabisho igira iti: “Abiyemeje kuba abatunzi bagwa mu kigeragezo no mu mutego no mu vyipfuzo vyinshi vy’ubupfu kandi vyonona”.​—1 Timoteyo 6:9, 10.

Yamara abiga gukunda Imana aho gukunda amahera, bobo barubura akabanga ko kubumbwa n’ivyo bafise (1 Timoteyo 6:7, 8). Baratahura yuko gukora bagatama bihambaye kandi barazi ko bafise ibanga ryo kwironsa ivyo bo ubwabo bakenera mu vy’umubiri (Abanyefeso 4:28). Ariko kandi barafatana uburemere amajambo ya Yezu yo kubagabisha agira ati: “Nta woshobora gushumbira ba shebuja babiri; kuko azokwanka umwe akunde uwundi, canke azomata kuri umwe asuzugure uwundi. Ntimushobora gushumbira Imana n’Ubutunzi”.​—Matayo 6:24.

Ku bw’ivyo rero, ikintu nyamukuru abakunda Imana bashira imbere mu buzima bwabo ni ugukora ivyo igomba, aho gufata akazi k’ivy’umubiri canke ugukurikirana ivy’ubutunzi ngo abe ari vyo bagira yo ntumbero yabo nyamukuru mu buzima. Barazi yuko nibashingira ubuzima bwabo ku gukora ivyo Imana igomba, Yehova Imana azoheza akabitwararika. Mu vy’ukuri, Yehova abona ko ivyo abwirizwa kubigira.​—Matayo 6:25-33.

Igihe abantu baba bariko barakorana n’abandi, usanga abenshi bashira ivyabo imbere. Muri kino gihe isi nta mahoro ifise, ivyo bikaba bitumwa canecane n’uko abantu benshi bacitse “abikunzi, . . . [a]batagira igishika c’abantu” (2 Timoteyo 3:2, 3). Iyo hagize umuntu abashavuza canke adashigikira ivyiyumviro vyabo, baca batwarwa “n’ishavu, n’uburake, n’ugukankama, n’ugutukana” (Abanyefeso 4:31). Mwene ukwo kubura ukwigumya, aho gutuma bagira amahoro yo mu mutima nta kindi kubashikanako atari “[uku]vyura ibihāri”.​—Imigani 15:18.

Yamara, abagamburuka ibwirizwa ry’Imana ryo gukunda bagenzi babo nk’uko bikunda, usanga ari ‘abanyabuntu kuri bagenzi babo, bafise impuhwe z’ikibabarwe, kandi bababariranira ata gahigihigi’ (Abanyefeso 4:32; Abakolosayi 3:13). Mbere n’igihe abandi batabafata mu buryo buranga ubuntu, usanga bihatira kwigana Yezu, we igihe yaba ariko aratukwa “[ata]subizayo igitutsi” (1 Petero 2:23). Nka kumwe kwa Yezu, baratahura yuko gusukurira abandi, mbere n’abashobora kuba badakenguruka ivyo babakorera, bituma bashira akanyota vy’ukuri (Matayo 20:25-28; Yohani 13:14, 15; Ibikorwa 20:35). Yehova Imana araha impwemu yiwe abigana Umwana wiwe, kandi iyo mpwemu iratuma abo bantu mu buzima bwabo biyumvamwo koko yuko bafise amahoro.​—Abagalatiya 5:22.

Ariko none, ukuntu ubona ibijanye na kazoza bishobora gute kugira ico bikoze ku mahoro yawe yo mu mutima?

[Ifoto ku rup. 6]

Umuntu arakeneye kugira umugambi utomoye neza mu buzima

[Ifoto ku rup. 7]

Yezu aratwigisha ukuntu tworonka amahoro yo mu mutima