Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Kazoza katubikiye iki?

Kazoza katubikiye iki?

Kazoza katubikiye iki?

Ni kubera iki bihambaye ko turonka inyishu y’ico kibazo? Ivyizigiro umuntu afise ku bijanye na kazoza biragira ico bikoze ku vyo akora ku musi ku musi. Nk’akarorero, abantu bizigira buhoro ibijanye na kazoza boshobora kugengwa na ca ciyumviro kigira giti: “Twirire twinywere, kuko ejo tuzopfa” (1 Abakorinto 15:32). Mwene ako gatima akenshi usanga gashikana ku kurira agahokero, ku kurenza urugero mu kunywa no ku kugira imyitwarariko, aho gushikana ku kugira amahoro nyakuri yo mu mutima.

Mu vy’ukuri, iyaba kazoza kacu kari gashingiye gusa ku twigoro tw’abantu, ivyizigiro vyacu vyobaye ari impfagusa. Umuyaga, amazi be n’ubutaka, biriko biratosekazwa ku rugero bitari bwigere bishikako. Ubwoba bw’uko hashobora kwaduka intambara ruhonyanganda be n’ubushingiye ku bitero vya bagaterabwoba, buguma burushiriza kwongerekana. Indwara n’ubukene birugarije abantu amamiliyaridi kw’isi yose. Naho ari ukwo, hariho imvo zumvikana zotuma tugira icizigiro.

Mu gihe abantu badashobora kumenyesha ata kwihenda ibizoba muri kazoza, Yehova Imana we yidondora ko ari ‘uwuhera kw’itanguriro akavuga ivy’iherezo, agahera no mu bihe vya kera akavuga ibitaraba’ (Yesaya 46:10). None ni ibiki Yehova avuga ku bijanye n’ico kazoza katubikiye?

Ivyo Bibiliya ivuga

Yehova ntazoreka isi canke ubuzima buri kuri yo ngo vyononwe ubatakivayo. Kukaba nkako, Bibiliya isezerana yuko Imana igiye “guhonya abariko barahonya isi” (Ivyahishuwe 11:18). Biciye ku Bwami bwiwe, ni ukuvuga intwaro yiwe yo mw’ijuru, Yehova azokura ubukozi bw’ikibi kw’isi maze ibintu bisubire kumera nk’uko yari yarabigabiye mu ntango (Itanguriro 1:26-31; 2:8, 9; Matayo 6:9, 10). Imirongo ya Bibiliya ikurikira iraduha iciyumviro ku bijanye n’ukuntu kazoza kazoba kameze, ikadondora ibintu vyimirije kuba bizogira ico bikoze ku muntu wese ari kw’isi.

Zaburi 46:8, 9. “Nimuze, murābe ibikorwa vy’Uhoraho, ingene yarekuriye ubugesera mw isi. Aca intambara gushitsa ku mpera y’isi, avunagura imiheto, amacumu arayacagagura, imikogote ikwegwa n’amafarasi ayiturira mu muriro”.

Yesaya 35:5, 6. “Ni ho impumyi zizohumūka, n’ibipfamatwi bizozibūrwa. Ico gihe ūcumbagira azosimba nk’impongo, ururimi rw’ikiragi ruririmbe: kukw amazi azodudubiriza ahagadutse, imigezi itembere mu bugaragwa”.

Yesaya 65:21, 22. “Bazokwubaka amazu bayīberemwo, kandi bazotera uruzabibu, bīrīre inzabibu zarwo. Ntibazokwubaka ngw abandi binjire; ntibazorima ngw abandi babirye”.

Daniyeli 2:44. “Imana yo mw ijuru izohagurutsa ubundi bgami butazokwigera buhangūra, kand’ingoma y’inganji yabgo nta ho izonyagwa n’irindi hanga; ariko buzomara bukomvomvore ubgami bgose bg’abo bami; yamara bgo buzohangama gushitsa ibihe vyose”.

Yohani 5:28, 29. “Isaha iriko iragera aho abari mu mva bose bazokwumva ijwi [rya Yezu] bakazivamwo”.

Ivyahishuwe 21:3, 4. “Imana ubwayo izoba kumwe na bo. Kandi izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzokwongera kubaho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizokwongera kubaho. Ibintu vya kera vyagiye”.

Ukuntu inyishu Bibiliya itanga zituma tugira amahoro nyakuri yo mu mutima

Umuntu agisoma ivyo bintu vyadondowe aho haruguru yohava yiyumvira ko ari igitangaza ku buryo bitoshoboka. Ariko rero, iyo mihango itangwa n’Imana ntitangwa n’abantu, kandi Yehova Imana “[nta]shobora kubesha”.​—Tito 1:2.

Niwiga kwizigira imihango y’Imana ukongera ukabaho wisunga amategeko yayo, uzozigama amahoro yawe yo mu mutima naho woshikirwa n’ibintu bitoroshe kuruta ibindi. Yaba indwano, ubukene, indwara, mbere n’ingorane z’ubusaza canke ukumenya ko ushobora gushikirwa n’urupfu, nta kintu na kimwe muri ivyo kizokwaka amahoro yawe ibihe bidahera. Uti kubera iki? Kubera yuko uzoba warashize amazinda yuko Ubwami bw’Imana buzohindura ubusa ingaruka zakwezwe n’ivyo bintu vyose.

None woshobora gute kuronka icizigiro nk’ico ku bijanye na kazoza? Utegerezwa “guhindura umuzirikanyi wa[we]” maze ukiyemeza neza “ukugomba kw’Imana kwiza, kwemerwa kandi gutunganye” ukwo ari kwo (Abaroma 12:2). Ushobora kuba ukeneye kurushiriza kwiyemeza neza ko imihango Bibiliya itanga ari iyo kwizigirwa. Birabereye ko ugira akigoro kugira ngo ushike kuri mwene ukwo kwiyemeza. Ni ibintu bikeya wokora mu buzima vyotuma uronka amahoro yo mu mutima aruta ayozanwa n’ukwo kwiyemeza.

[Ifoto ku rup. 8]

Ijambo ry’Imana rivuga iki ku bijanye na kazoza?

[Ifoto ku rup. 8]

Yesaya 35:5

[Amafoto ku rup. 9]

Yesaya 35:6

Yohani 5:28, 29