Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ni kubera iki twosenga mw’izina rya Yezu?

Ni kubera iki twosenga mw’izina rya Yezu?

YEZU yarakunda kwigisha ibijanye no gusenga. Mu gihe ciwe, indongozi z’idini ry’Abayuda zarasengera “mu masanganzira y’amayira yagutse”. Uti kubera iki? “Kugira ngo abantu bababone”. Biragaragara ko zipfuza yuko abantu batangarira ishaka zari zifise mu vy’idini. Benshi muri izo ndongozi baratura amasengesho maremare kandi yisubiriza, nk’aho umenga “[ugukoresha] amajambo menshi” mu gusenga cari ikintu gikenewe kugira ngo Imana yumvirize isengesho (Matayo 6:5-8). Yezu yarashize ku kabarore iyo nyifato arerekana ko ata co imaze, gutyo aba afashije abantu b’umutima nziraburyarya kumenya ivyo bakwiye kwirinda igihe basenga. Ariko rero, yaragize n’ibindi uretse gusa ukutwigisha ukuntu tudakwiye gusenga.

Yezu yarigishije yuko amasengesho yacu akwiye guserura icipfuzo dufise c’ukubona izina ry’Imana rigirwa ryeranda, Ubwami bwayo bukaza, ivyo igomba na vyo bigakorwa. Yezu yarigishije kandi yuko bibereye ko dusaba Imana ngo idufashe mu bitwerekeye ubwacu (Matayo 6:9-13; Luka 11:2-4). Akoresheje ibigereranyo, Yezu yarerekanye yuko nimba dushaka ko amasengesho yacu yumvirwa, igihe dusenga dukeneye gukovya, kugaragaza ukwizera be n’ukwicisha bugufi (Luka 11:5-13; 18:1-14). N’ikindi kandi, biciye ku karorero yatanga ubwiwe, yaratumye inyigisho yiwe igira uburemere.​—Matayo 14:23; Mariko 1:35.

Nta nkeka ko iyo nyigisho yafashije abigishwa ba Yezu kuryohora amasengesho yabo. Ariko Yezu yararindiriye gushika mw’ijoro rya nyuma yamaze ngaha kw’isi, aba ari ho aha abigishwa biwe icigwa gihambaye kuruta ibindi ku bijanye n’isengesho.

“Ihinduka rikomeye muri kahise k’ibijanye n’isengesho”

Mw’ijoro rya nyuma Yezu yamaze kw’isi, umwanya munini yawumaze ariko araremesha intumwa ziwe z’intahemuka. Ico cari igihe kibereye co kubahishurira ikintu gishasha. Yezu yavuze ati: “Ni jewe nzira n’ukuri n’ubuzima. Nta wuza kuri Data adaciye kuri jewe”. Mu nyuma yarabahaye umuhango usubiriza umutima mu nda mu kuvuga ati: “Ico muzosaba cose mw’izina ryanje, nzogikora, kugira ngo Data aninahazwe ku bijanye n’Umwana. Nimwagira ikintu musaba mw’izina ryanje, nzogikora”. Amaja mu mpera y’ico kiganiro ciwe, yavuze ati: “Gushika ubu nta kintu na kimwe murasaba mw’izina ryanje. Nimusabe muzoronka, ngo akanyamuneza kanyu kuzuzwe”.​—Yohani 14:6, 13, 14; 16:24.

Ayo majambo yari ahambaye cane. Igitabu kimwe kiyadondora ko ari “ihinduka rikomeye muri kahise k’ibijanye n’isengesho”. Yezu ntiyariko agerageza kuvuga ko amasengesho akwiye guturwa we, atagikwiye guturwa Imana. Ahubwo riho, mu kuvuga ayo majambo Yezu yari atanguje uburyo bushasha bwo kwiyegereza Yehova Imana.

Mu vy’ukuri, Imana yamye yumviriza amasengesho yaturwa n’abasavyi bayo b’intahemuka (1 Samweli 1:9-19; Zaburi 65:2). Ariko rero, kuva igihe Isirayeli ibereye ihanga ryagiraniye isezerano n’Imana, ababa bashaka ko yumviriza amasengesho yabo bategerezwa kwemera ko Isirayeli ryari ihanga Imana yitoranirije. Mu nyuma na ho, kuva mu gihe ca Salomo, bategerezwa kwemera ko urusengero ari co kibanza Imana yahisemwo kugira ngo gitangirwemwo ibimazi (Gusubira mu vyagezwe 9:29; 2 Ngoma 6:32, 33). Ariko ntiwumve, ubwo buryo bwo gusenga bwari ubw’igihe gito gusa. Nk’uko intumwa Paulo yavyanditse, Itegeko ryahawe ihanga rya Isirayeli be n’ibimazi vyatangirwa ku rusengero vyari “igitutu c’ibintu vyiza bizoza, mugabo atari umutumba wa nya bintu” (Abaheburayo 10:1, 2). Ico gitutu categerezwa gukinjura kikabisa uwo mutumba (Abakolosayi 2:17). Kuva mu 33 G.C., ubucuti umuntu ubwiwe agirana na Yehova ntibugishingiye ku gukurikiza rya Tegeko rya Musa. Ahubwo riho, bushingiye ku kugamburukira uwo iryo Tegeko ryerekezako, ni ukuvuga Kristu Yezu.​—Yohani 15:14-16; Abagalatiya 3:24, 25.

Izina riri “hejuru y’irindi zina iryo ari ryo ryose”

Yezu yarashizeho umushinge uruta iyindi wo kwiyegereza Yehova, aridondora ubwiwe nk’umugenzi afise ububasha yugururira inzira amasengesho yacu kugira ngo Imana iyumvirize yongere iyishure. None ni igiki gituma Yezu akora muri ubwo buryo ku bw’ineza yacu?

Kubera yuko twese twavukiye mu caha, nta bikorwa twokora canke ibimazi twotanga vyoshobora kuduhanagura ico caha canke ngo bitume tugira uburenganzira bwo kugiranira ubucuti n’Imana yacu nyeranda Yehova (Abaroma 3:20, 24; Abaheburayo 1:3, 4). Ariko rero, Yezu yaratanze ubuzima bwiwe butunganye, gutyo aba arishe ivyaha vy’abantu bashobora gucungurwa (Abaroma 5:12, 18, 19). Muri kino gihe, abantu bose bipfuza gukurwako ivyaha vyabo barafise akaryo ko kugira impagararo nziza imbere ya Yehova be no kuronka “umwidegemvyo wo kuvuga” babwira Imana. Mugabo ivyo bishoboka mu gihe gusa bizera inkuka y’incungu ya Yezu bakongera bagasenga mw’izina ryiwe.​—Abanyefeso 3:11, 12.

Igihe dusenga mw’izina rya Yezu tuba turiko turaserura ukwizera dufise n’imiburiburi mu mice itatu y’uruhara Yezu arangura mw’iranguka ry’umugambi w’Imana: (1) Ni “Umwagazi w’intama w’Imana”, uwatanze ikimazi kiba umushinge wo guharirwa icaha. (2) Yarazuwe na Yehova maze ubu akaba akora ari “umuherezi mukuru” mu gutuma abantu baronka ivyiza biva ku nkuka y’incungu. (3) Ni we musa ari “inzira” yo kwiyegerezamwo Yehova mw’isengesho.​—Yohani 1:29; 14:6; Abaheburayo 4:14, 15.

Iyo dusenze mw’izina rya Yezu, biramutera iteka. Iteka nk’iryo riramubereye, kubera yuko Yehova agomba ko ‘mw’izina rya Yezu ivi ryose ripfunywa be n’uko ururimi rwose rwemanga icese yuko Yezu Kristu ari Umukama ku bw’ubuninahazwa bw’Imana ari yo Data’ (Abafilipi 2:10, 11). Ariko rero, igihambaye kuruta ni uko gusenga mw’izina rya Yezu bininahaza Yehova, we yatanze Umwana wiwe ku bw’ineza yacu.​—Yohani 3:16.

Kugira ngo dushobore gutahura ikibanza gihambaye Yezu afise, Bibiliya irakoresha amazina y’icubahiro atandukanye be n’ayandi mazina, mu kumudondora. Ayo mazina aradufasha gutahura ivyiza vyinshi turonka bivuye ku vyo Yezu yakoze, ivyo ariko arakora be n’ivyo azokora ku bw’ineza yacu (Raba uruzitiro ruvuga ngo “Uruhara ruhambaye Yezu arangura”, ku rupapuro rwa 14.). Vy’ukuri, Yezu yarahawe “ izina riri hejuru y’irindi zina iryo ari ryo ryose *. Yarahawe ubukuru bwose mw’ijuru no kw’isi.​—Abafilipi 2:9; Matayo 28:18.

Si ikintu co kugira nk’uguheza umwuga gusa

Mu vy’ukuri, dutegerezwa gusenga mw’izina rya Yezu nimba dushaka ko Yehova yumva amasengesho yacu (Yohani 14:13, 14). Ariko rero, ntitwipfuza ko twokwigera na rimwe dusubiramwo ijambo ngo “mw’izina rya Yezu” mu buryo bwo guheza umwuga gusa. Uti kubera iki?

Rimbura iki kigereranyo. Igihe uronse ikete rivuye ku muntu w’umudandaza, ryoshobora kuba rirangizwa n’amajambo akunda kwandikwa avuga ngo “yari umukunzi wawe”. None woba wibaza ko ayo majambo aserura vy’ukuri inyiyumvo uwo mudandaza agufitiye canke yoba yayanditse kubera ukwisunga gusa uburyo amakete nk’ayo asanzwe yandikwa? Mu vy’ukuri, ugukoresha izina rya Yezu mu masengesho yacu bikwiye kuba bifise insobanuro ihambaye kuruta ukwo gupfa gukoresha uburyo busanzwe bumenyerewe bwo gusozera ikete ry’ivy’ubudandaji. Naho dukwiye ‘gusenga ubudahengeshanya’, dukwiye kubigira n’“umutima [wacu] wose”, atari mu buryo bwo guheza umwuga.​—1 Abanyatesalonika 5:17; Zaburi 119:145.

None wokwirinda gute gukoresha imvugo ngo “mw’izina rya Yezu” mu buryo bwo guheza umwuga gusa? Ubona gute uzirikanye kuri kamere zeza umutima za Yezu? Nuzirikane ku vyo amaze kukugirira be no ku vyo yipfuza kuzokugirira. Igihe usenga, nukengurukire Yehova wongere umushemeze kubera yakoresheje Umwana wiwe mu buryo bwiza igitangaza. Uko uzoza urabigira, ni ko uzorushiriza kwizera udakeka umuhango Yezu yatanze ugira uti: “Nimwasaba Data ikintu ico ari co cose azokibaha mw’izina ryanje”.​—Yohani 16:23.

^ ing. 14 Nk’uko inyizamvugo y’uwitwa Vine (Expository Dictionary of New Testament Words) ibivuga, ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “izina” rishobora kwerekeza ku “bintu vyose izina risobanura; ku bukuru, kuri kamere, ku kibanza umuntu afise, ku gitinyiro, ku bubasha, [be no] ku cubahiro”.

Dukwiye gusenga n’‘umutima wacu wose’, atari mu buryo bwo guheza umwuga