Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ku bijanye n’Imana y’ukuri

Ku bijanye n’Imana y’ukuri

Ivyo twigira kuri Yezu

Ku bijanye n’Imana y’ukuri

Imana yoba ifise izina?

Yezu yigishije yuko Imana ifise izina. Yezu yavuze ati: “Nuko rero musenge mutya: ‘Data wa twese uri mw’ijuru, izina ryawe niryezwe’” (Matayo 6:9). Bibiliya yerekana ko izina ry’Imana ari Yehova (Yesaya 12:2). Igihe Yezu yariko avuga ibijanye n’abigishwa biwe, yabwiye Se mw’isengesho ati: “Narabamenyesheje izina ryawe”.​—Yohani 17:26.

Yehova ni nde?

Yezu yise Yehova, “Imana yonyene y’ukuri”, ivyo akaba yabigize kubera yuko Yehova ari we Muremyi (Yohani 17:3). Yezu yavuze ati: “Mbega ntimwasomye yuko uwabaremye kuva mu ntango yabagize umugabo n’umugore?” (Matayo 19:4). Yezu yavuze kandi ati: “Imana ni Impwemu” (Yohani 4:24). Ni co gituma tudashobora kubona Imana.​—Kuvayo 33:17-20.

Ni ibiki Imana itwitezeko?

Igihe umuntu umwe yabaza Yezu ibwirizwa rihambaye gusumba ayandi iryo ari ryo, Yezu yishuye ati: “Irya mbere ni iri: ‘Umve, ewe Isirayeli, Yehova Imana yacu ni Yehova umwe, kandi utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose n’umuzirikanyi wawe wose n’inkomezi zawe zose’. Irigira kabiri ni iri: ‘Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda’”.​—Mariko 12:28-31.

Twokwerekana gute ko dukunda Imana?

Yezu yavuze ati: “Nkunda Data”. None urwo rukundo yarwerekanye gute? Yavuze ati: “Nk’uko nyene Data yantegetse gukora, ni ko nkora” (Yohani 14:31). Yavuze kandi ati: “Nama nantaryo nkora ibimuhimbara” (Yohani 8:29). Turashobora guhimbara Imana biciye ku kwiga ibiyerekeye. Igihe Yezu yariko asenga asabira abigishwa biwe, yavuze ati: “Ubuzima budahera ni ubu: ni uko baguma bironsa ubumenyi bwerekeye wewe, Imana yonyene y’ukuri”.​—Yohani 17:3; 1 Timoteyo 2:4.

Twokwiga gute ivyerekeye Imana?

Bumwe mu buryo bwofasha umuntu kumenya Imana ni ukwihweza ivyo yaremye. Nk’akarorero, Yezu yavuze ati: “Ihweze neza inyoni zo mu kirere, kubera ko zitabiba imbuto canke ngo zishwabure canke ngo zegeranirize mu bigega; yamara So wo mw’ijuru arazigaburira. None mwebwe ntimuzirusha agaciro?”. None ni icigwa ikihe Yezu ashaka gutanga? Ashaka ko tumenya yuko tudakwiye kureka ngo imyitwarariko y’ivyo dukenera ku mubiri itubuze gusukurira Imana.​—Matayo 6:26-33.

Uburyo bwiza kuruta ubundi bwose bwotuma tumenya Yehova ni ukwiga Ijambo ryiwe ari ryo Bibiliya. Yezu yavuze ko Ivyanditswe ari “ijambo ry’Imana” (Luka 8:21). Yezu yabwiye Imana ati: “Ijambo ryawe ni ukuri”.​—Yohani 17:17; 2 Petero 1:20, 21.

Yezu yarafashije abantu kwiga ukuri kwerekeye Yehova. Ku bijanye na Yezu, umwe mu bigishwa biwe yavuze ati: “Mbega imitima yacu ntiyariko irarurumba igihe yariko aravugana natwe ku nzira, igihe yariko aradusigurira Ivyanditswe?” (Luka 24:32). Kugira ngo tumenye ivyerekeye Imana dutegerezwa kwicisha bugufi, tukagira umutima ukunze wo kwigishwa. Yezu yavuze ati: “Nimutahinduka ngo mucike nk’abana batoyi, ntimuzogenda mwinjiye mu bwami bwo mw’ijuru”.​—Matayo 18:3.

Ni kubera iki ubumenyi bwerekeye Imana butuma tugira agahimbare?

Imana iratuma dushira inyota dufise yo gutahura intumbero y’ubuzima iyo ari yo. Yezu yavuze ati: “Hahiriwe abazi ko bakeneye ivy’impwemu” (Matayo 5:3). Yehova aratwigisha uburyo bwo kubaho bwiza kuruta ubundi bwose. Yezu yavuze ati: “Hahiriwe abumva ijambo ry’Imana bakarigumya!”.​—Luka 11:28; Yesaya 11:9.

Nimba ushaka kumenya vyinshi, raba ikigabane ca 1 c’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? *

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 17 Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.

[Ifoto ku rup. 16]

“Narabamenyesheje izina ryawe”.​—Yohani 17:26

[Amafoto ku rup. 16]

Turashobora kwiga ivyerekeye Yehova biciye ku vyaremwe be no kuri Bibiliya