Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Kwubaka ku bw’ugushemeza Yehova

Kwubaka ku bw’ugushemeza Yehova

Kwubaka ku bw’ugushemeza Yehova

“Emwe, n’igitangaza! Sinari bwigere niyumvira ko tworonse ikibanza ciza cane nk’iki co gukoraniramwo kugira ngo dushemeze Yehova. N’ukuri nta muntu yoronka amahera yogura umunezero mfise!”​—Maria, wo muri Megizike.

IVYABONA VYA YEHOVA barakunda gukoranira hamwe kugira ngo bige Ijambo ry’Imana Bibiliya (Zaburi 27:4; Abaheburayo 10:23-25). Kandi barakunda kubigira na canecane igihe baba bashoboye gukoranira mu bibanza vyo gusengeramwo biteye iteka. Mu myaka ya vuba, barubatse ibibanza bishasha vyo gusengeramwo ibihumbi n’ibihumbi mu bihugu bitari bike vyo hirya no hino kw’isi, ivyo bibanza bikaba vyitwa Ingoro z’Ubwami.

None ni igiki catumye bakora ico gikorwa co kwubaka? Ni bande bakora ico gikorwa kitoroshe? Vyongeye, ico gikorwa co kwubaka kigira ico gikoze gute ku bantu bakigiramwo uruhara? Kugira ngo turonke inyishu z’ivyo bibazo, reka turabe ivyabaye mu gihugu ca Megizike be no mu gihugu ca Belize.

Hari hakenewe izindi Ngoro z’Ubwami ibihumbi

Mu myaka yaheze, Ivyabona vya Yehova bo muri Megizike kugira ngo basenge, bakoranira mu bibanza ivyo ari vyo vyose vyaba bibonetse nk’inyuma y’inzu, mu mazu y’Ivyabona, mu bizu bashinguramwo ibintu, mu bizu bibikwamwo imiduga, canke mu bizu baba bakose. Ico gihe, ivyo Vyabona b’intahemuka barakunda kwiyumvira ukuntu vyobaye ari vyiza nka hamwe bobaye bashoboye kwiyubakira Ingoro z’Ubwami zabo bwite.

Mu 1994, muri Megizike hari Ivyabona 388.000. Icigwa cagizwe muri uwo mwaka cerekanye ko nka hamwe vyotegekanywa ko bose baronka ibibanza vyabo bwite vyo gusengeramwo, hotegerejwe kwubakwa izindi Ngoro z’Ubwami 3.300. Ese ukuntu ico cobaye ari igikorwa amahero!

Hari amashengero yo muri ico gihugu yari amaze gutangura kwiyubakira Ingoro z’Ubwami mu gihe yaba abishoboye. Ariko rero mu myaka itanu yakurikiye, vyaragaragaye yuko kugira ngo haboneke Ingoro zari zikenewe, vyoba ngombwa ko twubaka izindi Ngoro nyinshi kandi zikubakwa mu buryo bwihuta kuruta. None ico gikorwa kiriko kirangurwa gute?

Imigwi y’ingenzi igizwe n’abantu bafise ubuhinga bitanga bavyishakiye

Mu 1999 haratangujwe porogarama nshasha yo kwubaka. Haratanguye gushingwa imigwi y’abubatsi b’Ingoro z’Ubwami hirya no hino muri Megizike. Ivyabona vya Yehova baturuka mu mihingo itandukanye y’ico gihugu baritanze bavyishakiye kugira ngo bagire uruhara muri ico gikorwa giteye umunezero, benshi muri bo bakaba bari bafise ubuhinga bwo kwubaka. Muri kino gihe, igihugu ca Megizike gifise imigwi 35 nk’iyo, kandi harashinzwe umugwi umwe muri Belize.

Umwumwe wose muri iyo migwi y’abubatsi b’Ingoro z’Ubwami akenshi usanga ugizwe n’abakora bavyishakiye hafi umunani, harimwo abagabo n’abagore, bakora igihe cose badahembwa. Buri mugwi w’abo bakora bavyishakiye bafise umunezero, uza urimuka uva mu karere kamwe uja mu kandi muri ico gihugu kugira ngo uje imbere mu maporoje yo kwubaka. Umwumwe wese muri abo bakora bavyishakiye akora amasaha umunani ku musi, kuva ku wa mbere gushika ku wa gatanu be n’umusi wa gatandatu umwe mu ndwi zibiri. Umusi w’ibikorwa utangura isaha imwe zo mu gitondo, ugatangurana n’ukurimbura icanditswe kivuye muri Bibiliya, mu nyuma bagaca bitanga umusase. Bose baba biteguriye gukora ikintu ico ari co cose bosabwa gukora. Nk’akarorero, abagore barakora ibikorwa bimwe n’ivy’abagabo, nko gutera iripu, gusakaza amategura be no gusiga irangi.

Ishengero riba ririko rirubakirwa rirafasha mu gutanga uburaro bw’abo bubatsi bakora bavyishakiye, mu kubamesurira impuzu be no mu kubategurira ibifungurwa. Uretse ko bakorana mu kwubaka iyo Ngoro, abo bitanga bavyishakiye be n’Ivyabona bo muri ako karere baranifatanya mu makoraniro ya gikirisu be n’igihe baba bariko barakora igikorwa co kwamamaza inzu ku nzu.

Impera abakora bavyishakiye baronka

None abo bakora bavyishakiye bumva bamerewe gute ku bijanye n’ico gikorwa barangura? Uwitwa Daniel, uno akaba amaze imyaka irenga itatu akora avyishakiye, avuga ati: “Ni ivy’ukuri yuko dukora tugatama igihe haba hashushe be n’igihe haba hakanye, tugafungura ivyo tutaba dusanzwe tumenyereye, tukaza turimuka kenshi, tukaba kure y’imiryango yacu, kandi akenshi tukaba tutaronka utuntu tugezweho”. Abandanya ati: “Ariko rero, intambamyi duhura na zo nta co zivuze uzigereranije n’imihezagiro twironkera”.

None imwimwe muri iyo mihezagiro ni iyihe? Abitanga bavyishakiye batari bake barigira ku bandi ubuhinga bwo kwubaka. Ariko rero, umwe mu bakora bavyishakiye yitwa Carlos, uno akaba ahagarikiye umwe mu migwi minini gusumba iyindi, aravuga ico we abona ko ari yo nyungu ihambaye kuruta. Avuga ati: “Twaracitse nk’umuryango ugizwe n’abantu 20. Turafungurira hamwe, tugakorana, tukigira Bibiliya hamwe, tukongera tugasengera hamwe. Twarunze ubucuti bwa somambike”.

Iyo migwi y’abubatsi irunga kandi ubucuti bukomeye n’amashengero iba iriko irafasha. Uwitwa José, uno akaba yaragize uruhara mu kwubaka Ingoro zirenga 100, avuga ati: “Amarira y’umunezero be n’ukumwenyura kugaragaza ugukenguruka Ivyabona bo muri utwo turere bagira kubera yuko icipfuzo cabo c’ukuronka Ingoro y’Ubwami nshasha kiba kirangutse, ni ibintu bikora ku mutima vy’ukuri”. Yongerako ati: “Turahimbarwa no kumenya yuko ukwizera kw’abandi gukomezwa biciye ku ruhara, washaka rutoyi, tuba twagize mu kwubaka ikindi kibanza c’ugusenga gutyoroye”.

Bararanguye ibintu bitangaje

Ivyo bibanza vyo gusengeramwo usanga bitubatse mu buryo budasanzwe canke ngo bibe ivyo kwiyerekana. Ahubwo, imigero y’izo Ngoro z’Ubwami usanga isanzwe, gutyo bigatuma kuzubaka binyaruka kandi bidatwara amahera menshi. Ibikoresho vyo kwubaka biboneka muri utwo turere be n’uburyo bwaho bwo kwubaka ni vyo bikoreshwa igihe cose biba bishoboka. Muri ubwo buryo, Ingoro irashobora kwubakwa mu ndwi zidashika zitandatu.

Mu 2007, amashengero yose yo mu gihugu ca Belize yari afise Ingoro z’Ubwami, izo na zo zikaba ari 17. Muri Megizike, Ingoro zirenga 1.400 zarubatswe uhereye mu 1999 gusa.

Naho igikorwa kimaze kurangurwa atari gito, impinga yo iracari ndende (Matayo 9:37). Igitigiri c’Ivyabona carongerekanye muri Megizike ubu kikaba kigeze ku barenga 600.000, abo bose bakaba bagira amakoraniro gatatu mu ndwi kugira ngo bigishwe biciye kw’Ijambo ry’Imana. Ku bw’ivyo, haracakenewe izindi Ngoro hafi 2.000. Iyaba ico gikorwa co kwubaka gikorwa n’abavyishakiye carangurwa kubera utwigoro tw’abantu gusa, ntivyoshobotse ko ihangiro nk’iryo rishikwako. Ariko rero nk’uko ibiva muri ico gikorwa bivyerekana, igihe Yehova Imana afashe mu mugongo abasavyi biwe, “vyose birashoboka”.​—Matayo 19:26.

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 22]

“Ivyo bavuga ni vyo bakora”

Abagize ishengero ry’Ivyabona vya Yehova bo mu karere Ingoro y’Ubwami iba iriko irubakwamwo, usanga atari bo bonyene ico gikorwa co kwubaka gishobora kugira ico gikoze ku buzima bwabo. Nk’akarorero, igihe hariko harubakwa Ingoro y’Ubwami muri Belize, hari umugabo umwe yari afise umugore asenga mw’idini rya Pentekoti yabwiye uwo mugore wiwe yuko yipfuza kuzoja kwikoraniriza hamwe n’Ivyabona vya Yehova nibarangiza kwubaka ico yise ngo ni urusengero rwabo. None ni igiki catumye uwo mugabo agira ico cipfuzo? Yavuze ati: “Ndabona yuko Imana iri kumwe na bo. Ntibigera barwana igihe baba bariko barakora bari hamwe. Vyongeye, ivyo bavuga ni vyo bakora”.

[Ifoto]

Ingoro y’Ubwami iri ahitwa Orange Walk, muri Belize

[Uruzitiro/Amafoto ku rup. 23]

Akigoro kagirwa kw’isi yose

Imigwi y’abubatsi b’Ingoro z’Ubwami yarashinzwe mu bihugu 120. Aha hepfo harerekanwa ibihugu bikeya gusa, aho abakora bavyishakiye bitanga babigiranye umunezero kugira ngo bakore ico gikorwa:

Angola, Boliviya, Etiyopiya, Fiji, Gana, Hong-Kong, Jamayika, Kazakisitani, Korowasiya, Liberiya, Molodaviya, Nijeriya, Papouasie-Nouvelle-Guinée, République dominicaine, Tuvalu, Ubuhindi, Ukraine, Urwanda, Venezuwela, Zambiya.

[Ifoto ku rup. 23]

Ingoro y’Ubwami y’i Tlaxcala, muri Megizike

[Ifoto ku rup. 23]

Abagize umugwi umwe w’abubatsi b’Ingoro z’Ubwami wo muri Megizike

[Ifoto ku rup. 23]

Ingoro y’Ubwami y’i Acapulco, muri Megizike