Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Niwigishe abana bawe

Mariko ntiyatanye n’akabando

Mariko ntiyatanye n’akabando

MARIKO ni we yanditse kimwe muri vya bitabu bine vyo muri Bibiliya bivuga ibijanye n’ubuzima bwa Yezu. Ico gitabu ni co kigufi muri vyo kandi ni na co coroshe gusoma. None Mariko yari nde? Woba wibaza ko yari azi Yezu?​— * Reka turabe ibintu bitoroshe Mariko yaciyemwo maze tubone ivyerekana ko atigeze atana n’akabando ngo ahebe ubukirisu.

Izina rya Mariko rivugwa ari bwo bwa mbere muri Bibiliya inyuma y’aho Umwami Herodi Agiripa atereye intumwa Petero mw’ibohero. Mw’ijoro rimwe umumarayika yarabohoje Petero, maze Petero ubwo nyene aca aja i muhira kwa nyina wa Mariko ari we Mariya, uno akaba yaba i Yeruzalemu. Ukwo kubohorwa kwa Petero akava mw’ibohero, kwabaye haheze nk’imyaka cumi Yezu yishwe kuri Pasika yo mu 33 G.C.​—Ibikorwa 12:1-5, 11-17.

Woba uzi igituma Petero yagiye i muhira kwa Mariya?​—Bishoboka ko yagiyeyo kubera yuko yari azinanyi n’abagize uwo muryango akaba kandi yari azi neza ko abigishwa ba Yezu ari ho bagirira amakoraniro. Barunaba, uwari muvyara wa Mariko canke mwene nyinabo, yari amaze igihe kinini ari umwigishwa wa Yezu, n’imiburiburi kuva ku musi mukuru wa Pentekoti yo mu mwaka wa 33 G.C. Ubwakiranyi yagaragarije abigishwa bashasha ico gihe buravugwa muri Bibiliya. Ku bw’ivyo rero, birashoboka yuko Yezu yoba yari azi Barunaba hamwe na Mariya nyinabo wa Barunaba canke inasenge, be na Mariko umuhungu w’uwo Mariya.​—Ibikorwa 4:36, 37; Abakolosayi 4:10.

Mariko yaranditse mu Njili yiwe ko mw’ijoro Yezu yafatiwemwo hari umusore yari yambaye impuzu imwe gusa “ku mubiri” yari aho hantu. Mariko yanditse ko igihe abansi bafata Yezu, uwo musore yaciye atungwa n’ayo yameze. Wiyumvira yuko uwo musore ashobora kuba yari nde?​—Mu vy’ukuri, ashobora kuba yari Mariko. Ku bw’ivyo rero, biboneka ko igihe Yezu be n’intumwa ziwe bahaguruka iryo joro ryitereye bakaja muri ico kibanza yafatiwemwo, Mariko yaciye yambara impuzu yiwe maze akabakurikira.​—Mariko 14:51, 52.

Mu vy’ukuri Mariko yararonse uturyo twinshi two gukomezwa mu vy’impwemu. Ashobora kuba ari ho yari ari igihe impwemu nyeranda yasukwa ku bigishwa kuri Pentekoti yo mu 33 G.C., kandi yararonse akaryo ko kwifatanya cane n’abasavyi b’Imana b’abizigirwa, nka Petero. Ariko kandi yarajanye na Barunaba, uwari muvyarawe canke mwene nyinabo, uno akaba ari we yafashije Sauli mu kumujana kwa Petero haciye nk’imyaka itatu Yezu amwiyeretse. Haciye imyaka itari mike, Barunaba yaragiye i Taruso kugira ngo asangeyo Sauli.​—Ibikorwa 9:1-15, 27; 11:22-26; 12:25; Abagalatiya 1:18, 19.

Mu 47 G.C., Barunaba na Sauli baratowe kugira ngo bakore igikorwa c’ubumisiyonari. Barajanye na Mariko, ariko bivuye ku mvo itazwi, Mariko yarabataye maze yisubirira i muhira i Yeruzalemu. Sauli, uwahavuye amenyekana kw’izina ryiwe ry’Abaroma ari ryo Paulo, yarashavuye cane. Kandi ntiyirengagije ico kintu yabonye ko ari ikosa rikomeye Mariko yakoze.​—Ibikorwa 13:1-3, 9, 13.

Igihe Paulo na Barunaba bagaruka bavuye mu rugendo rwabo rw’ubumisiyonari, bariganiye abandi ibintu vyiza bari baranguye (Ibikorwa 14:24-28). Haciye amezi, abo bagabo babiri barategekanije ivyo gusubira kugendera abari baherutse kwemera ubukirisu mu turere bari baravuzemwo ubutumwa. Barunaba yipfuje ko bojana na Mariko. Mugabo, woba uzi ukuntu Paulo yabibona?​—“Ntiyabona ko bibereye” kubera yuko imbere y’aho Mariko yari yarabataye akisubirira i muhira. Emwe, ivyabaye mu nyuma bitegerezwa kuba vyarababaje Mariko!

Imitwe yarashushe, maze hamaze kuba “uguhazuka gukaze”, Paulo na Barunaba baca baratandukana. Barunaba yajanye na Mariko baja kwamamaza i Shipure, Paulo na we atora Silasi ngo abe ari we bajana gusubira kugendera abigishwa bashasha, nk’uko vyari vyategekanijwe. Ese ukuntu Mariko ategerezwa kuba yarababajwe cane no kubona yaratumye haba ugucanamwo hagati ya Paulo na Barunaba!​—Ibikorwa 15:36-41.

Ntituzi impamvu yari yaratumye imbere y’aho Mariko abata akisubirira i muhira. Ashobora kuba yari afise impamvu yiyumvira ko yumvikana. Uko biri kwose, biboneka ko Barunaba yari yizigiye adakeka ko ico kintu kitosubiriye kuba, kandi ntiyihenze. Mariko ntiyatanye n’akabando. Mu nyuma yarakoranye igikorwa c’ubumisiyonari na Petero bari i Babiloni, kure cane y’i muhira. Igihe Petero yari aho hantu, yararungitse indamukanyo, izo yongeyeko ati: “Na Mariko umuhungu wanje arabaramutsa”.​—1 Petero 5:13.

Ese ukuntu Petero na Mariko bategerezwa kuba bari bafitaniye ubucuti bwa hafi bwo mu vy’impwemu! Ivyo kandi biribonekeza igihe dusoma Injili ya Mariko. Muri iyo Njili, Mariko aravuga ibintu biboneka ko yabwiwe na Petero we yari yaravyiboneye. Nk’akarorero, gereranya inkuru zivuga ibijanye na ca gihuhusi caduka ku Kiyaga c’i Galilaya. Mariko arongeramwo ibintu vy’ido n’ido ku bijanye n’ikibanza Yezu yari aryamyemwo mu bwato be n’ico yari aryamyeko, ivyo bikaba ari ibintu umuntu w’umurovyi nka Petero atari kubura kumenya. Reka ubwacu twirabire ivyo bintu mu gusomera hamwe be no mu kugereranya izi nkuru zo muri Bibiliya dusanga muri Matayo 8:24; Mariko 4:37, 38; be na Luka 8:23.

Mu nyuma, igihe Paulo yari apfungiwe i Roma, yarakeje Mariko kubera ko yamushigikiye adahemuka (Abakolosayi 4:10, 11). Vyongeye, igihe Paulo yasubira gupfungirwa aho i Roma, yarandikiye Timoteyo maze amusaba kuzoja kumuraba ari kumwe na Mariko, mu kumusigurira ati: “Ambera kirumara ku bw’ubusuku” (2 Timoteyo 4:11). Ese ukuntu Mariko yaronse uduteka tw’umurimo tudasanzwe kubera yuko atatanye n’akabando!

^ ing. 3 Nimba uriko usomera hamwe n’umwana wawe, ako gakwego kakwibutsa ko ukwiye guhagarara maze ukamuremesha guserura iryo agona.