Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ni kubera iki Imana ireka abantu bagacumukura?

Ni kubera iki Imana ireka abantu bagacumukura?

Ivyabajijwe n’abasomyi bacu

Ni kubera iki Imana ireka abantu bagacumukura?

Imana si yo ituma abantu bacumukura. Bibiliya ivuga iti: “Biragahera kw Imana yokora ivyaha” (Yobu 34:10). None ni nde soko nyamukuru ry’amakuba ashikira abantu?

Yezu yise Shetani “umutware w’isi” (Yohani 14:30). Ego ni ko Yehova ni we Segaba w’ibiriho vyose, kandi nta muntu n’umwe azokwigera aha ico kibanza ciwe. Ariko rero, Imana yararetse Shetani aramara ikiringo kinaka ategeka abantu benshi cane.​—1 Yohani 5:19.

None Shetani yagaragaye ko ari umutegetsi ameze gute? Kuva igihe yatangura kuvugana n’abantu, yaragaragaye ko ari umwicanyi n’umunyakinyoma. Shetani aratuma ikibano c’abantu gishikirwa n’amakuba mu buryo bukomeye butari bumwe. Yezu yamwagirije muri aya majambo agira ati: “Uwo yari umwicanyi igihe yatangura, kandi ntiyashikamye mu kuri, kuko ukuri kutari muri we. Iyo avuga ikinyoma, avuga nk’uko agatima kiwe bwite kari, kuko ari umunyakinyoma akaba na se w’ikinyoma” (Yohani 8:44). Yezu yavuze kandi ko abantu bariko bararondera kumwica bari abana b’uwo mwicanyi wa mbere. Abo bantu bigize abana ba Shetani, biciye ku gukora nk’ivyo akora. Nakare barayamaze bati: “Impfizi y’intama itendera nka se”.

Shetani aracakorereza agatima k’ubwicanyi mu mitima y’abantu. Nk’akarorero, uwitwa R. J. Rummel, uwo akaba yahoze ari umwigisha kuri kaminuza y’i Hawayi muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, agereranya ko kuva mu 1900 gushika 1987, intwaro zitandukanye zagandaguye abantu 169.198.000, abo bakaba bapfiriye mu migumuko yo kwiyamiriza intwaro, mu mahonyabwoko be no mu bikorwa biranga ubukazi vyo kujaniranya abantu. Ico gitigiri c’abapfuye kiza ciyongera ku bantu amamiliyoni mirongo bapfiriye ahantu haba hariko habera intambara muri ico kiringo nyene.

Nimba Imana atari yo ituma haba ugucumukura, ni kubera iki none ireka kugashikira abantu? Ni kubera yuko hari ibibazo biraba ivyaremwe vyose bimaze igihe kirekire bivyuwe bigikeneye kwishurwa, ivyo bikaba ari ibibazo bijanye n’iciza n’ikibi. Reka twihweze kimwe gusa muri ivyo.

Mu ntango z’ukubaho kw’abantu, Adamu na Eva baragiye ku ruhande rwa Shetani. Barateye akagere ubutegetsi bw’Imana maze bahitamwo intwaro yo kwitegeka, iyo ikaba mu vy’ukuri yari intwaro itwarwa na wa Mubesheranyi.​—Itanguriro 3:1-6; Ivyahishuwe 12:9.

Ubutungane bwa Yehova bwasavye ko areka hagaca umwanya kugira ngo haboneke ibimenyamenya bihagije. None ni iciyumviro gitomoye ikihe cashitsweko? Ni ic’uko ubutegetsi bw’abantu buyobowe na Shetani ata kindi bushikanako atari ugucumukura. Mu vy’ukuri, kuba Imana yararetse hagaca umwanya vyahavuye bigirira abantu akamaro. Uti gute? Abiga ivyerekeye ivyo bimenyamenya bakongera bakizera ko ari ivy’ukuri barafise akaryo ko kwerekana ko bari n’umutima ukunze wo kwemera gutegekwa n’Imana. Abiga ibijanye n’ingingo mfatirwako z’Imana bakongera bakabaho bazisunga barafise icizigiro co kuzobaho ibihe bidahera.​—Yohani 17:3; 1 Yohani 2:17.

Ni ivy’ukuri yuko gushika n’ubu isi ikiri mu vyara vya Shetani. Ariko rero ivyo bisigaje igihe gito. Vuba, Yehova agiye gukoresha Umwana wiwe kugira ngo “asambure ibikorwa vya wa Mubesheranyi” (1 Yohani 3:8). Yezu ayobowe n’Imana azosanasana imitima yamenetse yongere akureho ibintu vyasesereje ubuzima bw’abantu. Azozura abantu amamiliyaridi bacumukuye bakongera bagapfa mu kiringo c’ibinjana n’ibindi, basubire kubaho kw’isi.​—Yohani 11:25.

Izuka rya Yezu ni akarorero kerekana intsinzi Imana yatahukanye ku bikorwa vya wa Mubesheranyi, ico kikaba ari ikimenyetso c’ibizoshikira abantu bahitamwo ubutegetsi bw’Imana (Ibikorwa 17:31). Bibiliya irerekeza ivyiyumviro vyacu kuri ico gihe cimirije, mu gukoresha aya majambo ahumuriza agira ati: “Imana ubwayo izoba kumwe [n’abantu]. Kandi izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzokwongera kubaho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizokwongera kubaho. Ibintu vya kera vyagiye”.​—Ivyahishuwe 21:3, 4.