Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Umucamanza yama akora ibigororotse

Umucamanza yama akora ibigororotse

Niwiyegereze Imana

Umucamanza yama akora ibigororotse

Itanguriro 18:22-32

UBUTUNGANE. Ukutarenganya. Ukutagira nkunzi. Ubwo ntukwegerwa n’izo kamere nziza? Twebwe abantu turafise icipfuzo mvukanwa c’uko twofatwa mu buryo butagiramwo akarenganyo. Ikibabaje, ni uko akenshi usanga ubutungane ari umugani mw’isi ya kino gihe. Ariko rero, hariho Umucamanza abereye ko tumwizigira, uwo na we akaba ari Yehova Imana. Yama akora ibigororotse. Ivyo vyaratomowe mu kiganiro cabaye hagati yiwe na Aburahamu, nk’uko vyanditswe mw’⁠Itanguriro 18:22-32. a

Igihe Yehova yabwira Aburahamu ko yari yafashe ingingo yo gusuzuma ukuntu ibintu vyari bimeze i Sodomu n’i Gomora, Aburahamu yaragize ubwoba ku bijanye n’umutekano w’umuntu uwo ari we wese w’umugororotsi yaba aho hantu, harimwo n’umuhungwabo Loti. Aburahamu yatakambiye Yehova ati: “Mbega none worandurana abagororotsi n’abanyavyaha? Kumbure mur’ico gisagara hobamw’abagororotsi mirongwitanu: none . . . [ntiwogitunga], kandi kirimw’abagororotsi mirongwitanu?” (Umurongo wa 23 n’uwa 24) Imana yavuze yuko itoranduye ivyo bisagara hamwe vyoba birimwo n’abagororotsi 50 bonyene. Aburahamu yaratakambiye Yehova izindi ncuro zitanu, aza aragabanya buhorobuhoro ico gitigiri gushika n’aho kigera kuri cumi. Incuro imwimwe yose, Imana yavuze ko itosanganguye ivyo bisagara nimba birimwo ico gitigiri c’abantu b’abagororotsi.

None Aburahamu yoba yariko araharira n’Imana? Ashwi da! Ukwo kwobaye ari ukwiyemera bimwe bikomeye. Ukuntu Aburahamu yaserura iciyumviro vyarerekana ko yari afise ukwubaha be n’ukwicisha bugufi bibereye. Ubwiwe yavuze ko ari “umukungugu n’umunyota” gusa. (Umurongo wa 27, 30-32) N’ikindi kandi, amajambo Aburahamu yakoresheje yarahishuye yuko yemera adakeka ko Yehova atarenganya. Aburahamu yavuze, atari rimwe gusa ahubwo incuro zibiri, ko iciyumviro c’uko Imana yosangangurira hamwe abagororotsi n’abanyakibi ‘kiri kure yayo.’ Uwo sekuruza w’imiryango w’umwizigirwa yaraseruye ko yari yarajijutse yuko “Umucamanza w’isi yose” yokoze “ibigororotse.”​—Umurongo wa 25.

Aburahamu yoba yarakosowe mu vyo yavuze? Ego, kandi oya. Yarihenze mu kuvuga yuko i Sodomu n’i Gomora hari n’imiburiburi abantu cumi b’abagororotsi. Yamara nta gukeka ko yavuze ukuri mu kuvuga yuko Imana itokwigeze “[i]randurana abagororotsi n’abanyavyaha.” Igihe mu nyuma Imana yasangangura ivyo bisagara bibi, umugororotsi Loti be n’abakobwa biwe babiri bararokotse babifashijwemwo n’abamarayika.​—2 Petero 2:7-9.

None iyo nkuru itwigisha iki ku bijanye na Yehova? Mu kumenyesha Aburahamu umugambi yari afise wo gusuzuma ivyariko bikorerwa muri ivyo bisagara, mu bisanzwe Yehova yari ahaye Aburahamu akaryo ko kumuganirira. Maze yarumvirije yihanganye igihe umugenzi wiwe Aburahamu yariko aramubwira ibimuhagaritse umutima. (Yesaya 41:8) Ese ukuntu ivyo ari ibintu bitwigisha mu buryo bwiza igitangaza yuko Yehova ari Imana yicisha bugufi, idasuzugura abasavyi bayo bo kw’isi ahubwo ibatera iteka! Vy’ukuri, turafise impamvu zumvikana zo kwizigira Yehova bimwe vyuzuye, we Mucamanza yama akora ibigororotse.

[Akajambo k’epfo]

a Ico gihe, Yehova yari aserukiwe n’umumarayika yari umuvugizi wiwe. Ushaka kubona akandi karorero, raba mw’​Itanguriro 16:7-11, 13.

[Ifoto ku rup. 24]

Aburahamu yaratakambiye Yehova ku vyerekeye Sodomu na Gomora