Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ni kubera iki hari amasengesho atishurwa?

Ni kubera iki hari amasengesho atishurwa?

Ivyabajijwe n’abasomyi bacu

Ni kubera iki hari amasengesho atishurwa?

Imana iregereka cane. Nk’uko nyene sebibondo munyarukundo anezerezwa no kwumva abana biwe bamuganirira bisanzuye, Yehova Imana arahimbarwa no kwumviriza amasengesho tumutura. Yamara rero, nk’uko biri kuri sebibondo uwo ari we wese w’inkerebutsi, Imana irafise imvo zumvikana zo kutishura amasengesho amwamwe. None izo mvo zoba ari ibinyegezwa, canke hoba hari ico Imana ihishura muri Bibiliya ku bijanye na zo?

Intumwa Yohani asigura ati: “Uku ni kwo guhera amazinda dufise ku biyerekeye: ni uko ico dusaba cose twisunze ukugomba kwayo, itwumva.” (1 Yohani 5:14) Ivyo dusaba bitegerezwa kuba bihuje n’ukugomba kw’Imana. Hariho abasenga basaba ibintu bigaragara ko atari vyo Imana igomba, nk’akarorero ivyo gutombora muri Lona canke mu kamari. Abandi na bo basenga babitumwe n’imvo mbi. Intumwa Yakobo aragira ico avuze kuri bene ukwo gukoresha nabi isengesho, ati: “Murasaba koko, yamara ntimuronka, kuko musaba ku bw’umugambi mubi, kugira mubimarire ku vyipfuzo vyanyu bikaze vyo kunezereza umubiri.”​—Yakobo 4:3.

Nk’akarorero, niwiyumvire nka hamwe mu rukino rw’umupira w’amaguru imigwi ibiri igira itane mu mitwe yompi yosenga isaba gutsinda. Ntawokwitega ko Imana yishura amasengesho mwene ayo atavuga rumwe. Ukwo nyene ni ko bimeze ku bijanye n’intambara zo mu gihe ca none aho usanga imigwi ishamiranye isenga isaba gutahukana intsinzi.

Abatubaha amategeko y’Imana basengera ubusa. Igihe kimwe, Yehova yumvise atoreka kubarira abasengana uburyarya, ati: “Mbere naho mwosenga amasengesho menshi sinzobumviriza: amaboko yanyu yuzuyekw ibitenga vy’amaraso.” (Yesaya 1:15) Bibiliya ivuga iti: “Uwica ugutwi ngo ntiyumve ivyagezwe, n’ugusenga kwiwe na kwo kuba igisesema.”​—Imigani 28:9.

Mugabo rero, Yehova nantaryo arumviriza amasengesho azira uburyarya aturwa n’abamusenga bakora ibishoboka vyose kugira ngo bamusukurire bisunze ivyo agomba. Ariko none, ivyo vyoba bisobanura yuko azoca abaronsa ivyo basaba vyose? Haba namba. Rimbura uburorero bumwebumwe bwo mu Vyanditswe.

Musa yari afitaniye n’Imana ubucuti somambike; ariko rero, na we nyene yabwirizwa gusaba “[y]isunze ukugomba kwayo.” Mu buryo butandukanye n’ivyo Imana yari yaravumereye, Musa yarasavye uruhusha rwo kwinjira mu gihugu c’i Kanani, ati: “Ndakwinginze, nyemerera, njabuke ndābe ico gihugu ciza co hakurya ya Yorodani.” Ariko rero, kubera ko hari igicumuro Musa yari yarakoze imbere yaho, yari yabwiwe yuko atokwinjiye muri ico gihugu. Ico gihe rero, aho kuronsa Musa ivyo yari asavye, Yehova yamubariye ati: “Ugeze ngaho: ntiwongere kumbarira iryo jambo.”​—Gusubira mu vyagezwe 3:25, 26; 32:51.

Intumwa Paulo yarasenze asaba kuruhurirwa ico yise “ihwa [yari afise] mu mubiri.” (2 Abakorinto 12:7) Iryo “hwa” ryoshobora kuba ryari rijanye n’ingorane idahera y’amaso canke rikaba ryari rijanye n’ukwama asugerejwe n’abamurwanya be n’“abavukanyi b’ikinyoma.” (2 Abakorinto 11:26; Abagalatiya 4:14, 15) Paulo yanditse ati: “Naringinze Umukama gatatu ngo rimvemwo.” Yamara, Imana yari izi yuko mu gihe Paulo yobandanije kwamamaza naho yagendana iryo “hwa mu mubiri,” vyari kugaragaza neza ububasha bw’Imana be n’ukuntu Paulo yayizigira bimwe bihebuje. Ku bw’ivyo, aho kuronsa Paulo ivyo yari asavye, Imana yamubariye iti: “Ububasha bwanje buriko butunganirizwa mu bugoyagoye.”​—2 Abakorinto 12:8, 9.

Ego cane, Imana iraturusha kumenya neza niba ukuturonsa ibintu binaka tuyisavye coba ari co kintu cotugirira akamaro. Yehova nantaryo yama agira ico akoze ku bw’ineza yacu, yisunze imigambi yiwe irangwa urukundo dusanga muri Bibiliya.